bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Samuel 4
2 Samuel 4
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 5 →
1
Bukeye Ishibosheti mwene Sauli yumvise ko Abuneri yaguye i Heburoni, arajonjogora, Abisirayeli bose bahagarika imitima.
2
Kandi mwene Sauli uwo yar’ afise abagabisha babiri b’ imice y’ingabo, umwe yitwa Bayana, uwundi Rekabu, bari bene Rimoni w’i Beroti, wo mu muryango wa Benyamini. (Kukw i Beroti hāharūrwa ku Babenyamini;
3
kand’ ab’ i Beroti bari barahungiye i Gitayimu, bagumayo kugeza na bugingo n’ubu.)
4
Kandi Yonatani mwene Sauli yar’ afise umwana yamugaye ibirenge. Igihe imbitsi yaza ivuye i Yezireli kubika Sauli na Yonatani, uwo mwana yar’ amaze imyaka itanu avutse; maz’ umurezi wiwe aramuhitana, arahunga; akinyaragasa ahunga, aramukorokana, yikubita hasi, aca amugara. Nya mwana yitwa Mefibosheti.
5
Bukeye bene Rimona w’i Beroti, Rekabu na Bayana, baraza, bashika kwa Ishibosheti, igihe yar’ avyukiriye mu mashōka.
6
Kand’ incoreke ikumīra yari yamye aragosora ingano, iterwa n’itiro, irasinzira; nuko Rekabu na Bayana mwene nyina babona akaryo ko kwinjira.
7
Bīteye mu ngoro, barenga mw iteka basanga aryamye ku kirwa, baramucumita, baramwica, bamuca izosi; baraheza bajana umutwe wiwe, bagenda ijoro ryose bajanye ikiyaya Araba.
8
Maz’ uwo mutwe wa Ishibosheti bawushīra umwami Dawidi i Heburoni, baramubarira, bati Nguyu umutwe wa Ishibosheti umwana w’ umwansi wawe Sauli, yahora aguhīga; Uhoraho ashubirije Sauli mu nkōko, n’abana biwe, abaguhōye, mwami wacu nyen’ ingoma.
9
Maze Dawidi yishura Rekabu na mwene nyina Bayana, bene Rimona w’i Beroti, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, yagiye andokora mu vyago vyose;
10
igihe umuntu yaje kumbarira, at’ Erega Sauli yapfuye, agira ngw anzaniye inkuru nziza, naciye ndamufata, ndamwicira aho nyene i Sikulagi; iyo ni yo ngero namugereye ku nkuru yiwe.
11
None mbega, abantu b’inkozi z’ibibi basanze umuntu w’umugororotsi mu nzu yiwe yiryamiye ku buriri bakamwica, sindushiriza kubahōra amaraso yiwe, nkabarandura nkabakūra mw isi?
12
Maze Dawidi abarira imisore yamugendanira, barabīca, babaca ibikonjo n’ibirenge, babamanika i ruhande y’ikidengeri c’i Heburoni. Arik’ umutwe wa Ishibosheti barawābīra, bawuhamba mu mva ya Abuneri i Heburoni nyene.
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 5 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24