bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
John 9
John 9
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 10 →
1
Yesu ariko ararengana, abona umuntu yavutse ari impumyi.
2
Abigishwa biwe baramubaza bati: “Mwigisha, ni nde yacumuye bigatuma uwu muntu avuka ari impumyi: mbega ni we canke ni abavyeyi biwe?”
3
Yesu arabishura ati: “Ntivyavuye ku vyaha vyiwe canke ku vy’abavyeyi biwe, ariko ibi vyabaye kugira ngo ubushobozi bw’Imana bwiyerekanire muri we.
4
Dutegerezwa gukora ibikorwa vy’uwantumye hakibona. Ijoro riraje, aho ata wushobora gukora.
5
Nkiri mw’isi, ndi umuco w’isi.”
6
Ahejeje kuvuga ayo majambo, acira amate hasi, avuruga utwondo akoresheje ayo mate; adusiga ku maso ya wa muntu.
7
Aramubwira ati: “Genda wiyuhagire ku kidengeri c’i Silowamu” (Silowamu bisigura “Uwatumwe”). Wa muntu aragenda ariyuhagira, agaruka abona.
8
Ababanyi biwe n’abari bamuzi ari impumyi isegerereza barabaza bati: “Mbega uwu si wa muntu yahora yicara asegerereza?”
9
Bamwe baravuga bati: “Ni we.” Ariko abandi baravuga bati: “Oya, ni uwo basa.” Ariko wa muntu arababwira ati: “Ni jewe!”
10
Baramubaza bati: “None vyagenze gute ngo amaso yawe ahumuke?”
11
Arabishura ati: “Umuntu bita Yesu ni we yavuruze utwondo atunsiga ku maso, hanyuma ambwira ati: ‘Genda wiyuhagire ku kidengeri c’i Silowamu.’ Naciye njayo ndiyuhagira, none ndabona.”
12
Baramubaza bati: “None uwo muntu ari he?” Arababwira ati: “Sindahazi.”
13
Nuko bajana wa muntu yahoze ari impunyi imbere y’Abafarisayo,
14
kuko Yesu yari yavuruze utwondo, agakiza iyo mpumyi ku musi w’Isabato.
15
Abafarisayo na bo babaza wa muntu ingene yahumutse, na we abishura ati: “Yansize utwondo ku maso, nca ndiyuhagira, none ndabona.”
16
Bamwe mu Bafarisayo baravuga bati: “Uwu muntu yakoze ibi ntava ku Mana, kuko ntiyubahiriza umusi w’Isabato.” Ariko abandi barabaza bati: “None umunyavyaha yoshobora gukora ibitangaza nk’ibi?” Maze ivyo bituma bacanamwo.
17
Nuko basubira kubaza umwe yahoze ari impumyi bati: “None wewe wibaza iki kuri uwo muntu yagukijije ubuhumyi?” Wa muntu arabishura ati: “Ni uwuvugishwa n’Imana.”
18
Abakuru b’Abayuda baranse kwemera ko yahora ari impumyi none akaba yakize, kugeza batumyeko abavyeyi biwe.
19
Bashitse, barababaza bati: “Uwu yoba ari umuhungu wanyu? Yoba yavutse ari impumyi? None habaye iki ko abona?”
20
Abavyeyi biwe barabishura bati: “Ico tuzi, ni umwana wacu kandi yavutse ari impunyi.
21
Ariko ntituzi uko vyagenze ngo ahumuke kandi ntituzi uwamukijije. Nimumwibarize arakuze, arashobora kwivugira.”
22
Abavyeyi biwe bishuye uko kuko batinya abakuru b’Abayuda. Abo bakuru bari bafashe ingingo ko umuntu wese azovuga ko Yesu ari Kristo azokwirukanwa mu rusengero.
23
Ni co gituma bavuze bati: “Nimumwibarize, arakuze.”
24
Basubira gutumako wa muntu yahora ari impumyi ubugira kabiri, baramubwira bati: “Ubaha Imana, utubwire ukuri, kuko turazi ko urya muntu yagukijije ari umunyavyaha.”
25
Arabishura ati: “Aba umunyavyaha, ataba we, ivyo nta co ndabiziko. Ico nzi ni uko nahora ndi impumyi ariko ubu nkaba mbona.”
26
Baramubaza bati: “None yakoze iki? Yaguhumuye gute?”
27
Arabishura ati: “Ivyo namaze kubibabwira ariko ntimwashatse kuvyumva. Ni kuki mushaka kuvyumva kandi? Mwoba mushaka kuba abigishwa biwe namwe?”
28
Baca baramutuka, bamubwira bati: “Ni wewe uri umwigishwa wiwe, twebwe turi abigishwa ba Mose!
29
Turazi ko Imana yavuganye na Mose, ariko ntituzi iyo uwo muntu yaje ava.”
30
Wa muntu yahoze ari impumyi arabishura ati: “Ivyo biratangaje cane! Ntimuzi iyo yaje ava, kandi yampumuye?
31
Turazi ko Imana itumva ugusenga kw’abanyavyaha, ariko ko yumva ugusenga kw’umuntu ayubaha agakora ivyo ishaka.
32
Nta muntu n’umwe yari bwumve aho umuntu yakijije uwavutse ari impumyi.
33
Iyo uwo muntu ataba yaje ava ku Mana, nta co yari gushobora gukora.”
34
Baramwishura bati: “Wewe wavukiye mu vyaha wongera ubikuriramwo, none uriko uratwigisha!” Nuko baca baramwirukana mu rusengero.
35
Yesu yumvise ko bamwirukanye mu rusengero, aja kumurondera, aramubwira ati: “Mbega urizera Umwana w’Umuntu?”
36
Wa muntu aramubaza ati: “Yoba ari nde ga nyakwubahwa, kugira ngo ndamwizere?”
37
Yesu aramubwira ati: “Wamaze kumubona kuko ni we muriko muravugana.”
38
Wa muntu aravuga ati: “Mwami, ndizeye.” Nuko aca aramwunamira.
39
Yesu aca aravuga ati: “Naje muri iyi si guca urubanza, kugira ngo impumyi zihumuke, maze abibaza ko babona na bo ndabereke ko ari impumyi.”
40
Bamwe mu Bafarisayo bari kumwe na we, bumvise ayo majambo, baramubaza bati: “Ushaka kuvuga ko natwe turi impumyi?”
41
Yesu arabishura ati: “Iyo muba impumyi, ntimwokwagiriwe n’icaha, ariko ko mwemeza ko mubona, icaha canyu kigumaho. ”
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 10 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21