bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Zechariah 2
Zechariah 2
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 3 →
1
Maze nunamuye amaso mbona umuntu afise mu minwe umugozi wo kugera.
2
Ndamubaza, nt’ Uroye hehe? Arambarira, ati Ngiye kugera Yerusalemu, ngo ndābe amakika n’amadūga vyaho uko bireha.
3
Maz’ umumarayika twavugana yīgira imbere, umumarayika wundi aza kumusanganira:
4
aramubarira, at’ Irukanga, ubgire uwo musore, ut’ I Yerusalemu hazosubira gusagaza abantu nk’ibisagara bitazitiriwe, kukw abantu n’amasho bizohaba ari vyinshi.
5
Kukw ari jewe nzohabera uruzitiro rw’umuriro ruhakikije, ni k’Uhoraho agize, kandi nzohabera ubgiza ndi hagati mu mugoma.
6
Yemwe! Yemwe! Ni muhunge muve mu gihugu c’i burārūko, ni k’Uhoraho agize; kuko nk’ukw ibirēre bine vy’ijuru vyītangūranye, ari ko nabasābagije, ni k’Uhoraho agize.
7
Yewe Siyoni ubana n’umukobga w’i Babuloni, cika uhunge!
8
Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we yantumye kumuhesha icubahiro mu mahanga yabanyaze; at’ Ūbakorako aba akoze ku mbone y’ijisho ryiwe.
9
Ehe nzoyabangurirak’ ukuboko kwanje, kand’ azohinduka inyagano z’abāyashumbiye: ni ho muzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo ari we yantumye.
10
Ririmba unezerwe, yewe mukobga w’i Siyoni: rāba ndaje ngo ngerēre hagati muri wewe, ni k’Uhoraho agize.
11
Kur’ uwo musi amahanga menshi azokwifatanya n’ Uhoraho, bacike abantu banje; nanje nzogerēra hagati muri wewe, nawe uzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yakuntumyeko.
12
Maz’ Uhoraho azohindura i Buyuda habe ishamvu yiwe yo mu gihugu cera, kand’ azokwongera kwirobanurira Yerusalemu.
13
Ni muhwekerere imbere y’ Uhoraho, yemwe abafise umubiri mwese, kukw avyukurutse i we, ahēra hiwe.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14