bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
John 3
John 3
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 4 →
1
Hari umuntu yitwa Nikodemu, yari Umufarisayo akaba n’umwe mu bagize inama nkuru y’idini ry’Abayuda.
2
Umusi umwe aza kuraba Yesu mw’ijoro aramubwira ati: “Rabi, turazi ko uri umwigisha yavuye ku Mana, kuko nta muntu yoshobora gukora ibitangaza ukora, Imana itari kumwe na we.”
3
Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kubona Ubwami bw’Imana, atavutse ubwa kabiri.”
4
Nikodemu aramubaza ati: “Mbega umuntu ashaje yoshobora kuvuka ubwa kabiri gute? Yoshobora gusubira mu nda ya nyina, akongera akavuka?”
5
Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana atavyawe n’amazi na Mpwemu.
6
Umubiri uvyara umubiri, ariko Mpwemu avyara impwemu.
7
Ntutangazwe n’uko ndakubwiye nti: ‘Utegerezwa kuvuka ubwa kabiri.’
8
Umuyaga uhuhutira aho ushaka, wewe ukumva uhuhuta gusa, ariko ntushobora kumenya iyo uzanana canke iyo uja. Uko ni ko bimera no ku wuvyawe na Mpwemu.”
9
Nikodemu aramubaza ati: “None ivyo bishoboka bite?”
10
Yesu aramwishura ati: “Wewe ko uri umwigisha yubashwe muri Isirayeli, bigenda gute ngo ntutahure ibi?
11
Ndakubwire ukuri, twebwe tuvuga ivyo tuzi, kandi dushingira intahe ivyo twabonye, ariko ntimwemera intahe yacu.
12
Nimba nababwiye ibintu vyo kw’isi ntimwizere, mwoshobora mute kwizera ndababwiye ivyo mw’ijuru?
13
Nta n’umwe arigera aduga mw’ijuru, kiretse Umwana w’Umuntu yamanutse avayo.
14
Nk’uko Mose yamanitse inzoka ku giti mu bugaragwa, ni ko n’Umwana w’Umuntu ategerezwa kumanikwa,
15
kugira ngo uwumwizera wese aronke ubugingo budashira.
16
Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntaranduke, ariko aronke ubugingo budashira.
17
Erega Imana ntiyatumye Umwana wayo kw’isi gucira urubanza abari kw’isi, ahubwo yamutumye kugira ngo ibakize biciye muri we.
18
Uwizeye Umwana w’Imana ntashobora gutsindwa n’urubanza. Ariko uwutamwizera wese aramaze gutsindwa n’urubanza, kuko atizeye izina ry’Umwana w’ikinege w’Imana.
19
Iki ni co kibatsindisha: umuco waje mw’isi, ariko abantu bakunda umwijima kuruta umuco, kuko ibikorwa vyabo ari bibi.
20
Umuntu wese akora ibibi yanka umuco, kandi ntiyegera umuco kuko atinya ko ibikorwa vyiwe bibi bija ahabona.
21
Ariko umuntu wese akora ivy’ukuri yegera umuco, kugira ngo bigaragare ko ivyo akora abikorera mu kwubaha Imana.”
22
Hanyuma y’ivyo, Yesu ajana n’abigishwa biwe mu ntara ya Yudaya, agumana na bo igihe abatiza.
23
Ico gihe Yohana na we yariko arabatiriza ahitwa Ayinoni hafi y’i Salimu, kuko hari amazi menshi, kandi abantu baguma baza kubatizwa.
24
(Aho hari imbere yuko Yohana atabwa mw’ibohero.)
25
Bamwe mu bigishwa ba Yohana batangura guharira n’uwundi Muyuda umwe ku bijanye n’umugenzo wo kwihumanura.
26
Nuko baza aho Yohana ari bamubwira bati: “Rabi, wa muntu yari kumwe na we hakurya y’uruzi Yorodani, umwe washingira intahe, ariko arabatiza kandi abantu bose baja iyo ari.”
27
Yohana arabishura ati: “Nta co muntu ashobora kuronka atagihawe kivuye mw’ijuru ku Mana.
28
Mwebwe ubwanyu muri ivyabona ko navuze nti: ‘Jewe sindi Kristo, ahubwo natumwe kumutegurira inzira.’
29
Erega umugeni ni uw’umukwe. Ariko umugenzi ahagarikiye umukwe amuhagarara i ruhande akamwumviriza, akanezerwa no kwumva ijwi ryiwe. Uwo ni wo munezero wanje kandi uruzuye.
30
Akwiye kurushiriza kuba mukuru, nanje nkarushiriza kuba muto.
31
Uwamanutse ava mw’ijuru aruta bose, uwaje ava kw’isi ni uw’isi kandi avuga nk’uw’isi nyene, ariko uwaje ava mw’ijuru aruta bose.
32
Uwo ashingira intahe ivyo yabonye n’ivyo yumvise, yamara nta n’umwe yemera intahe yiwe.
33
Ariko uwemera intahe yiwe wese aba yemeje ko Imana ivuga ukuri.
34
Uwo Imana yatumye avuga amajambo y’Imana, kuko Imana imuha Mpwemu itamupimiye.
35
Se arakunda Umwana kandi yamuhaye kuganza vyose.
36
Uwizera Umwana afise ubugingo budashira, ariko uwutamwizera ntazoronka ubugingo budashira, ahubwo uburake bw’Imana buguma kuri we.”
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 4 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21