bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Zechariah 10
Zechariah 10
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 11 →
1
Uhoraho abe ari we musaba imvura ngw igwe mu gihe c’itasura, muyisabe Uhoraho arema imiravyo; na we azobaha imvura y’umuvuvu, umuntu wese amumereze imirima.
2
Kukw ibigirwamana vyitwa terafimu bivuga ubusa, n’abapfumu bakaragura ibinyoma; bavōvōta inzozi z’ibihumbagurano, bakaremeshereza abantu ubusa: ni co gituma abantu bazimira nk’intama, bakagorwa, kuko batagira umwungere.
3
Uburake bganje buziriringiye abungere, kandi nzohana impfizi z’impene: kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo aje kugendera umukuku wiwe, ni wo nzu ya Yuda, kand’ azobahindura nk’ifarasi yiwe nziza yo mu ntambara.
4
Muri Yuda hazokomōka ibuye rigumya imfuruka, muri we hazokomōka urumambo rugumya ihema; muri we hazokomōka umuheto w’intambara, kandi hamwe n’ivyo muri we hazokomōka umugabisha w’ ingabo wese.
5
Abo bazomera nk’abahizi mu rugamba, basiribangira abansi babo mu vyondo vyo mu nzira; bazorwana, kuk’ Uhoraho ari kumwe na bo: kand’ abagendera ku mafarasi bazomāramāra.
6
Kandi nzokomeza inzu ya Yuda, nkize n’inzu ya Yosefu; nzobagarukana, kuko mbagiriye ikigongwe; bazomera nk’aho ntigeze kubaca, kuko jewe nd’Uhoraho Imana yabo, kandi nzobumva.
7
Kand’ Abefurayimu bazomera nk’umuhizi, imitima yabo igire akaneza nk’agatewe na vino; mber’ abana babo bazobirāba bagire akaneza, imitima yabo izonezererwa Uhoraho.
8
Nzobahamagaza uruhwa mbakoranye, kuko nabacunguye; kandi bazogwira nk’uko bamye bagwira.
9
Nzobabiba mu mahanga, kandi bazonyibuka bari mu bihugu vya kure; bazorera abana babo, kandi bazogaruka.
10
Nzokwongera mbatārūre no mu gihugu ca Egiputa, mbakoranye mbakūre muri Ashuri: maze mbashitse mu gihugu c’i Gileyadi n’i Lebanoni: mbere ntibazohakwirwa.
11
Azoca mu kiyaga kigoye, akubite imipfunda yo mu kiyaga, kand’ uruzi rwa Nili muri nyina hose hazokama: ubgibone bga Ashuri buzocishwa bugufi, n’icumu ry’ umwami wa Egiputa rizovaho.
12
Nzobaha gukomezwa nanje Uhoraho, na bo bazogendagendera mw izina ryanje, ni k’Uhoraho agize.
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 11 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14