bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
John 15
John 15
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 14
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 16 →
1
Jewe ndi umuzabibu w’ukuri, Data na we ni we awitaho.
2
Ishami ryose ryo kuri jewe ritama ararica, ariko ishami ryose ryama ararituturira akarituganya kugira ngo rirushirize kwama.
3
Mwebwe muramaze gutungana kubera ijambo nababwiye.
4
Nimugume muri jewe, nanje ngume muri mwebwe. Nk’uko ishami ridashobora kwama riri ukwaryo, kiretse rigumye ku muzabibu, ni ko namwe mudashobora kwama mutagumye muri jewe.
5
Jewe ndi umuzabibu; namwe muri amashami. Nimwaguma muri jewe nanje nkaguma muri mwebwe, muzokwama ivyamwa vyinshi. Erega mutari kumwe nanje nta co mushobora gukora!
6
Uwutagumye muri jewe, ameze nk’ishami riterewe hanze rikuma; amashami ameze nk’iryo barayegeranya bakayaterera mu muriro agasha.
7
Nimwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebwe, muze musabe ico mushaka cose, kandi muzogihabwa.
8
Iyo mwamye ivyamwa vyinshi, muba mwerekanye ko muri abigishwa banje kandi ivyo bihesha Data icubahiro.
9
Nk’uko Data yankunze, ni ko nanje nabakunze, nuko rero nimugume mu rukundo rwanje.
10
Nimwakurikiza amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nakurikije amabwirizwa ya Data nkaguma mu rukundo rwiwe.
11
Ibi ndabibabwiye kugira ngo umunezero wanje ube muri mwebwe, kandi umunezero wanyu wuzure.
12
Ibwirizwa ryanje ni iri: Nimukundane nk’uko nabakunze.
13
Nta rukundo ruruta gutanga ubugingo bwawe ku bwa bagenzawe.
14
Muzoba muri abakunzi banje nimwakora ivyo mbategeka.
15
Sinkibita abakozi, kuko umukozi ntamenya ivyo shebuja akora. Mwebwe nabise abakunzi banje, kuko ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje.
16
Si mwebwe mwantoranije, ni jewe nabatoranije. Nabashizeho kugira ngo mugende mwame ivyamwa, kandi ivyamwa bihoraho, kugira ngo ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibahe.
17
Iri ni ryo bwirizwa ryanje: Nimukundane.
18
Isi niyabanka, muze mwibuke ko yabanje kunyanka.
19
Iyo muba ab’isi, yobakunze nk’abayo. Ariko ntimukiri ab’isi. Narabatoranije ndabakura muri yo, ni co gituma ibanka.
20
Mwibuke ivyo nababwiye: ‘Umukozi ntaruta shebuja.’ Nimba barampamye, namwe bazobahama. Nimba barakurikije inyigisho zanje, bazokurikiza n’izanyu.
21
Ivyo bazobibakorera kubera jewe, kuko batazi uwantumye.
22
Iyo ntaza nkavugana na bo, ntibokwagirijwe icaha. Ariko noneho nta co bafise bireguza ku caha cabo.
23
Uwunyanka aba yanka na Data.
24
Iyo ntakorera hagati muri bo ibitangaza ata muntu n’umwe yigeze akora, ntibokwagirijwe icaha. Ariko barabonye ivyo nakoze vyose, yamara baranyanse, banka na Data.
25
Ibi bishitsa ivyanditswe mu Vyagezwe vyabo bivuga ngo: ‘Banyanse ata co bampoye.’
26
Ariko nzobarungikira Umwitsa, ari we Mpwemu w’ukuri azoza avuye kwa Data. Uwo niyaza, azonshingira intahe.
27
Kandi namwe muzonshingira intahe, kuko mwabanye nanje kuva mu ntango y’igikorwa canje.
← Chapter 14
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 16 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21