bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Samuel 24
2 Samuel 24
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 23
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
1
Maz’ uburake bg’Uhoraho bgongera kuziriringira Abisirayeli; asunika Dawidi ngw abakwegere, ati Genda uharūre Abisirayeli n’Abayuda.
2
Umwami abarira Yowabu umugabisha w’ingabo ziwe yari kuri we, ati Nyuragira mu miryango yose y’ Abisirayeli, uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, muharūre abantu, kugira ngo mmenye igitigiri cabo.
3
Yowabu yishura umwami, at’ Uhoraho Imana yawe n’igwiririkanye abantu, barute uko bari basanzwe bangana ibihetangabo ijana, nawe uz’ uvyibonere mugenzi; ariko mbega n’iki kiguteye gushira umutima ku kintu nk’ico ga mwami wanje nyen’ ingoma?
4
Arikw ijambo ry’umwami rinesha irya Yowabu n’iry’ abagabisha b’ingabo. Nuko Yowabu n’abo bagabisha bava imbere y’umwami, baja guharūra Abisirayeli.
5
Bajabuka Yorodani, bahēra i Aroweri, no ku gisagara kiri hagati mu kiyaya, bagenda berekeye i Gadi kurinda bashika i Yazeri.
6
Maze baja i Gileyadi no mu gihugu c’i Tahatimu‐hodishi, baja n’i Dani‐yani, barazenguka baja i Sidoni,
7
baca kw iboma ry’i Tiro no mu bisagara vyose vy’Abahiwi n’ivy’ Abanyakanani, bagarukira i Beri‐sheba i bumanuko bg’i Buyuda.
8
Nuko barangije kugendura igihugu cose basubira i Yerusalemu, bamaze amezi cenda n’imisi mirongwibiri.
9
Maze Yowabu ashikiriza umwami igitigiri c’abantu bāharūye: mu Bisirayeli hārimw’ abantu b’abahizi bazi kurwanisha inkota, ibihumbi amajana munani; mu Bayuda na ho hārimw’ ibihumbi amajana atanu.
10
Ariko Dawidi amaze guharūra abantu, yumva umutima umukubita. Abarira Uhoraho, ati Nācumuye cane ku vyo nakoze; ariko none, Uhoraho, ndakwinginze, kūrah’ ibigabitanyo vyanje, jewe umusavyi wawe, kuko nakoze ivy’ ubujuju rwose.
11
Bukeye mu gatondo, Dawidi avyukurutse, ijambo ry’Uhoraho riza kuri Gadi, uwavugishwa na we, ari we kamenyi wa Dawidi,
12
riti Genda ubarire Dawidi, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ut’ Agushize imbere ibihano bitatu; uti Hitamwo kimwe muri vyo; ut’ Abe ari co aguhanisha.
13
Nuko Gadi aja kwa Dawidi arabimubgira; aravuga, ati Ngo Mbega hatere inzara mu gihugu cawe, imare imyaka itatu, canke ng’ Uhīgwe n’abansi kumara amezi atatu, canke ngo Hatere ikīza mu gihugu cawe, kimare imisi itatu? Ni wiyumvire rero, uvuge ico nja kwishura Iyantumye.
14
Dawidi yishura Gadi, ati Ndagowe rwose: ni dupfume dukorokera mu maboko y’Uhoraho, kukw imbabazi ziwe ari nyinshi; ariko noye gukorokera mu maboko y’abantu.
15
Nuk’ Uhoraho atērēra Abisirayeli ikīza, gihēra mu gitondo gishitsa igihe cāshinzwe; uhereye i Dani ugashika i Beri‐sheba, hapfa abagabo ibihumbi mirongwirindwi.
16
Maz’ umumarayika akibangurira ukuboko i Yerusalemu ngw ahageseze, Uhoraho arīgarura abuza ivyo vyago, abarira uwo mumarayika yageseza abantu, ati Birahaye: garukana ukuboko kwawe. Kand’ uwo mumarayika w’Uhoraho yar’ ahagaze i ruhande y’imbuga ya Arawuna Umuyebusi.
17
Dawidi abonye uwo mumarayika yageseza abantu, abarira Uhoraho, at’ Erega ni jewe nacumuye, ni jewe nakoze nabi; arikw izi ntama zo zakoze iki? Ndakwinginze, ukuboko kwawe abe ari jewe kurwanya, bo n’inzu ya data.
18
Uwo musi nyene Gadi aja kuri Dawidi, aramubarira, ati Dūga wubakire Uhoraho igicaniro ku mbuga ya Arawuna Umuyebusi.
19
Nuko Dawidi yumvise irya Gadi aradūga, nk’uk’ Uhoraho yavuze.
20
Maze Arawuna agize ngw ararāba, abona umwami n’ abantu baza iy’ ari; Arawuna arenga irembo, akubita inkoro hasi imbere y’umwami, aramwunamira.
21
Arawuna aramubaza, ati Mwami wanje nyen’ ingoma, uzanywe n’iki i wanje jewe umusavyi wawe? Dawidi aramwishura, ati Nzanywe no kugura iyo mbuga yawe, ngo nubakire Uhoraho igicaniro, kugira ngw ikīza kive mu bantu.
22
Arawuna yishura Dawidi, ati Mwami wanje nyen’ ingoma, twara ivy’ ugomba vyose, ubitange: eh’ inka ngizo z’ikimazi co kwosa, n’ibisekuzo zikoresha n’ ingōgo zazo mubigire inkwi:
23
ivyo vyose jewe Arawuna ndabiguhaye, mugenzi. Arawuna arongera abarira umwami, at’ Uhoraho Imana yawe ikwākīrire.
24
Arik’ umwami yishura Arawuna, ati Na mba: turabigura, nguhe ikiguzi cavyo; sinokwosereza Uhoraho Imana yanje ibimazi ata co binkeheje. Nuko Dawidi agura iyo mbuga n’inka, atanga amashekeli y’ifeza mirongwitanu.
25
Maze Dawidi ahubakira Uhoraho igicaniro, ahosereza ibimazi, atanga n’ibimazi vy’ishimwe. Nuk’ Uhoraho abona guhangaza ico gihugu, ikīza kirabogozwa mu Bisirayeli.
← Chapter 23
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24