bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Romans 2
Romans 2
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 3 →
1
None rero, wewe ushobora kwibaza ko wocira imanza abameze batyo, ariko nawe umeze nka bo nta co wokwireguza. Kuko nimba ucira imanza abandi kandi ukora nk’ivyo bakora, na wewe uba wiciriye urubanza.
2
Twese turazi yuko urubanza Imana icira abakora nk’ivyo ari urw’ukuri.
3
None wewe ucira imanza abandi, kandi ukora nk’ivyo bakora, wibaza ko uzokira urubanza rw’Imana?
4
Canke ntubona ingene Imana igira neza, yihangana kandi idahaniraho? None ivyo nta co bikubwiye? Mbega ntubona ko mu kugira neza kwayo Imana ishaka kugushikana ku kwihana ivyaha vyawe?
5
Ariko kubera ufise umutima ukomantaye utagomba kwihana, uriko wikwegera guhanwa, ku musi w’uburake bw’Imana aho urubanza rwayo rugororotse ruzohishurirwa.
6
Imana “izoha umuntu wese ingero ikwiranye n’ibikorwa yakoze.”
7
Izoha ubugingo budashira abashishikara gukora ivyiza, bakagira umwete mu kurondera ubwiza, icubahiro no kudapfa bitangwa na yo.
8
Ariko izosuka uburake n’ubushangashirwe bwayo kuri abo bose birukira ivyo imitima yabo ihahamiye, batumvira ukuri, bagakurikira ikibi.
9
Ivyago n’imibabaro bizoshika ku muntu wese akora ibibi; uhereye ku Muyuda ukageza ku Munyamahanga.
10
Ariko abakora ivyiza, bazohabwa ubwiza, icubahiro n’amahoro biva ku Mana; uhereye ku Muyuda ukageza ku Munyamahanga.
11
Kuko Imana idahengama ngo igire abo ikunda n’abo yanka.
12
Abacumura badafise ivyagezwe vya Mose bazohona ivyo vyagezwe bitarinze kurabwa, kandi abacumura bari musi y’ivyagezwe bazocirwa urubanza n’ivyo vyagezwe.
13
Kuko kwumva gusa ivyagezwe ntikutugira abagororotsi mu maso y’Imana, ahubwo kuvyumvira ni kwo kutugira abagororotsi mu maso yayo.
14
Abanyamahanga badafise ivyagezwe, iyo bakoze ivyo ivyagezwe bisaba, bamera nk’aho babifise mu mitima yabo, naho batabifise.
15
Gutyo baba berekanye ko ivyagezwe vy’Imana vyanditswe mu mitima yabo. Kuko ijwi ryo mu mitima yabo n’ivyiyumviro vyabo bibagiriza iyo bariko barakora ibibi canke bikabahumuriza iyo bariko barakora ivyiza.
16
Nuko rero, ubu ni bwo Butumwa Bwiza mvuga: umusi uraje, aho Imana izocira imanza ivyo abantu bagize amabanga yabo, ibicishije kuri Yesu Kristo.
17
None kuri wewe bimeze gute? Wiyita Umuyuda, ukishimikiza ivyagezwe vy’Imana, ukishimira ko ufitaniye imigenderanire idasanzwe n’Imana.
18
Urazi ivyo Imana ishaka ko ukora, kandi urazi guhitamwo iciza kuko wigishijwe ivyagezwe.
19
Wizigira ko uri indongozi y’impumyi, umuco w’abari mu mwijima,
20
umwigisha w’abatagira ico bazi, n’umumenyereza w’abakiri bato. Uzi neza ko Ivyagezwe bishobora kuguha kumenya ukuri kwose.
21
None, wewe ko wigisha abandi ni kuki utiyigisha nawe? Ko wigisha abandi ngo: Ntimukibe, ni kuki wiba?
22
Ko wigisha abantu ngo ntibasambane, ni kuki usambana? Ko uvuga ko wanka ibigirwamana, ni kuki wiba ibikoresho vyo mu ngoro zavyo?
23
Wishimira ko ufise ivyagezwe, ariko utukisha Imana mu kutabikurikiza.
24
Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Ni mwebwe mutukisha izina ry’Imana mu Banyamahanga.”
25
Umugenzo w’Abayuda wo gukebwa ufise agaciro mu gihe umuntu yumvira ivyagezwe vy’Imana, ariko igihe atavyumvira nta co aba arushije uwutigeze akebwa.
26
Mbega abanyamahanga batigeze bakebwa nibumvira ivyagezwe vy’Imana, ntizobemera nk’ubwoko bwayo naho batigeze bakebwa?
27
Mu vy’ukuri, abanyamahanga batakebwe, ariko bagakora ivyo ivyagezwe vy’Imana bivuga, bazotuma mutsindwa n’urubanza mwebwe Abayuda mwakebwe kandi mufise Ivyanditswe ariko ntimuvyumvire.
28
Ikigira umuntu Umuyuda w’ukuri si ugukomoka ku bavyeyi b’Abayuda gusa kandi ugukebwa nyakuri si ukwo ku mubiri.
29
Ahubwo Umuyuda w’ukuri ni umuntu afise umutima utunganye imbere y’Imana, kandi ugukebwa nyakuri ni ukwo mu mutima. Ico ni igikorwa ca Mpwemu w’Imana, si igikorwa c’Ivyagezwe. Umuntu nk’uwo ashimwa n’Imana aho gushimwa n’abantu.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16