bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Luke 10
Luke 10
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 11 →
1
Ivyo biheze, Umwami Yesu aca arungika abandi mirongo irindwi na babiri, abarungika ari babiri babiri, ngo babe baramwitangira imbere mu bisagara n’ahandi hantu hose yari yimirije kuja.
2
Arababarira ati: “Ivyimburwa ni vyinshi, ariko abimbuzi ni bake. Nimwinginge nyene ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.
3
Nimugende! Ndabarungitse nk’intama mu bikoko vy’inkazi.
4
Ntihagire amahera, isakoshi canke ibirato vyo gukuranya mwitwaza; kandi ntimuramutse abantu mu nzira.
5
Igihe cose mwinjiye mu nzu y’umuntu, muzobanze muramutse muti: ‘Amahoro abe kuri iyi nzu.’
6
Nimwasanga abo muri iyo nzu ari abanyamahoro, umuhezagiro wanyu uzoba kuri bo. Atari uko na ho, umuhezagiro wanyu uzobagarukako.
7
Muze mugume muri iyo nzu nyene, mufungura kandi munywa ivyo babahaye, kuko umukozi wese abereye impembo yiwe. Ntimuze muve mu nzu muja mu yindi.
8
Nimwinjira mu gisagara bakabakira, muzofungure ivyo muhasanze.
9
Mukize abarwaye, mwongere mubabwire muti ‘Ubwami bw’Imana burabegereye.’
10
Ariko nimwinjira mu gisagara ntibabakire, muzoje mu mayira yaho, muvuge muti:
11
‘N’umukungugu wo mu gisagara canyu uri ku birenge vyacu turawukunkumuye kugira ngo bibabere icagiriji, ariko mumenye neza ko Ubwami bw’Imana bubegereye.’
12
Ndababwire ukuri, ku musi w’imanza, i Sodomu hazogira agahengekerezo kurusha ico gisagara.
13
Uzobona ibara, yewe Korazini! Uzobona ibara yewe Betesayida! Kuko iyo ibitangaza vyakorewe iwanyu bikorerwa i Tiro n’i Sidoni, abaho baba barihanye kuva kera, bakambara amagunira, bakisiga n’iminyota.
14
Ariko ku musi w’imanza, i Tiro n’i Sidoni hazogira agahengekerezo kurusha mwebwe.
15
Nawe Kaperinawumu, mbega wibaza ko uzoduzwa gushika mw’ijuru? Haba na mba! Ahubwo uzokororerwa i Kuzimu mu kibanza c’abapfuye.
16
Uwubumvira ni jewe aba yumviye, kandi uwubanka ni jewe aba yanse. Uwunyanse na we aba yanse uwantumye.”
17
Bamwe mirongo irindwi na babiri bagarutse, baza bafise umunezero mwinshi bavuga bati: “Mwami, n’abadayimoni baratwumvira mw’izina ryawe.”
18
Arababwira ati: “Nabonye Satani akoroka nk’umuravyo ava mw’ijuru.
19
Ehe ndabahaye ububasha bwose bwo kunesha umwansi: muzohonyora inzoka na sikoropiyo muzimene imitwe, kandi nta na kimwe kizogira ico kibagira.
20
Ariko ntimunezerwe n’uko impwemu mbi zibumvira, ahubwo munezerwe n’uko amazina yanyu yanditse mw’ijuru.”
21
Muri ako kanya, Yesu yuzura umunezero wa Mpwemu Yera, aca avuga ati: “Ndagushima Data, Mwami w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije abigira abanyabwenge n’abahanga, ukabihishurira abameze nk’abana bato. Egome Data, kuko uko ari ko washimye kubikora.
22
Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.”
23
Maze arahindukira, abwira abigishwa biwe bonyene ati: “Harahiriwe amaso abona ivyo muriko murabona.
24
Kuko ndababwira ko abavugishwa n’Imana n’abami benshi bipfuje kubona ivyo muriko murabona ntibabibona, bipfuza no kwumva ivyo muriko murumva, ntibavyumva.”
25
Umusi umwe, umwigisha w’ivyagezwe yavuye hasi kugira ngo atege Yesu umutego, aramubaza ati: “Mwigisha, nokora iki kugira ngo ndagwe ubugingo budashira?”
26
Yesu aramwishura ati: “Ivyagezwe vya Mose bivuga iki? Ubitahura gute?”
27
Aramwishura ati: “ ‘Ukundishe Uhoraho Imana yawe umutima wawe wose, ubugingo bwawe bwose, inkomezi zawe zose, ubwenge bwawe bwose’; kandi, ‘Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.’ ”
28
Yesu aramubwira ati: “Wishuye neza. Genda ubigenze uko, uzobaho ibihe bidashira.”
29
Ariko wa muntu agomvye kwisigura, aca abaza Yesu ati: “None mugenzanje ni nde?”
30
Mu kumwishura ico kibazo, Yesu amubwira ati: “Habaye umugabo w’Umuyuda yariko aramanuka ava i Yerusalemu aja i Yeriko, hanyuma agwa mu maboko y’abambuzi. Bamwambura ivyo yari afise vyose, baramukubita, bamusiga ari hafi gupfa.
31
Maze akirambaraye aho hantu, haca haza umuherezi yari amanukanye iyo nzira nyene. Amubonye, aca kure yiwe ku rundi ruhande rw’inzira, arirenganira.
32
Hanyuma haca Umulewi na we nyene aramubona, ariko aca aca kure yiwe ku rundi ruhande rw’inzira, arireganira.
33
Ariko mu nyuma haza Umusamariya, ashika aho wa muntu arambaraye. Amubonye, amutera ikigongwe.
34
Aca aramwegera, asomoza ibikomere vyiwe umuvinyu, abisiga amavuta ya elayo, hanyuma abipfukisha igitambara. Aca amushira ku ndogoba yiwe, amutwara mu nzu y’ingenzi, abandanya amwitaho.
35
Bukeye asokorora idenariyo zibiri azisigarana uwujejwe iyo nzu, amubwira ati: ‘Uwu muntu mumwiteho cane. Ninagaruka nzoriha ayo muzoba mwakoresheje arenga kuri aya.’
36
None muri abo bose, ni nde yabonetse nk’umugenzi w’uwo muntu yaguye mu bambuzi?”
37
Wa mwigisha w’ivyagezwe aramwishura ati: “Ni uwo yamugiriye impuhwe.” Yesu aca aramubwira ati: “Genda nawe ukore uko.”
38
Nuko Yesu n’abigishwa biwe babandanije urugendo, bashika mu mihana, ahaba umugore yitwa Marita, na we abaha ikaze iwe.
39
Marita yari afise mwene nyina yitwa Mariya. Maze Mariya aragenda yicara imbere y’Umwami Yesu, yumviriza inyigisho ziwe.
40
Ariko Marita we yari yatwawe n’ibikorwa vyinshi vyo gutegura inzimano. Nuko abaza Yesu ati: “Mwami, mbega nta co bikubwiye kubona mwene mama yantanye ibikorwa? Mubwire aze amfashe.”
41
Ariko Umwami Yesu aramwishura ati: “Marita, Marita, reka guhagarika umutima, wigora muri vyinshi.
42
Hari ikintu kimwe gusa gikenewe kuruta ibindi. Mariya yahisemwo ikintu ciza, kandi ntazocakwa.”
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 11 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24