bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
John 4
John 4
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 5 →
1
Nuko Yesu yumva ko Abafarisayo bamenye ko aronka kandi akabatiza abigishwa benshi kurusha Yohana.
2
Ariko Yesu ubwiwe si we yabatiza, ahubwo bari abigishwa biwe.
3
Nuko aca ava i Yudaya asubira i Galilaya.
4
Mu kujayo, vyabaye ngombwa ko aca i Samariya.
5
Nuko ashika mu gisagara c’i Samariya citwa Sukara, hafi y’itongo Yakobo yari yarahaye umuhungu wiwe Yosefu.
6
Aho ni ho hari iriba rya Yakobo. Yesu aruhijwe n’urugendo, yicara kuri iryo riba. Aho hari nk’isaha zitandatu z’umurango.
7
Nuko haza umugore w’Umunyasamariya kuvoma amazi, Yesu aramubwira ati: “Mpa amazi yo kunywa.”
8
(Ico gihe, abigishwa biwe bari bagiye mu gisagara kurondera ivyokurya.)
9
Wa Musamariyakazi aramubwira ati: “Wewe uri Umuyuda nanje ndi Umusamariyakazi. Bigenda gute ngo unsabe amazi yo kunywa?” (Mu bisanzwe, Abayuda n’Abasamariya baranenana.)
10
Yesu aramwishura ati: “Iyo uba wari uzi ingabire y’Imana, akamenya n’uwugusavye amazi yo kunywa uwo ari we, wari kumusaba na we akaguha amazi y’ubugingo.”
11
Wa mugore aramwishura ati: “Nyakwubahwa, nta co ufise co kuvomesha kandi iriba ni rirerire. Ayo mazi y’ubugingo woyakura he?
12
Wewe uruta sogokuruza Yakobo yaduhaye iri riba kandi na we ubwiwe akanywa amazi yaryo, n’abana biwe n’ibitungwa vyiwe?”
13
Yesu aramwishura ati: “Umuntu wese anywa kuri aya mazi azosubira kugira inyota,
14
ariko uwunywa amazi ntanga ntazosubira kugira inyota. Ahubwo ayo mazi azohinduka isoko ridudubiza muri we, rizana ubugingo budashira.”
15
Wa mugore aramubwira ati: “Nyakwubahwa, mpa kuri ayo mazi kugira ngo sinzosubire kunyoterwa ngo name nza ngaha kuvoma.”
16
Yesu aramubwira ati: “Genda uhamagare umugabo wawe uce ugaruka.”
17
Aramwishura ati: “Nta mugabo mfise.” Yesu aramubwira ati: “Uvuze ukuri! Nta mugabo ufise.
18
Kuko wabanye n’abagabo batanu, kandi n’uwo muri kumwe ubu si umugabo wawe. Ivyo uvuze ni ukuri.”
19
Wa mugore aramwishura ati: “Nyakwubahwa, ndabona ko uri uwuvugishwa n’Imana.
20
Ba sogokuruza basengera kuri uwu musozi, ariko mwebwe Abayuda muvuga ko ikibanza co gusengeramwo ari i Yerusalemu.”
21
Yesu aramwishura ati: “Mupfasoni, nunyizere: igihe kiraje aho mutazorinda kuja gusengera Data kuri uwu musozi canke i Yerusalemu.
22
Mwebwe Abasamariya musenga ico mutazi, ariko twebwe dusenga ico tuzi, kuko agakiza gaturuka mu Bayuda.
23
Ariko igihe kiraje kandi kirashitse aho abasenga b’ukuri bazosenga Data mu Mpwemu no mu kuri. Abo ni bo basenzi Data arondera.
24
Imana ni impwemu, kandi abayisenga bakwiye kuyisenga mu Mpwemu no mu kuri.”
25
Wa mugore aravuga ati: “Ndazi ko Mesiya (yitwa Kristo) azoza. Niyaza, azodusobanurira vyose.”
26
Yesu aramubwira ati: “Jewe nyene turiko turavugana, ni jewe Kristo.”
27
Muri ako kanya, abigishwa biwe baragaruka, maze batangazwa cane no kubona Yesu ariko aravugana n’umugore. Ariko ntihagira uwubahuka kumubaza ati: “Ushaka iki?” canke ati: “Ni kuki uvugana n’uwo mugore?”
28
Wa mugore asiga umubindi wiwe kw’iriba, asubira mu gisagara, abarira abantu ati:
29
“Nimuze murabe umuntu yambwiye ivyo nakoze vyose. Ashobora kuba ari we Kristo.”
30
Nuko baca barasohoka bava mu gisagara baja iyo Yesu ari.
31
Muri ico gihe, abigishwa bariko baramwinginga bati: “Rabi, gira ico ufunguye.”
32
Ariko arababwira ati: “Ndafise ivyokurya mwebwe mutazi.”
33
Abigishwa barabazanya bati: “Mbega hari uwoba yamuzaniye ivyokurya?”
34
Yesu arababwira ati: “Ivyokurya vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.
35
Mbega ntimuvuga ngo: ‘Hasigaye amezi ane ngo iyimbura rishike’? Umve ndababwire, nimwunamure amaso yanyu murabe! Imirima ireze, igeze kwimbura.
36
N’ubu, uwimbura ariko arahabwa impembo yiwe kandi ariko aregeraniriza ivyimburwa mu bugingo budashira, kugira ngo uwubiba n’uwimbura bazonezeranwe.
37
Kuko wa mugani uvuga ukuri ngo: ‘Umwe arabiba, uwundi akimbura.’
38
Nabarungitse kwimbura aho mutabiriye akuya. Abandi baracumukuye, none ni mwebwe mwironkeye inyungu mu buruhe bwabo.”
39
Nuko Abasamariya benshi bo muri ico gisagara bizera Yesu kubera wa mugore yababwiye ati: “Yambwiye ivyo nakoze vyose.”
40
Bashitse aho ari, baramwinginga ngo agumane na bo, maze ahamara imisi ibiri.
41
Kandi kubera amajambo yiwe, n’abandi benshi barizera.
42
Babwira wa mugore bati: “Ubu ntitucizeye kubera ivyo watubwiye gusa; kuko twamwiyumviye, kandi twamenye neza ko ari we Mukiza w’isi.”
43
Haheze imisi ibiri, Yesu ava i Samariya aja i Galilaya.
44
(Yesu ubwiwe yari yaravuze ko ata wuvugishwa n’Imana ahabwa iteka mu gihugu ciwe.)
45
Ashitse i Galilaya, Abanyagalilaya baramwakira. Bari barabonye ivyo yakoreye i Yerusalemu ku Musi mukuru wa Pasika, kuko ari yo bari bari.
46
Yongera kuja i Kana mu ntara ya Galilaya, hamwe yahindura amazi umuvinyu. Aho hari umutware yakora i bwami yari afise umuhungu arwariye i Kaperinawumu.
47
Yumvise ko Yesu yashitse i Galilaya avuye i Yudaya, aja iyo ari aramwinginga ngo aje i Kaperinawumu amukirize umuhungu wiwe yari ku mpfiro.
48
Yesu aramubwira ati: “Mbega ntimushobora kwizera mutabonye ibimenyetso n’ibitangaza?”
49
Wa mutware akora i bwami aramubwira ati: “Nyakwubahwa, ingo tujane iwanje umwana wanje ataracikana.”
50
Yesu aramwishura ati: “Nutahe, umwana wawe ni muzima.” Nuko wa muntu yizera amajambo ya Yesu, aca arataha.
51
Akiri mu nzira, abakozi biwe baza kumusanganira bamubwira ko umuhungu wiwe ari muzima.
52
Ababajije igihe umuhungu wiwe yakiriye, bamubwira bati: “Ejo isaha indwi z’umuhingamo ni ho umururumbo wahera.”
53
Se w’umwana aca asanga hari kuri ya saha Yesu yamubwira ati: “Umwana wawe ni muzima.” Nuko aca yizera Yesu we n’abo mu nzu yiwe bose.
54
Iki cabaye igitangaza ca kabiri Yesu yakoze agarutse i Galilaya avuye i Yudaya.
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 5 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21