bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Samuel 8
2 Samuel 8
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 9 →
1
Hanyuma y’ivyo Dawidi anesha Abafilisitiya, abamara igabo, atsinda igisagara cabo gikuru, arakibanyaga.
2
Maz’ anesha Abanyamowabu, abarambika hasi mu mirongo, abageresha umugozi: agera imirongo ibiri, iba iyo kwicwa, uwa gatatu wose uba uwo guhangazwa. Nukw Abanyamowabu baca baba abatwarwa ba Dawidi, bakāma bamuzanira amarari.
3
Bukeye Dawidi anesha n’ umwami w’i Zoba, Hadadezeri mwene Rehobu, igihe Hadadezeri yaja gusubira kugandura igihugu yaganza co ku ruzi Efurate.
4
Dawidi amunyaga ingabo zigendera ku mafarasi igihumbi n’amajana ndwi, n’izigendesha amaguru ibihumbi mirongwibiri; maz’ amafarasi akwega imikogote ayacagagura ibitsi, arikw asigaza ayakwiranye n’imikogote ijana.
5
Maz’ Abasiriya b’i Damasiko baje gutabara Hadadezeri umwami w’i Zoba, Dawidi abicamw’ ingabo ibihumbi mirongwibiri na bibiri.
6
Araheza akwiragiza amaboma mu gihugu c’i Siriya gikūkira i Damasiko; nukw Abasiriya baba abatwarwa ba Dawidi, bakāma bamuzanira amarari. Nuk’ Uhoraho yahora aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.
7
Kandi Dawidi yari yaranyaze abantu ba Hadadezeri inkinzo z’izahabu bari bafise, azijana i Yerusalemu.
8
Kand’ umwami Dawidi yari yarasahuye imiringa myinshi cane mu bisagara vya Hadadezeri, ic’ i Beta n’ic’ i Berotayi.
9
Bukeye Toyu umwami w’i Hamati yumvise ko Dawidi yanesheje ingabo zose za Hadadezeri,
10
atuma umuhungu wiwe Yoramu ku mwami Dawidi kumuramutsa no kumushima, ko yarwanye na Hadadezeri akamunesha; kuko Hadadezeri yahora arwanya Toyu. Kandi Yoramu yar’ azanye ibintu vy’amafeza n’ivy’ amazahabu n’ ivy’ imiringa.
11
Na vyo nyene umwami Dawidi abirobanurira Uhoraho, hamwe n’amafeza n’ amazahabu yari yaramurobanuriye, ayasahuye mu mahanga yari yaranesheje,
12
i Siriya n’i Mowabu no mu Bamoni no mu Bafilisitiya no mu Bamaleki, bo na ya masahu yari yarasahuye umwami w’i Zoba, Hadadezeri mwene Rehobu.
13
Nuko Dawidi yironkera izina rya rurangiranwa. Maz’ atabarutse avuye kunesha Abasiriya, atsinda Abanyedomu ibihumbi cumi n’umunani mu Kiyaya c’ Umunyu.
14
Nukw ashira amaboma mu gihugu c’Abanyedomu, ayakwiragiza muri Edomu hose. Abanyedomu bose baca baba abatwarwa ba Dawidi. Nuk’ Uhoraho yahora aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.
15
Nuko Dawidi yaganza Abisirayeli bose, agacira abantu biwe bose imanza ziroranye.
16
Kandi Yowabu umwana wa Seruwiya ni we yar’ umugabisha w’ingabo, Yehoshafati mwene Ahiludi ni we yar’ umwanditsi w’ivyaja biraba;
17
Sadoki mwene Ahitubu na Ahimeleki mwene Abiyatari ni bo bār’ abaherezi; Seraya ni we yar’ umukarani;
18
Benaya mwene Yehoyada ni we yagabisha Abakereti n’Abapeleti; kandi bene Dawidi bār’ abakuru b’igihugu.
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 9 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24