bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Leviticus 20
Leviticus 20
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 21 →
1
Uhoraho abarira Mose,
2
ati Barira Abisirayeli, uti Ni hagira umuntu uw’ari we wese, ar’ uwo muri mwebge Abisirayeli canke w’umunyamahanga aba muri mwebge, azoshikanira Moleki uwo mu bana biwe, ntaz’ abure kwicwa; abo mur’ ico gihugu baze bamwicishe amabuye.
3
Nanje nzohoza igitsūre kur’ uwo muntu, ndamurandure mu bgoko bgabo, ndamuhōye gushikanira Moleki uwo mu bana biwe, akanduza Ahēra hanje, agatukisha izina ryanje ryera.
4
Arikw abantu bo mur’ ico gihugu ni birengagiza uwo muntu yashikaniye Moleki uwo mu bana biwe, ntibamwice;
5
jewe ubganje nzohoza igitsūre kur’ uwo muntu, no ku muryango wiwe, ndabarandurane mu bgoko bgabo n’abābīgānye mur’ ubgo bumaka bgo guhurumbira Moleki.
6
Umuntu yirukira abahamagara imizimu n’abamenyi, akaja kubaraguza, akabahurumbira nk’ ikimaka; nzohoza igitsūre canje kuri we, ndamurandure mu bgoko bgabo.
7
Nuko mwiyeze, mube abera, kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu.
8
Kandi muze mwitondere amabgirizwa yanje, muyashitse: jewe Uhoraho ni jewe mbeza.
9
Umuntu wese azovuma se canke nyina ntaz’ abure kwicwa: kw azoba avumye se canke nyina, amaraso yiwe ni we azokora.
10
Umuntu ni yasambana n’ umugore w’uwundi, agasambana na muka mugenzi we, uwo musambanyi n’uwo musambanyikazi ntibaze babure kwicwa.
11
Ūryamanye na muka se aba yambitse se ubusa: bompi ntibaze babure kwicwa: amaraso yabo ni bo azokora.
12
Umuntu ni yaryamana n’umukazana wiwe, bompi ntibaze babure kwicwa: bazoba bavanze ibidahwanye: amaraso yabo ni bo azokora.
13
Umugabo yenze uwundi mugabo bga mugore, bompi bazoba bakoze ikizira: ntibaze babure kwicwa: amaraso yabo ni bo azokora.
14
Umuntu ni yābīra umukobga na nyina, kizoba icaha gikomeye: az’ atabge mu muriro, ubgiwe na bo; kugira ngo ntihaze hagire icaha gikomeye kiba muri mwebge.
15
Umuntu ni yaryamana n’igitungano, ntaz’ abure kwicwa; na nya gitungano na co mucice.
16
Kand’ umugore cank’ umukobga ni yegera igitungano, akaryamana na co, muze mumwicane na co: ntibize bibure kwicwa: amaraso yavyo ni vyo azokora.
17
Umuntu ni yenda mushiki we, basangiye se canke nyina, bakarābana ubgambure, kizoba ar’ igihemu giteye isoni: baze barandurirwe mu maso y’ab’ ubgoko bgabo: uyo, kw azoba yambitse ubusa mushiki we, azogībgako n’ukugabitanya kwiwe.
18
Umuntu ni yaryamana n’umugore akiri mu muhango wiwe, akamwambika ubusa, azoba yambitse ubusa isōko yiwe, na wa mugore azoba atwikuruye iyo sōko y’amaraso yiwe: bompi baze barandurwe mu bgoko bgabo.
19
Kandi ntihaze hagire uwambika ubusa nyinabo canke inasenge: ūzokora artyo azoba yambitse ubusa bene wabo: bazogībgako n’ukugabitanya kwabo.
20
Umuntu ni yaryamana na muka se wabo, azoba yambitse ubusa se wabo: bazogībgako n’icaha cabo: bazopfa ar’ imponnyi.
21
Umuntu ni yacikiza muka mwene nyina, bizoba ar’ ukwiyanduza: azoba yambitse ubusa mwene nyina; bazoba imponnyi.
22
Nuko rero muze mwitondere amabgirizwa yanje yose n’ivyagezwe vyanje vyose, muvyumvire: kugira ngw igihugu mbajanyemwo ngo muhabe, ntikize kihave kibadahwa.
23
Ntimuze mugendere mu migenzo y’ihanga ngira nze nirukane imbere yanyu: kukw ivyo vyose ari vyo bākora, bigatuma mbanka urunuka.
24
Ariko mwebge narababgiye, nti Ni mwebge muzokwegukira igihugu cabo, kandi nzokibaha, kibe icanyu, ico gihugu gitemba amata n’ubūki: ni jewe Uhoraho Imana yanyu, nabatandukanije n’ayandi mahanga.
25
Ni co gituma mukwiye gutandukanya ibihumanya n’ibidahumanya mu bitungano no mu bikōko, n’ibihumanya n’ibidahumanya mu bisīga no mu nyoni: ntimuze mwiyandurishe igitungano cank’ igikōko, cank’ igisīga cank’ inyoni, cank’ icikwega hasi ic’ ari co cose, ari vyo nasobanuye mu bindi ngo mumenye ko bihumanya.
26
Kandi muze mumbere abera, kuko jewe Uhoraho nd’ uwera, kandi nabatandukanije n’ayandi mahanga ngo mube abanje.
27
Umugabo cank’ umugore bahamagara imizimu, canke bakaba abamenyi, ntibaze babure kwicwa: baze babicishe amabuye; amaraso yabo ni bo azokora.
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 21 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27