bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Leviticus 10
Leviticus 10
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 11 →
1
Nadabu na Abihu, bene Aroni, bābīra ivyotero vyabo, bashiramw’ umuriro, bashirakw imibavu, bayosereza Uhoraho ku muriro urahuwe ahandi, uwo atabageze.
2
Haza umuriro uvuye imbere y’Uhoraho, urabīca, bagwa aho imbere yiwe.
3
Mose abarira Aroni, at’ Ivyo ni vyo Uhoraho yavuze, ng’ Ukwera kwiwe kuzogaragarira mu bamwegera, kandi ngw Azoherwa icubahiro imbere y’abantu bose. Aroni arūmirwa.
4
Mose ahamagara Mishayeli na Elisafani, bene Uziyeli se wabo wa Aroni, arababarira, ati Ni mwīgire hano, muterure ab’i wanyu, mubakūre imbere y’ahēra, mubajane inyuma y’aho dushagaje.
5
Nuko bīgira hafi, babaterura mu makanzo yabo, uko bakayambaye, babajana inyuma y’aho bashagaje, nk’uko Mose agize.
6
Mose abarira Aroni n’abana biwe Eleyazari na Itamari, ati Ntimuhamburure imishatsi yanyu, canke ngo mutantamure impuzu zanyu, kugira ngo ntimupfe, kand’ Uhoraho ntarakire ikoraniro ryose; ariko bene wanyu, ab’ inzu yose ya Isirayeli, abe ari bo baborogeshwa n’ umuriro Uhoraho arekuye.
7
Kandi ntimutirimuke ngo muve ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, kugira ngo ntimupfe: kukw amavuta y’Uhoraho mwarobanujwe akiri kuri mwebge; nuko babigenza nk’uko Mose avuze.
8
Uhoraho abarira Aroni,
9
ati Ntuze wigere unywa kuri vino canke ku kiboreza na kimwe, mwe n’abana bawe, igihe mugira mwinjire mw ihema ry’ibonaniro, kugira ngo ntimupfe: ico kibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana,
10
kugira ngo mubone uko mutandukanya ivyera n’ibitar’ ivyera, n’ibihumanya n’ ibidahumanya,
11
kandi kugira ngo mwigishe Abisirayeli ivyagezwe vyose narungikanye Mose.
12
Mose abarira Aroni n’abana biwe basigaye, Eleyazari na Itamari, ati Ni mujane ivyasigaye kuri rya shikanwa ry’ifu ryo mu mashikanwa yashikaniwe Uhoraho agatōngōrwa n’umuriro, mubirīre i ruhande y’igicaniro bitarimw’ umwambiro: kukw ar’ ivyera cane.
13
Nuko mubirīre ahantu hēra, kukw ar’ umuturi wawe n’uw’ abana bawe, wo ku mashikanwa ashikaniwe Uhoraho agatōngōrwa n’umuriro; kuk’ ukw ari ko nabariwe.
14
Na ya nkoro yashikanishijwe kuzunguzwa, na ca gikenye c’ukuguru cagerewe abaherezi, mubirīre ahantu hadahumanye, mwe n’abahungu bawe n’abakobga bawe; kukw ari vyo wagerewe ngo bibe umuturi wawe, n’uw’ abahungu bawe, wo ku bimazi vy’ishimwe Abisirayeli bashikanye.
15
Igikenye c’ukuguru kigerewe abaherezi bo n’inkoro yo kuzunguzwa, baze bahore babizanana n’ishikanwa ry’ibinure ryo gutōngōrwa n’umuriro, ngo babizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere y’Uhoraho: ivyo bizoba ivyawe n’ivy’ abana bawe, bibe umuturi wanyu w’intahava, nk’uk’ Uhoraho yageze.
16
Mose abariritsa ca kimazi c’impene catangiwe ivyaha, asanga catongotse. Arakira bene Aroni basigaye, Eleyazari na Itamari, arababaza,
17
ati Mwabujijwe n’iki kurya ca kimazi catangiwe ivyaha, ngo muteko mukirīre ahantu hēra, kand’ ar’ icera cane, ar’ ico Uhoraho yabahaye ngo gitume mwishirakw ibigabitanyo vy’ikoraniro, ngo murihongerere imbere yiwe?
18
Ehe rāba amaraso yaco kw atari yazanywe ahēra, nta cari kubabuza kukirya, ngo mukirīre ahantu hēra, nk’uko nageze.
19
Aroni yishura Mose, at’ Ereg’ uyu musi batanze ikimazi cabo gitangiwe ivyaha, bo n’ikimazi cabo co kwoswa, bakabitangira imbere y’Uhoraho; kand’ ehe rāba ayo nabonye: mbega non’ uyu musi iyo ndya ico kimazi catangiwe ivyaha, ivyo vyari kuba ari vyiza imbere y’Uhoraho?
20
Mose avyumvise, arashirwa.
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 11 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27