bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Leviticus 21
Leviticus 21
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 22 →
1
Uhoraho abarira Mose, ati Barira abaherezi bene Aroni, uti Ntihaze hagire umuherezi yiyandurisha ūpfuye wo mu bgoko bgabo;
2
shit’ uwo mu muryango wo hafi, nyina, canke se, cank’ umuhungu wiwe, cank’ umukobga wiwe, canke mukuru we, canke murumuna we,
3
canke mushiki we akir’ imvyiruke, akimuzeyeko vyose, kukw atararongorwa: uwo we biremerwa ko yomwanduza.
4
Kw ar’ umukuru mw ihanga ryabo, ntaze yiyanduze ngo yiyonone.
5
Abaherezi ntibaze bimoshe inkomvorera, canke ngo bacācūre imitwe y’ubganwa bgabo, canke ngo bikebagure ku mibiri.
6
Baze bambere abera, jewe Imana yabo, ntibatukishe izina ryanje, Imana yabo; kukw ari bo bampēreza ibimazi, jewe Uhoraho, bitōngōrwa n’umuriro, ari zo mfungurwa zanje, Imana yabo: ni co gituma bakwiye kuba abera.
7
Ntihaze hagire uwābira maraya muri bo, cank’ uwamaze kwononekara, kandi ntihagire uwābīra uwirukanywe n’umugabo wiwe: kuk’ umuherezi ar’ uwera kuri jewe, Imana yiwe.
8
Ni co gituma mukwiye kumwita uwera, kukw ari we ampēreza imfungurwa, jewe Imana yanyu: az’ ababere uwera, kuko jewe Uhoraho, mbeza, nd’ uwera.
9
Kand’ umukobga w’umuherezi wese ni yiyononesha gusambana, azoba yambitse ibara se: az’ atabge mu muriro.
10
Umuherezi abaye mukuru muri bagenzi biwe, yasutswe amavuta mu mutwe yo kumurobanura, akaba yashikirijwe ibango ngo yambare ya myambaro, ntaz’ ahamburure umushatsi wiwe, canke ngo yitantamurirekw impuzu ziwe agandaye;
11
ntaze yinjirire ku muvyimba n’umwe, canke ngw awiyandurishe, n’iyo woba uwa se cank’ uwa nyina;
12
canke ngo binamusohokane ngw ave Ahēra, canke ngw ahumanye Ahēra hanje Imana yiwe; kukw ibango yaheshejwe no kurobanuzwa amavuta yanje Imana yiwe riri kuri we: ni jewe Uhoraho.
13
Kand’ uwo azokwābīra az’ abe inkumi yirongoreye.
14
Arik’ umupfakazi, cank’ uwirukanywe, cank’ uwamaze kwononekara, canke maraya, ntaz’ agire uwo yābīra muri bo, atar’ inkumi yirongoreye yo mu bgoko bgabo,
15
kugira ngo ntaz’ atume uruvyaro rwiwe ruhinduka uruhumanye mu bgoko bgabo: kukw ari jewe Uhoraho ndamweza.
16
Uhoraho abarira Mose,
17
ati Barira Aroni, ut’ Umuntu wese azoba afise agasembga wo mu ruvyaro rwawe, ukw ibihe vy’ urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, ntaze yēgēre ngw ampēreze imfungurwa, jewe Imana yiwe.
18
Umuntu wese afise agasembga ntaz’ anyīgire hafi: ar’ impumyi, ar’ ūcumbagira, ar’ ūfise izuru rihomberanye, ar’ ūfise urugingo rurutana n’urundi,
19
ar’ ūvunitse ikirenge cank’ igikonjo,
20
ar’ ūfise inyonzo, ar’ uwabaye impfunya, ar’ ūfise agasembga ku jisho, ar’ ūfise amahere cank’ urukemba, ar’ ūmenetse amavya;
21
ntihaze hagire umuntu n’umwe wo mu ruvyaro rwa Aroni azokwigera yīgira hafi afise agasembga, ngw ahēreze ibimazi vyanje, jewe Uhoraho, bitōngōrwa n’umuriro: kw azoba arikw agasembga, ntaze yigire hafi ngw ahēreze imfungurwa zanje, jewe Imana yiwe.
22
Ashobora kurya ku mfungurwa zanje, Imana yiwe, ari ku zera cane, canke ku zera zindi.
23
Mugabo ntaze yēgēre ca gihuzu gikingīra Ahēra cane, canke ngo yēgēre igicaniro, kukw azoba afise agasembga, kugira ngo yoye guhumanya ahēra hanje ah’ ari ho hose: kukw ari jewe Uhoraho ndabeza.
24
Nukw ivyo vyose Mose abibarira Aroni n’abana biwe n’Abisirayeli bose.
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 22 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27