bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Samuel 21
2 Samuel 21
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 22 →
1
Ku ngoma ya Dawidi hatera inzara, imara imyaka itatu ikurikiranye; maze Dawidi aja kubisiguza Uhoraho. Uhoraho arishura, ati Vyātewe n’ubgicanyi bga Sauli n’inzu yiwe, kuko yishe ab’i Gibeyoni.
2
Maz’ umwami ahamagaza ab’i Gibeyoni, arabibabgira. (Kand’ ab’i Gibeyoni ntibār’ abo mu Bisirayeli, ariko bār’ abandurutse ku masigarira y’ Abamori; kandi nah’ Abisirayeli bari barasezeranye na bo kubareka, ariko Sauli yari yagomvye kubahonnya, abitewe n’ishaka yagirira Abisirayeli n’Abayuda.)
3
Nuko Dawidi abaza ab’i Gibeyoni, ati Nobakorera iki? Notanga impongano ki, kugira ngo mubone gusabira ishamvu y’Uhoraho umugisha?
4
Ab’i Gibeyoni baramwishura, bat’ Ico tugomba kuri Sauli n’ab’ inzu yiwe s’ifeza cank’ izahabu, kandi mu Bisirayeli nta muntu n’umwe tugomba kwica. Na we aravuga, at’ Ico muvuga ni co mbakorera.
5
Babgira umwami, bat’ Umuntu yaturanduye, akaturonderera inama yo kutugeseza, kugira ngo ntitugire uburagamo mu gihugu cose c’ Abisirayeli,
6
ni muduhe abantu ndwi mu bahungu biwe, tubamanike imbere y’Uhoraho i Gibeya, ahāri kwa Sauli uwo Uhoraho yatoranije. Umwami arabishura, ati Nzobabaha.
7
Arik’ umwami Dawidi arēngāna Mefibosheti mwene Yonatani umwuzukuru wa Sauli, kubg’ indahiro bārahiriye imbere y’ Uhoraho, bo na Yonatani nyene, mwene Sauli.
8
Nuk’ umwami afata abahungu babiri ba Risipa umukobga wa Aya, yavyaranye na Sauli, Arumoni na Mefibosheti, bo n’abahungu batanu ba Merabu umukobga wa Sauli, yavyaranye na Aduriyeli mwene Baruzilayi Umumeholati;
9
abagabura mu maboko y’ab’i Gibeyoni; babamanika ku musozi imbere y’ Uhoraho; bose ukw ar indwi bagwa hamwe, bicwa mw ishuza ry’ igenya, batanguye kugenya sayiri.
10
Maze Risipa umukobga wa Aya ahitana amagunira, ayīsasira ku gitandara, ahēra mw ishuza ry’ igenya, ashitsa ku mutasuro, imvura iguye kur’ iyo mivyimba; ku murango ntiyakundira ibisīga vyo mu kirēre ko biyigwako, canke mw ijoro kw ibikōko vyo mw ishamba biyēgēra.
11
Maze babarira Dawidi ivyo Risipa yakoze, umukobga wa Aya, incoreke Sauli yari yaragize umugore.
12
Dawidi araheza aragenda yaka abantu b’i Yabeshi‐gileyadi amagufa ya Sauli n’aya Yonatani umuhungu wiwe, ayo bāri bārīvye mu kibuga c’i Beti‐shani, ah’ Abafilisitiya bari barayamanitse, kuri wa musi bātsinda Sauli i Gilibowa.
13
Akūray’ ayo magufa yabo, maze bakoranya n’amagufa ya ba bandi bamanitswe.
14
Nuko bahamba ayo magufa ya Sauli na Yonatani umuhungu wiwe i Sela mu gihugu c’Ababenyamini, mu mva ya Kishi se wa Sauli; nuko bashitsa ivy’ umwami yababariye vyose. Hanyuma y’ivyo Imana ibona guhangaza ico gihugu.
15
Bukeye Abafilisitiya bongera gutera Abisirayeli. Dawidi amanukana n’ingabo ziwe, arwanya Abafilisitiya; arateba araruha.
16
Maze Ishubi‐benobu, umwe wo mu bana b’Abarefa, yagomba kwica Dawidi; kand’ icumu ryiwe ryar’ iry’ umuringa ririvye shekeli amajana atatu, yari yambaye n’inkota nsha.
17
Ariko Abishayi umwana wa Seruwiya aramutabara, asogota uwo Mufilisitiya, aramwica. Maz’ abantu ba Dawidi baramurahira, bati Ntuzosubira na mba kujana natwe mu ntambara, ntuz’ uhave uzimya itara ry’Abisirayeli.
18
Hanyuma y’ivyo hongera kuba intambara yo kurwana n’Abafilisitiya i Goba. Sibekayi Umuhushati yica Safu, umwe wo mu Barefa.
19
Maze hasubira kuba iyindi ntambara yo kurwana n’ Abafilisitiya aho nyene i Goba. Eluhanani mwene Yare‐oregimu w’i Betelehemu yica Goliyati Umunyegati, uruti rw’icumu ryiwe rwangana n’umwaro ujishirwakw impuzu.
20
Bukeye hongera kuba intambara i Gati, kandi hariy’ umuntu muremure w’ikigambati, yar’ afise indegeya ku ntoke no ku mano: intoke n’amano vyose na vyose vyari mirongwibiri na bine; kandi na we yar’ umwe wo mu Barefa.
21
Maz’ acokoye Abisirayeli, Yonatani mwene Shimeyi, umuhungwabo wa Dawidi, aramwica.
22
Abo bose ukw ari bane bar’ abo mu Barefa b’i Gati; bicwa na Dawidi n’abantu biwe.
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 22 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24