bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
John 1
John 1
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 2 →
1
Mu ntango ya vyose, Jambo yariho. Uwo Jambo yari kumwe n’Imana, kandi yari Imana.
2
Yari kumwe n’Imana mu ntango ya vyose.
3
Imana ni we yakoresheje mu kurema vyose; mu vyaremwe vyose nta na kimwe Imana yaremye itamukoresheje.
4
Muri we ni ho hari ubugingo, kandi ubwo bugingo bwari umuco w’abantu.
5
Umuco wakiye mu mwijima, ariko umwijima ntiwawumenye.
6
Imana yatumye umuntu yitwa Yohana,
7
aza gushingira intahe uwo muco kugira ngo bose bizere kubera intahe yiwe.
8
Yohana ubwiwe si we yari uwo muco; ahubwo yaje ari icabona co gushingira intahe uwo umuco.
9
Umuco w’ukuri wakira umuntu wese wariko uraza mw’isi.
10
Jambo yari mw’isi kandi isi yaremwe na we, ariko ab’isi ntibamumenye.
11
Yaje mu biwe, ariko abiwe ntibamwakira.
12
Ariko abamwakiriye bose, bakizera izina ryiwe, yabaye uburenganzira bwo guhinduka abana b’Imana.
13
Abo ntibavyawe mu buryo busanzwe, biciye mu kwipfuza kw’umubiri canke mu gushaka kw’umugabo; ahubwo bavyawe n’Imana.
14
Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.
15
(Yohana yamushingiye intahe aho yasemerera ati: “Uwu ni we navugako igihe navuga nti: ‘Uwuje inyuma yanje aranduta cane kuko yariho jewe ntarabaho.’ ”)
16
Ku butunzi bwiwe busesekaye, twese twaronseko ubuntu bugeretse ku bundi.
17
Ivyagezwe vyatanzwe biciye kuri Mose, ariko ubuntu n’ukuri twabihawe biciye muri Yesu Kristo.
18
Nta muntu n’umwe yigeze abona Imana. Ariko Umwana w’ikinege, na we ubwiwe asanzwe ari Imana, akaba ari mu gikiriza ca Se, ni we yayiduhishuriye.
19
Iyi ni yo ntahe Yohana yashinze igihe abakuru b’Abayuda b’i Yerusalemu bamutumako abaherezi n’Abalewi ngo bamubaze uwo ari we.
20
Ntiyatinye kubishura, ahubwo yabivuze avyemanga ati: “Jewe sindi Kristo.”
21
Na bo baramubaza bati: “None uri nde? Woba uri Eliya?” Na we ati: “Sindi we.” Na bo bati: “Woba uri wa muvugishwa n’Imana?” Arabishura ati: “Oya.”
22
Ubwa nyuma, baravuga bati: “None uri nde? Tubwire ico tuja kwishura abadutumye. Wewe uvuga ko uri nde?”
23
Nuko Yohana yishura akoresheje amajambo y’uwavugishwa n’Imana Yesaya ati: “Ndi ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa ati: ‘Nimugororere Uhoraho inzira.’ ”
24
Mu bari barungitswe kubaza Yohana harimwo Abafarisayo.
25
Nuko baramubaza bati: “None nimba utari Kristo, ntube Eliya, canke uwuvugishwa n’Imana, ni kuki ubatiza?”
26
Yohana arishura ati: “Jewe mbatiza abantu mu mazi, ariko hagati muri mwebwe hahagaze umuntu mutazi.
27
Uwo ni we aza inyuma yanje, ariko ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’ibirato vyiwe.”
28
Ivyo vyose vyabereye ahitwa Betaniya, hakurya y’uruzi Yorodani, aho Yohana yabatiriza.
29
Ku musi ukurikira, Yohana abonye Yesu aje amutumbereye, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana, akura ivyaha vy’abari mw’isi.
30
Uwu ni we navuga, igihe navuga nti: ‘Uwuje inyuma yanje aranduta cane, kuko yariho jewe ntarabaho.’
31
Nanje ubwanje sinari ndamuzi, ariko icatumye nza mbatiza mu mazi, kwari ukugira ngo ahishurirwe Abisirayeli.”
32
Maze Yohana ashinga intahe avuga ati: “Nabonye Mpwemu Yera amanuka ava mw’ijuru mw’ishusho y’inuma, amugumako.
33
Nanje ubwanje sinari ndamuzi, ariko uwantumye kubatiza mu mazi ni we yambwiye ati: ‘uwo uzobona Mpwemu yururukirako akamugumako, ni we azobatiza abantu muri Mpwemu Yera.’
34
Ivyo narabibonye, ni co gituma nshinga intahe ko uwo ari Umwana w’Imana.”
35
Ku musi ukurikira, Yohana yari ahagaze ha handi nyene ari kumwe na babiri mu bigishwa biwe.
36
Abonye Yesu arengana, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana!”
37
Ba bigishwa biwe babiri bavyumvise, baca bakurikira Yesu.
38
Yesu ahindukiye, abona ko bamukurikiye. Arababaza ati: “Mwipfuza iki?” Baramwishura bati: “Rabi (bisigura ‘Mwigisha’), watse indaro he?”
39
Arabishura ati: “Nimuze muhirabire.” Aho hari nk’isaha cumi. Nuko bajana na we, babona aho yatse indaro, baca bamarana na we uwo muhingamo.
40
Umwe muri ba bigishwa babiri bumvise ivyo Yohana yavuze bagaca bakurikira Yesu, yitwa Andereya kandi yavukana na Simoni Petero.
41
Nuko Andereya aca aja kurondera mwene nyina Simoni, amubwira ati: “Twabonye Mesiya” (bisigura Kristo).
42
Maze aca amuzana aho Yesu ari. Nuko Yesu yihweza Petero, aramubwira ati: “Uri Simoni mwene Yohana, ariko ugiye kwitwa Kefa” (bisigura Petero).
43
Ku musi ukurikira, Yesu afata ingingo yo kuja i Galilaya. Ariko aragenda, ahura na Filipo, amubwira ati: “Nkurikira!”
44
Filipo yava mu gisagara citwa Betesayida, ari na co Andereya na Petero bavamwo.
45
Nuko Filipo asanga Natanayeli aho ari, amubwira ati: “Twabonye umwe Mose yavugako mu vyagezwe, n’abavugishwa n’Imana bakamwandikako. Ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.”
46
Natanayeli aramubaza ati: “Hari iciza cova i Nazareti?” Filipo aramwishura ati: “Ingo uvyirabire.”
47
Yesu abonye Natanayeli aje amutumbereye, amuvugako ati: “Ng’uwu Umwisirayeli w’ukuri atagira ubugunge.”
48
Natanayeli aramubaza ati: “Wamenye gute?” Yesu aramwishura ati: “Igihe wari wicaye musi y’igiti c’umusukoni, imbere yuko Filipo aguhamagara, nakubona.”
49
Natanayeli aca aravuga ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli.”
50
Yesu aramwishura ati: “Wizeye kubera nakubwiye ko nakubonye igihe wari wicaye musi y’igiti c’umusukoni? Uzobona ibihambaye kurusha ivyo.”
51
Yongerako ati: “Ndababwire ukuri, muzobona ijuru ryuguruye, abamarayika b’Imana baduga bongera bamanuka ku Mwana w’Umuntu.”
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
Recommended Reading
Commentary
John Commentaries
→
Devotional
John Devotional Guide
→
Get This Bible
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © bwa Biblica, Inc Study Bible
→