bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
John 7
John 7
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 8 →
1
Inyuma y’ivyo, Yesu agendagenda mu ntara ya Galilaya. Ntiyashaka kugenda mu ntara ya Yudaya kuko abakuru b’Abayuda baho bariko barondera ingene bomwica.
2
Ico gihe, umusi mukuru w’insago Abayuda bahimbaza wari wegereje.
3
Nuko bene nyina ba Yesu baramubwira bati: “Va mu ntara ya Galilaya uje mu ntara ya Yudaya kugira ngo abigishwa bawe babayo babone ibikorwa ukora.
4
Nta muntu arondera kumenyekana hanyuma ngo akore yinyegeje. Ko uriko urakora ibikorwa nk’ibi, niwiyereke isi!”
5
Mu bisanzwe, na bene nyina na bo ntibamwizera.
6
Yesu arababwira ati: “Igihe canje ntikirashika. Kuri mwebwe igihe cose ni ciza.
7
Isi ntishobora kubanka, ariko jewe iranyanka kuko ndayagiriza ibikorwa bibi.
8
Mwebwe nimugende ku musi mukuru. Jewe sinjayo kuko igihe canje kitarashika.”
9
Ahejeje kubabwira ivyo, aca aguma mu ntara ya Galilaya.
10
Ariko bene nyina bamaze kugenda ku musi mukuru, Yesu na we aragenda ariko ntiyajayo ku mugaragaro, agenda yinyegeje.
11
Kuri uwo musi mukuru, abakuru b’Abayuda bariko bararondera Yesu, babaza bati: “Ari he?”
12
Muri iryo sinzi ry’abantu bari aho, hari urusaku rwinshi bavugana ku vya Yesu. Bamwe bavuga bati: “Ni umuntu mwiza.” Abandi bakavuga bati: “Oya, ni umuntu azimiza abantu.”
13
Ariko nta n’umwe yubahuka kuvuga ivyiwe ku mugaragaro kuko batinya Abayuda.
14
Umusi ugeze hagati, Yesu yinjira mu rusengero atangura kwigisha.
15
Abayuda bamwumvise baratangara, barabaza bati: “Uwo mugabo azi vyinshi cane kandi atize. Ivyo bishoboka gute?”
16
Yesu arabishura ati: “Inyigisho ntanga si izanje, ziva ku wantumye.
17
Umuntu wese ahisemwo gukora ivyo Imana ishaka azotahura nimba inyigisho zanje ziva ku Mana canke ko ari amajambo yanje gusa.
18
Uwuvuga amajambo yiwe ubwiwe, aba arondera icubahiro ciwe, ariko uwurondera icubahiro c’uwamutumye avuga ukuri, nta binyoma biri muri we.
19
Mbega Mose ntiyabahaye Ivyagezwe? Ariko nta n’umwe muri mwebwe avyubahiriza. Ni kuki mushaka kunyica?”
20
Abantu benshi baravuga bati: “Wewe uboshwe na dayimoni. Ni nde ashaka kukwica?”
21
Yesu arababwira ati: “Nakoze igitangaza kimwe ku musi w’Isabato mwese muratangara.
22
Ariko namwe iyo mwubahiriza icagezwe ca Mose co gukeba abana b’abahungu ku musi w’Isabato, ico na co ni igikorwa. (Ariko ico cagezwe nticazanywe na Mose, catanguriye kuri ba sogokuruza.)
23
Nimba mushobora gukeba umwana w’umuhungu ku musi w’Isabato kugira ngo mwubahirize icagezwe ca Mose, ni kuki munshavurira iyo nkijije umuntu ku musi w’Isabato.
24
Nimureke guca imanza mufatiye ku vyo mubona, nimuce imanza zigororotse.”
25
Ico gihe bamwe mu bantu baba i Yerusalemu batangura kubazanya bati: “Mbega uwu si wa muntu bashaka kwica?
26
Raba, ariko aravuga ku mugaragaro, kandi nta co bamugize. None abakuru boba bemeye vy’ukuri ko ari we Kristo?
27
Ariko turazi iyo uwu mugabo ava; Kristo ni yaza, nta muntu n’umwe azomenya iyo aje ava.”
28
Yesu akiriko arigisha mu rusengero arasemerera ati: “Ni vyo muranzi, kandi murazi aho mva. Yamara sinaje mu bushobozi bwanje. Uwantumye ni umunyakuri, kandi ntimumuzi.
29
Ariko jewe ndamuzi kuko mva iwe kandi ni we yantumye.”
30
Maze abantu baca bagerageza kumufata ariko nta n’umwe yashoboye kumukozako ukuboko kuko igihe ciwe kitari bwashike.
31
Ariko benshi mu bari aho baramwizeye, bavuga bati: “None Kristo niyaza azokora ibitangaza birenze ivyo uwu ariko arakora?”
32
Abafarisayo bumvise ivyo abantu bariko barongoreranira kuri Yesu, baca bafatanya n’abakuru b’abaherezi batuma abarinzi b’urusengero gufata Yesu.
33
Yesu aravuga ati: “Ndi kumwe namwe igihe gito gusa, hanyuma nzoca nsubira ku wantumye.
34
Muzondondera ariko ntimuzombona; kandi ntimushobora gushika aho ngiye.”
35
Abayuda baravugana bati: “Mbega uwu mugabo afise umugambi wo kuja he, aho tudashobora kumubona? Yoba ashaka kuja mu Bayuda baba mu Bagiriki? Yoba ashaka kuja kwigisha Abagiriki?
36
Yashatse kuvuga iki aho yavuga ngo: ‘Muzondondera ariko ntimuzombona,’ canke ngo: ‘aho ngiye ntimushobora kuhashika’?”
37
Ku musi wa nyuma w’iyo misi mikuru, ari wo uruta iyindi, Yesu arahaguruka avuga n’ijwi rirenga ati: “Uwunyotewe wese naze aho ndi anywe.
38
Uwunyizera wese, inzuzi z’amazi y’ubugingo zizotemba ziva mu mutima wiwe, nk’uko Ivyanditswe bivuga.”
39
Aho Yesu yashaka kuvuga kuri Mpwemu Yera, uwo abamwizera bari bagiye guhabwa. Gushika ico gihe Mpwemu Yera ntiyari bwatangwe, kuko Yesu atari bwashike mu bwiza bwiwe.
40
Bumvise ayo majambo, bamwe mu bantu bari aho baravuga bati: “Ni ivy’ukuri uwu muntu ni uwuvugishwa n’Imana!”
41
Abandi bavuga bati: “Ni Kristo.” Abandi na bo bati: “Kristo ntashobora kuva i Galilaya.
42
Mbega Ivyanditswe ntibivuga ko Kristo azova mu ruvyaro rwa Dawidi i Betelehemu, igisagara Dawidi yabayemwo?”
43
Maze bituma abantu batumvikana kubera Yesu.
44
Bamwe muri bo bashaka kumufata, ariko nta n’umwe yubahutse kumukozako ukuboko.
45
Hanyuma abarinzi b’urusengero bagarutse aho abaherezi bakuru n’Abafarisayo bari batazanye Yesu, barababaza bati: “Ni kuki mutamuzanye?”
46
Ba barinzi barabishura bati: “Nta muntu yigeze kuvuga nk’uko uwu mugabo avuga!”
47
Abafarisayo barababaza bati: “Mushaka kuvuga ko namwe yabazimije?
48
Nta n’umwe muri twebwe abakuru canke Abafarisayo yamwizeye.
49
Abamwizeye ni iryo sinzi ry’abantu batazi Ivyagezwe, kandi abo bariko umuvumo!”
50
Umufarisayo yitwa Nikodemu, umwe yaja aho Yesu yari ari mw’ijoro, arababaza ati:
51
“Mbega Ivyagezwe vyacu biratwemerera gucira urubanza umuntu tutabanje kumwumviriza ngo tumenye ivyo yakoze?”
52
Na bo baramwishura bati: “Mbega nawe uva i Galilaya? Urasoma neza Ivyanditswe uzobona ko ata wuvugishwa n’Imana ava i Galilaya!” [
53
Nuko inama ica irahera, bose barataha.
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 8 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21