bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Zechariah 5
Zechariah 5
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 6 →
1
Nuko nongera kwunamura amaso, mbona umuzingo w’ igitabo uguruka.
2
Arambaza, at’ Ubona iki? Ndamwishura, nti Mbona umuzingo w’igitabo uguruka: uburebure bgawo n’amatambge mirongwibiri y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgawo n’amatambge cumi.
3
Arambarira, at’ Uwo n’umuvumo urekuwe ng’ ukwire isi yose: igihe uwiba wese yīrāye kirahāgije, kandi n’igihe ūrahira wese yīrāye kirahāgije.
4
Ndawurekuye, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, winjire mu nzu y’umusuma no mu nzu y’ūrahira izina ryanje ibinyoma; uzoguma hagati mu nzu y’ūmeze artyo, uyitikizanye n’ibiti n’amabuye biyubatse.
5
Maz’ umumarayika twavugana yīgira imbere, arambarira, at’ Unamura amaso, urābe kirya kije ic’ ari co.
6
Ndabaza, nti Mbega n’igiki? Arambarira, ati Kirya n’ingero yitwa efa ije. Kand’ at’ Ivyo ni vyo bigabitanyo vyabo mu gihugu cose.
7
Maze ngize ntya, mbona umupfundikizo wacuzwe mw isāsu upfundururwa, mbona umugore yicaye muri efa imbere.
8
At’ Uyu ni we Bugarariji; maz’ amunyikiriza muri efa imbere, akubitirako ca cuma c’isāsu ku munwa wayo.
9
Maze nunamuye amaso, mbona abagore babiri baje, bakubebga n’umuyaga mu mababa yabo; kandi bāri bafise amababa nk’ay’ agasōza; baterura iyo efa, bayicana mu kirēre hagati y’isi n’ijuru.
10
Mbaza umumarayika twavugana, nt’ Irya efa bariya bayijanye hehe?
11
Aranyishura, ati Bagiye kumwubakira inzu mu gihugu c’i Shinari; ni yuzura, azoshirwa iyo, ahantu hiwe.
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 6 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14