bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Zechariah 7
Zechariah 7
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 8 →
1
Mu mwaka ugira kane Dariyo ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Zekariya ku musi wa kane w’ukwezi kw’icenda kwitwa Kisilevu.
2
Nukw ab’i Beteli bāri batumye Shareseri na Regemu‐Meleki n’abantu babo, ngo binginge Uhoraho abahangaze,
3
kandi ngo babonane n’abaherezi bo mu ngoro y’Uhoraho Nyen’ ingabo n’abavugishwa n’Imana, bababaze, bati Mbega dukwiye kwama turira mu kwezi kwa gatanu, twigungiye ukwacu, nk’uko twabigenza mur’ iyo myaka yose ukw ingana?
4
Maz’ ijambo ry’ Uhoraho Nyen’ ingabo rinzako,
5
riti Barira abantu bose bo mu gihugu, bo n’abaherezi, uti Hamwe mwahora mwisonzesha mukaboroga mu kwezi kwa gatanu no mu kw’indwi mur’ iyi myaka yose ukw ari mirongwirindwi, mbega ni jewe ubganje mwagiye mwisonzeshereza?
6
Kand’ iyo murya cank’ iyo munywa, mbega si mwebge mwīrīra ubganyu, mukīnywera ubganyu?
7
Mbega ntimwari mukwiye kwumva amajambo Uhoraho yavugiye mu bāvugishwa na we ba kera, hamwe Yerusalemu hāri hagitūritse, hakir’ amahoro, bo n’ibisagara vyaho bihakikije, kand’ igihugu c’i bumanuko no mu biyaya na vyo bigitūritse?
8
Maz’ ijambo ry’Uhoraho riza kuri Zekariya,
9
rit’ Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo yagize, ati Ni muce imanza ziroranye, umuntu wese agirire mugenzi we imbabazi n’ikigongwe.
10
Kandi mureke kurya abapfakazi n’impfuvyi n’ingenzi na ba nyarucari; ntihagire n’umwe muri mwebge yīgīra imigabo mu mutima wiwe yo kugirira nabi mugenzi we.
11
Ariko banka kwumva, bantera ibitugu, bīziba amatwi ngo boye kwumva.
12
Mbere bīkomantaje imitima imera nk’isare, ngo boye kwumva ivyagezwe n’amajambo Uhoraho Nyen’ ingabo yarungitse muri Mpwemu wiwe, ayavugira mu bavugishwa na we ba kera; ni co catumye uburake buhambaye buva k’Uhoraho Nyen’ ingabo.
13
Kandi nk’uko nahamagaye bakica amatwi, ni ko na bo bazohamagara nanje nkica amatwi, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize;
14
ariko nzobasābagirisha agashururu, baje mu mahanga yose batīgeze kumenya. Uko ni kw igihugu kizosigara ar’ amatongo bakivuyemwo; ntihagire umuntu n’umwe aba akihaca cank’ agisubirayo: kukw igihugu c’igikundiro bāri bagihinduye amatongo.
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 8 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14