bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Zechariah 4
Zechariah 4
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 5 →
1
Maz’ umumarayika twavugana aragaruka, arankangura, nk’ uk’ umuntu akangurwa ava mw itiro:
2
arambaza, at’ Ubona iki? Ndamwishura, nti Mbona igiterekwakw amatara, cose gicuzwe mw izahabu, umubehe waco ur’ ahahera hejuru, ushamitsekw amatara ndwi; kand’ ayo matara ari hejuru kuri wo, rimwe‐rimwe rifise umuheha, yose ukw ar’ indwi.
3
Kand’ impande zompi har’ ibiti vy’imyelayo bibiri, kimwe i buryo bga wa mubehe, ikindi i bumoso.
4
Nuko mbaza umumarayika twavugana, nti Mbeg’ ivyo bisobanurwa bite ga mugenzi?
5
Maz’ umumarayika twavugana arambaza, ati Mbeg’ ivyo ntuzi uko bisobanurwa? Ndamwishura, nt’ Oyaye mugenzi.
6
Aranyishura, ati Ngiri ijambo Uhoraho atumye kuri Zerubabeli, ati Si kubg’ inkomezi, si kubg’ ubushobozi, ariko ni kubga Mpwemu wanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.
7
Wa musozi munini we, ur’ iki? Uzocikira ikiyaya imbere ya Zerubabeli; azozana ibuye ryo gusōzēra kwubaka, basēsereza impundu, bat’ Ubuntu, ubuntu bube kuri ryo!
8
Ijambo ry’Uhoraho ryongera kunzako,
9
rit’ Amaboko ya Zerubabeli ni yo yashizeh’ itanguriro ry’iyi nzu, kand’ amaboko yiwe ni yo azoyisōzēra; ni ho muzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo ari we yabantumyeko.
10
Mbega har’ uwogaya ibikir’ umugero ku musi w’intangamarāra? Bazonezerwa babonye karisho mu ntoke za Zerubabeli. Ya yandi ndwi ni zo nyonga z’Uhoraho, zinyuranganya mw isi yose hirya no hino.
11
Maze ndamubaza, nt’ Irya myelayo ukw ar’ ibiri, umwe ur’ i buryo bg’igiterekwakw amatara, uwundi ukaba i bumoso, isobanurwa ite?
12
Nongera kumubaza ubugira kabiri, nt’ Arya mashami abiri y’imyelayo, ar’ impande zompi z’imibirikira y’izahabu ukw ar’ ibiri, akīkāmūramw’ amavuta asa n’izahabu, asobanurwa ate?
13
Arambaza, at’ Arya ntuzi ukw asobanurwa? Ndamwishura, nt’ Oyaye, mugenzi.
14
Arambarira, at’ Arya ni bamwe babiri bārobanujwe amavuta, bama bahagaze hafi ya Nyen’ isi yose.
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 5 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14