bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Leviticus 18
Leviticus 18
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 17
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 19 →
1
Uhoraho abarira Mose,
2
ati Barira Abisirayeli, uti Ni we Uhoraho, Imana yanyu.
3
Uti Ntimuze mukore nk’ivyo abo mu gihugu ca Egiputa bakora, abo mwahora mubamwo; kandi ntimuze mukore nk’ivyo abo mu gihugu c’i Kanani bakora, iy’ abajanye kuba: ntimuze mukurikire amabgirizwa yabo.
4
Ut’ Ivyagezwe vyiwe az’ abe ari vyo mwumvira, n’amabgirizwa yiwe az’ abe ari yo mwitondera, mubigenderemwo: uti Ni we Uhoraho Imana yanyu.
5
Uti Nuko muze mwitondere amabgirizwa yiwe, n’ivyagezwe vyiwe; umuntu azokora ivyo, ni vyo bizomubeshaho: nd’ Uhoraho.
6
Ntihaze hagire uwo muri mwebge yēgēra uwo mu nzu yo hafi, ngw amwambike ubusa: nd’ Uhoraho.
7
Ntihaze hagire uwambika ubusa nyina, ni kwo kwambika ubusa se: uwo ni nyina, ntaz’ amwambike ubusa.
8
Ntihaze hagire uwambika ubusa muka se; kukw ar’ ubgambure bga se.
9
Ntihaze hagire uwambika ubusa mushiki we, ar’ uwo basangiye se canke nyina, ar’ uwo bavukana cank’ ar’ umuzanano: ntihaze hagire ūmwambika ubusa.
10
Ntihaze hagire uwambika ubusa umwuzukuru wo ku muhungu wiwe canke wo ku mukobga, kuk’ ubgambure bgabo ari bgo bgiwe.
11
Ntihaze hagire uwambika ubusa umukobga wa muka se, basangiye se: uwo ni mushikiwe, ntaz’ amwambike ubusa.
12
Ntihaze hagire uwambika ubusa inasenge, kukw avukana na se.
13
Ntihaze hagire uwambika ubusa nyinabo, kukw avukana na nyina.
14
Ntihaze hagire uwambika ubusa se wabo, ngo yegere umugore wiwe, kukw ari nka nyina.
15
Ntihaze hagire uwambika ubusa umukazana wiwe: uwo n’umugore w’ umuhungu wiwe, ntihaze hagire ūmwambika ubusa.
16
Ntihaze hagire uwambika ubusa muramu we: kuk’ ubgambure bgiwe ar’ ubg’ uwo bavukana.
17
Ntihaze hagire uwambika ubusa umugore n’umukobga wiwe, canke ngo yābīre umwuzukuru wo ku muhungu w’uwo mugore, cank’ uwo ku mukobga wiwe, ngw amwambike ubusa: kukw ar’ abo mu nda yiwe; ico n’icaha gikomeye.
18
Ntihaze hagire ūharika umugore uwo bavukana, ngw abe umukēba wiwe, ngw amwambike ubusa uwo bavukana akiriho.
19
Ntihaze hagire uwegera umugore ngw amwambike ubusa, akiri mu muhango wiwe.
20
Ntihaze hagire ūsambana na muka mugenzi we, ngo yiyanduze kubgiwe.
21
Kandi ntihaze hagire ūtanga uwo mu bana biwe ngo yoserezwe Moleki kw ikimazi, ngw atukishe izina ryanje, Imana yiwe: nd’ Uhoraho.
22
Ntihaze hagire umugabo yenda uwundi mugabo bga mugore: n’ikizira.
23
Ntihaze hagire ūryamana n’igitungano ic’ ari co cose, ngw aciyandurishe; kandi ntihaze hagire umugore cank’ umukobga ahagarara imbere y’igitungano ngw aryamane na co: ivyo vyoba ar’ukuvanga ibidahwanye.
24
Ntimuze mugire ico mwiyandurisha na kimwe mur’ ivyo vyose; kukw ivyo vyose ari vyo vyanduje amahanga ngira nze nirukane imbere yanyu,
25
bikanduza n’igihugu cabo; ni co gituma ngira ngihōre ibigabitanyo vyaco, ico gihugu kikahava kidahwa abakibamwo.
26
Nuko rero mweho muze mwitondere amabgirizwa yanje n’ivyagezwe vyanje, ntimuze mugire ikizira na kimwe co mur’ ivyo mukora, naho yoba imvukira, cank’ umunyamahanga aba muri mwebge.
27
Kukw ivyo bizira vyose ben’ ico gihugu babatanguriye kuhaba ari vyo bakoze, bikanduza ico gihugu.
28
Ntimuze mubikore, ngw ico gihugu kibadahwe namwe, ni mwacanduza, nk’uko cadashwe rya hanga ryabatanguriye kuhaba.
29
Kuk’ umuntu wese azogira ico akora na kimwe mur’ ivyo vyose bizira, abazobikora bose bazorandurwa bakūrwe mu bgoko bgabo.
30
Ni co gituma mukwiye kwitondera ivyo mbihanikirije, kugira ngo ntimuze mugire n’umwe mur’ iyo migenzo izira mukora, yakorwa n’ababatanguriye kuhaba, ngo muyiyandurishe: nd’ Uhoraho Imana yanyu.
← Chapter 17
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 19 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27