bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
John 5
John 5
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 6 →
1
Hanyuma y’ivyo, Yesu aduga i Yerusalemu ku musi mukuru w’Abayuda.
2
Aho i Yerusalemu, hafi y’irembo ry’intama, hari ikidengeri citwa Betesida mu rurimi rw’Igiheburayo, cari gikikujwe n’amabaraza atanu.
3
Muri ayo mabaraza, hari haryamye abarwayi benshi, harimwo impumyi, abacumbagira, n’abanyunyutse. [Bari barindiriye ko amazi azikuruka.
4
Kuko rimwe na rimwe umumarayika w’Umwami Imana yaramanuka akazikurura amazi. Maze uwa mbere aterewe mu kidengeri amazi azikurutse, yaca akira ingwara iyo ari yo yose yaba arwaye.]
5
Umwe muri bo, yari amaze imyaka mirongo itatu n’umunani arwaye.
6
Yesu amubonye aryamye aho, akamenya n’uko amaze igihe kirekire arwaye, aramubaza ati: “Urashaka gukira?”
7
Wa muntu arwaye aramwishura ati: “Nyakwubahwa, nta muntu mfise wo kunterera mu kidengeri iyo mazi azikurutse; kuko nkiriko ndagerageza kujayo, nsanga hari uwantanzeyo.”
8
Maze Yesu aramubwira ati: “Haguruka, ikorere ikirago cawe ugendagende.”
9
Ubwo nyene wa muntu arakira, aterura ikirago ciwe atangura kugendagenda. Ivyo vyabaye ku musi w’Isabato.
10
Abakuru b’Abayuda babwira wa muntu yakize bati: “Uwu ni umusi w’Isabato; ivyagezwe ntibikwemerera kwikorera ikirago cawe.”
11
Arabishura ati: “Umuntu yankijije ni we yambwiye ati: ‘Ikorere ikirago cawe ugendagende.’ ”
12
Na bo baramubaza bati: “Ni nde yakubwiye ngo wikorere ikirago cawe ugendagende?”
13
Wa muntu yakize ntiyari azi uwamukijije awo ari we, kuko Yesu yaciye yigira, kandi aho hantu hari abantu benshi.
14
Mu nyuma, Yesu amusanga mu rusengero aramubwira ati: “Urabona ko wakize! Ntuze usubire gucumura kugira ngo ntuze ushikirwe n’icago kirengeye ico wahorana.”
15
Wa muntu aca aragenda abwira ba bakuru b’Abayuda ko ari Yesu yamukijije.
16
Nuko abakuru b’Abayuda batangura guhama Yesu, kuko yakoze ivyo ku musi w’Isabato.
17
Ariko Yesu arababwira ati: “Gushika n’ubu Data ariko arakora; kandi nanje ndiko ndakora.”
18
Ivyo vyatumye Abayuda barushiriza kurondera ingene bomwica; kuko uretse kutubahiriza Isabato, yavuze ko Imana ari Se, gutyo yigira uwungana n’Imana.
19
Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, Umwana nta co ashobora gukora acigeneye, ariko akora ico abonye Se akora gusa. Ico se akora, ni co n’Umwana akora.
20
Kuko Se arakunda Umwana akamwereka ivyo ariko arakora vyose. Ndetse azomwereka ibikorwa bikomeye kuruta ibi, kugira ngo mwumirwe.
21
Kuko nk’uko Data azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n’Umwana aha ubugingo uwo ashatse kubuha.
22
Vyongeye, Data nta muntu acira urubanza. Ahubwo yahaye Umwana ububasha bwose bwo guca imanza,
23
kugira ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se. Uwutubaha Umwana, ntiyubaha na Se yamutumye.
24
Ndababwire ukuri, umuntu wese yumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, afise ubugingo budashira. Kandi uwo ntazotsindwa n’urubanza, ahubwo aramaze kuva mu rupfu aja mu bugingo.
25
Ndababwire ukuri, igihe kiraje kandi kirashitse, aho abapfuye bazokwumva ijwi ry’Umwana w’Imana kandi abazoryumva bazogira ubugingo.
26
Nk’uko Data afise ubugingo muri we, ni ko yahaye Umwana kugira ubwo bugingo muri we.
27
Kandi yamuhaye ububasha bwo guca imanza kuko ari Umwana w’Umuntu.
28
Ibi ntibibatangaze, kuko igihe kiraje aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe,
29
hanyuma bazuke. Abakoze ivyiza, bazozukira ubugingo, abakoze ibibi na bo bazukire gutsindwa n’urubanza.
30
Jewe nta co nshobora gukora nigeneye. Nca urubanza nkurikije ivyo Data ambwiye gusa, kandi urubanza rwanje ruragororotse, kuko ntakora ivyo nigombeye, ahubwo nkora ivyo uwantumye agomba.
31
Nimba nishingira intahe, intahe yanje si iy’ukuri.
32
Hari uwundi anshingira intahe, kandi ndazi ko intahe anshingira ari iy’ukuri.
33
Mwatumye intumwa kuri Yohana, kandi intahe yanshingiye ni iy’ukuri.
34
Si ukuvuga ko nkeneye intahe z’abantu; ariko ibi ndabivuze kugira ngo mukizwe.
35
Yohana yari nk’itara ryaka rikabonesha, kandi mwamaze igihe munezererewe umuco wiwe.
36
Intahe mfise iraruta iya Yohana. Kuko ibikorwa Data yampaye gushitsa ari na vyo ndiko ndakora, bishinga intahe ko ari Data yantumye.
37
Kandi na Data yantumye ubwiwe aranshingira intahe. Ntimurigera mwumva ijwi ryiwe canke ngo mumubone amaso mu yandi,
38
kandi n’ijambo ryiwe ntiriguma muri mwebwe, kuko mutizera uwo yatumye.
39
Mwiga Ivyanditswe n’umwete mwinshi kuko mwibaza ko bishobora kubaha ubugingo budashira. Ivyo Vyanditswe nyene ni vyo binshingira intahe,
40
yamara ntimushaka kuza aho ndi ngo muronke ubwo bugingo.
41
Jewe sindondera gushimwa n’abantu,
42
kuko ndabazi, ndazi ko ata gukunda Imana kuri mu mitima yanyu.
43
Naje mw’izina rya Data, ariko ntimwanyakira; yamara nihagira uwundi aza mw’izina ryiwe ubwiwe, muzomwakira.
44
Mbega mwokwizera gute kandi murondera gushimana hagati yanyu, aho kurondera gushimwa n’Imana imwe rudende?
45
Ariko ntimwibaze ko ari jewe nzobagiriza imbere ya Data. Uwubagiriza ni Mose, uwo mwizigiye.
46
Iyo mwizera Mose, nanje mwonyizeye, kuko yanditse avuga kuri jewe.
47
None nimba mutizera ivyo yanditse, mwokwizera gute amajambo yanje?”
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 6 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21