bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Samuel 10
2 Samuel 10
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 11 →
1
Hanyuma y’ivyo umwami w’Abamoni aratanga; maz’ umuhungu wiwe Hanuni asubira ku ngoma yiwe.
2
Dawidi avyumvise aravuga, ati Nzogirira neza Hanuni mwene Nahashi, nk’uko se yangiriye neza. Nuko Dawidi arungika abantu bo kumugarukirako kuko yabuze se. Abo bantu ba Dawidi baragenda, bashika mu gihugu c’Abamoni.
3
Arikw abaganwa b’Abamoni babarira umwami wabo Hanuni, bati Mbeg’ ugira ngo Dawidi icamuteye kurungika abo kukugarukirako n’uko yari yubashe so? Ntuzi kw abo bantu yabarungitse gukenguza iki gisagara no kugitata, ngw abone kukigeseza?
4
Nuko Hanuni afata abo bantu ba Dawidi, abamwa ubganwa bg’umusaya umwe, akeba impuzu zabo ahereye hagati ku kibuno, araheza arabarungika.
5
Dawidi abibariwe, atuma abo guhūra na bo, kukw abo bagabo bāri batēterewe cane. Umwami abatumako, uti Ni mugume i Yeriko kugeza musubiye kumera ubganwa, muheze muze mubone kugaruka.
6
Maz’ Abamoni babonye ko bateye Dawidi akayigo, batuma ku Basiriya b’i Beti‐rehobu n’ab’i Zoba, babaha impēra ngo babahe ingabo ibihumbi mirongwibiri, bahēra n’umwami w’i Mayaka, azana ingabo igihumbi, n’iz’ i Tobu ibihumbi cumi na bibiri.
7
Maze Dawidi avyumvise, arekura Yowabu n’ingabo zose z’abahizi.
8
Nukw Abamoni basokoroka mu gisagara, batonda urugamba mw ishikiro kw irembo; Abasiriya b’i Zoba n’ab’i Rehobu, n’ingabo z’i Tobu n’iz’ i Mayaka, na bo baja ukwabo mu gahinga.
9
Maze Yowabu abonye ko batonze urugamba, rumwe imbere urundi inyuma yiwe, atora bamwe bo mu ntōre zose z’Abisirayeli, abatondesha urugamba ruhangana n’Abasiriya.
10
Izindi ngabo zose aziha murumuna we Abishayi ngw azigabishe, na we azitondesha urugamba ruhangana n’Abamoni.
11
Maze Yowabu aramubarira, at’ Abasiriya ni baramuka bagomba kunnanira, uraza untabare; kandi nawe Abamoni ni baramuka bagomba kukunanira, nanje ndaza kugutabara.
12
Nuko shira ubgoba, turwane kigabo, turwanire ubgoko bgacu n’ibisagara vy’Imana yacu; na we Uhoraho arakora ico ashima.
13
Nuko Yowabu n’ingabo ziri kumwe na we begereza Abasiriya ngo barumaneko; baca bariruka baramuhunga.
14
Maz’ Abamoni babonye Abasiriya bahunze, na bo bahunga Abishayi, bīsuka mu gisagara. Nuko Yowabu araheza areka Abamoni, asubira i Yerusalemu.
15
Bukeye Abasiriya babonye ko baneshejwe n’Abisirayeli, barakorakorana.
16
Maze Hadadezeri atuma no ku Basiriya bo hakurya y’uruzi Efurate, baza i Helamu, Shobaki umugabisha w’ingabo za Hadadezeri abagiye imbere.
17
Maze Dawidi abibariwe, na we akorakoranya Abisirayeli bose, bajabuka Yorodani baja i Helamu. Maz’ Abasiriya batonda urugamba bahangana na Dawidi, barwana na we.
18
Maz’ Abasiriya bahunga Abisirayeli; Dawidi yica mu Basiriya abagendera mu mikogote amajana ndwi y’intambara, n’abagendera ku mafarasi ibihumbi mirongwine, kandi yica Shobaki umugabisha w’ingabo zabo, agwaho.
19
Maz’ abami bose baganzwa na Hadadezeri, babonye ko baneshejwe n’Abisirayeli, barabīsaba, bemera kuganzwa na bo. Nukw Abasiriya batinya gusubira gutabara Abamoni ukundi.
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 11 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24