bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Luke 4
Luke 4
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 5 →
1
Hanyuma Yesu, yuzuye Mpwemu Yera, ava ku ruzi Yorodani ajanwa na Mpwemu mu bugaragwa,
2
ahamara imisi mirongo ine ageragezwa na Satani. Amara iyo misi ata co arya, maze iheze, yumva arashonje.
3
Satani aramubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, bwira aya mabuye ahinduke imikate.”
4
Yesu aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Umuntu ntabeshwaho n’indya gusa.’ ”
5
Hanyuma Satani amujana ahantu harehare, amwereka ubwami bwose bwo mw’isi mu kanya gato.
6
Aramubwira ati: “Ndaguha kuganza ubwo bwami, nguhe n’ubwiza bwabwo bwose, kuko narabuhawe kandi nshobora kubuha uwo nshatse.
7
Niwapfukama ukansenga, ivyo vyose biraba ivyawe.”
8
Yesu aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Usenge Uhoraho Imana yawe, kandi abe ari yo yonyene ukorera!’ ”
9
Nuko wa mubi amujana i Yerusalemu, amuhagarika ku rusengero ahantu hataramutse, amubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, niwikororere hasi,
10
kuko handitswe ngo: ‘Azotegeka abamarayika biwe bakuzigame.
11
Bazokurerura mu maboko yabo, kugira ngo ntutsitare kw’ibuye.’ ”
12
Yesu aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Ntukagerageze Uhoraho Imana yawe.’ ”
13
Satani ahejeje kumugerageza mu buryo bwose, aca amusiga aho, ntiyasubira kumugerageza gushika amuronse akandi karyo keza.
14
Yesu aca asubira i Galilaya yuzuye ubushobozi bwa Mpwemu Yera, maze inkuru yiwe ikwira akarere kose kahegereye.
15
Yama yigisha mu masinagogi kandi agashimwa n’abantu bose.
16
Umusi umwe, Yesu aja i Nazareti aho yakuriye. Ku musi w’Isabato, yinjira mw’isinagogi nk’uko yari amenyereye, maze ahaguruka ngo asome Ivyanditswe.
17
Bamuhereza umuzingo w’igitabu c’uwavugishwa n’Imana Yesaya, arakizingurura, aca ashikira ahanditswe ngo:
18
“Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, kuko yansize amavuta ngo mbwire aboro Ubutumwa Bwiza. Yantumye kurekura imbohe ngo zidegemvye, guhumura amaso y’impumyi, kurekura abacinyijwe ngo bidegemvye,
19
no kumenyekanisha umwaka wo kugirirwa ubuntu n’Uhoraho.”
20
Ahejeje gusoma, aca azinga wa muzingo w’igitabu, agisubiza uwujejwe kukibika, aca aricara. Abari mw’isinagogi bose bamuhanga amaso cane,
21
aca atangura kubabwira ati: “Uwu musi ibi Vyanditswe mwumvise birashitse.”
22
Bose baramushima, batangazwa n’amajambo arimwo ubuntu bw’Imana yava mu kanwa kiwe, babazanya bati: “Mbega uwu si wa muhungu wa Yosefu?”
23
Yesu arababwira ati: “Ndazi ko mutazobura kuncira uwu mugani muti: ‘Muvuzi, niwivure!’ Kandi muzombwira muti: ‘Korera muri iki gisagara uvukamwo ibitangaza nk’ivyo twumvise wakoreye i Kaperinawumu!’ ”
24
Arabandanya ati: “Ndababwire ukuri, nta wuvugishwa n’Imana yemerwa iwabo.
25
Mu vy’ukuri, mu gihe ca Eliya hari abapfakazi benshi muri Isirayeli, aho ijuru ryugarwa imvura ikamara imyaka itatu n’igice itagwa, amapfa agatera mu gihugu cose.
26
Ariko Eliya ntiyarungitswe ku mupfakazi n’umwe muri bo, atari ku mupfakazi w’i Zerafati mu ntara ya Sidoni.
27
Kandi hari abanyamibembe benshi muri Isirayeli mu gihe c’uwavugishwa n’Imana Elisa, ariko nta n’umwe yahumanutse imibembe atari Namani Umusiriya.”
28
Abari mw’isinagogi bavyumvise, bose baterwa n’ishavu.
29
Barahaguruka, bamukwegera inyuma y’igisagara, bamujana hejuru ku musozi ico gisagara cari cubatsweko, kugira ngo bamutembagarize mu manga.
30
Ariko abaca hagati arigira.
31
Nuko Yesu aca aja i Kaperinawumu mu gisagara c’i Galilaya. Ku musi w’Isabato aja kwigisha mw’isinagogi,
32
maze abantu batangazwa n’inyigisho ziwe, kuko zarimwo ububasha.
33
Muri iyo sinagogi hari umuntu yarimwo impwemu ihumanye. Maze akoma induru n’ijwi rirenga ati:
34
“Yesu w’i Nazareti, udushakako iki? Uzanywe no kuduhonya? Ndazi uwo uri we. Uri Uwera w’Imana!”
35
Yesu arayizibiza ati: “Hora! Muvemwo!” Wa mudayimoni aca amukubita hasi imbere ya bo, amuvamwo ata co abaye.
36
Abantu bose baratangara cane, babwirana bati: “Ijambo ry’uwu muntu rirakomeye! Rifise ububasha n’inkomezi, kuko n’impwemu mbi na zo arazitegeka zikamwumvira, zigasohoka!”
37
Nuko inkuru ziwe zikwira muri ako karere kose.
38
Yesu aca ava muri iyo sinagogi aja i muhira kwa Simoni. Inabukwe wa Simoni yari arwaye kandi ashushe cane, maze abari aho binginga Yesu ngo amukize.
39
Yesu aramwegera, ahagarara i ruhande yiwe, akankamira ubwo bushuhe, buca burahera. Ako kanya nyene aca arahaguruka, arabazimana.
40
Izuba ririko rirarenga, bamuzanira abantu bose bafise ingwara zitandukanye, arambika ibiganza kuri umwumwe wese, arabakiza.
41
N’impwemu mbi ziva mu bantu benshi, zisemerera ziti: “Uri Umwana w’Imana!” Ariko arazikankamira, ntiyazemerera gusubira kuvuga, kuko zari zamenye ko ari Kristo.
42
Bukeye mu gitondo, Yesu aja mu kibanza ciherereye. Abantu baja kumurondera, babonye aho ari, baramugobera ngo ntasubire kuvana na bo.
43
Ariko arababwira ati: “Ntegerezwa kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami bw’Imana no mu bindi bisagara na vyo, kuko ari co canzanye.”
44
Nuko abandanya yigisha mu masinagogi y’i Yudaya.
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 5 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24