bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Leviticus 3
Leviticus 3
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 4 →
1
Kand’ ishikanwa ry’umuntu ni ryaba ar’ ikimazi c’ishimwe akūye mu busho, ar’ imasa cank’ inyana, az’ agitange kitagira agasembga imbere yanje.
2
Aheze arambike ikiganza mu ruhanga rw’iryo shikanwa ryiwe ry’ikimazi, agikererere ku muryango w’ihema ry’ibonaniro: bene Aroni abaherezi baheze bamijagire amaraso yaco ku gicaniro impande zose.
3
Maz’ ico kimazi ciwe c’ishimwe agikūrekw ishikanwa anshikanira ryo gutōngōrwa n’umuriro, ribe urubambanda rwōrōshe amara, n’ibinure vyose bihometse ku mara,
4
n’amafyigo yompi, n’ ibinure bihometse kuri yo, ahahereranye n’umurya, n’agashami gatoya k’igitigu, agakūrane n’ amafyigo.
5
Bene Aroni baheze bavyosereze ku gicaniro, babigeretse ku kimazi coswa kiri ku nkwi ziri ku muriro: ivyo bizoba ikimazi gitōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.
6
Kand’ ishikanwa ryiwe ry’ ikimazi c’ishimwe anshikaniye, ni caba ar’ ico akūye mu mukuku, ar’ isuguru cank’ ishashi, az’ agitange kitagira agasembga.
7
Ni yatanga umwana w’intama kw ishikanwa ryiwe, az’ awuzane imbere yanje.
8
Aheze arambike ikiganza mu ruhanga rw’iryo shikanwa ryiwe ry’ikimazi, agikererere imbere y’ihema ry’ibonaniro: bene Aroni baheze bamijagire amaraso yaco ku gicaniro impande zose.
9
Maz’ ico kimazi ciwe c’ishimwe agikūrekw ishikanwa anshikanira ryo gutōngōrwa n’umuriro, ribe ibinure vy’uwo mwana w’intama; umurizo wawo uko wagahometsekw ibinure, az’ awucire mu nguge udasonōye, n’urubambanda rwōrōshe amara, n’ibinure vyose bihometse ku mara,
10
n’amafyigo yompi, n’ ibinure bihometse kuri yo, ahahereranye n’umurya, n’agashami gatoya k’igitigu, agakūrane n’ amafyigo.
11
Umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro: ivyo bizoba bibaye imfungurwa nshikaniwe jewe Uhoraho, zitōngōrwa n’umuriro.
12
Kandi ni yatanga impene kw ishikanwa ryiwe, az’ ayizane imbere yanje.
13
Aheze arambike ikiganza mu ruhanga rwayo, ayikererere imbere y’ihema ry’ibonaniro: bene Aroni baheze bamijagire amaraso yayo ku gicaniro impande zose.
14
Maz’ ayikūrekw ishikanwa ryiwe anshikanira ryo gutōngōrwa n’umuriro, ribe urubambanda rwōrōshe amara, n’ibinure vyose bihometse ku mara,
15
n’amafyigo yompi, n’ibinure bihometse kuri yo, ahahereranye n’ umurya, n’agashami gatoya k’ igitigu, agakūrane n’amafyigo.
16
Umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro: ivyo bizoba bibaye imfungurwa, ari ryo shikanwa ritōngōrwa n’umuriro, ngo ribe umubabge umota neza; ibinure vyose bizoba ivyanje.
17
Bize bibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, yuko mu ngo zanyu zose mutazokwigera mugeza mu kanwa ibinure cank’ ubuseri.
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 4 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27