bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Luke 14
Luke 14
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 13
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 15 →
1
Umusi umwe, hari kw’Isabato, Yesu aja kuzimanwa mu nzu y’umwe mu bakuru b’Abafarisayo, kandi abari ngaho bose bari bamuhanze amaso, bamugenza.
2
Imbere yiwe hari umugabo arwaye ingwara yo kuvyimba umubiri.
3
Yesu abaza Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe ati: “Mbega biremewe gukiza umuntu ku musi w’Isabato?”
4
Ariko ntibagira ico bamwishura. Maze Yesu aca amukorako, aramukiza, aramurungika arigira.
5
Aca ababaza ati: “Ni nde muri mwebwe yoba afise umwana akagwa mu kinogo ntamukureyo, canke inka yiwe ikagwayo ntayikureyo, ngo ni uko ari ku musi w’Isabato?”
6
Na ho nyene ntibashobora kuronka ico bamwishura.
7
Yesu abonye ukuntu abatumire bahitamwo ivyicaro vy’imbere, aca abacira umugani ati:
8
“Nibagutumira mu bukwe, ntuze uhitemwo icicaro c’imbere, kuko bishoboka ko hari uwugusumvya icubahiro yatumiwe.
9
Muri ico gihe, nyene urubanza azoza akubwire ati: ‘Mubise yicare.’ Maze uzogenda uramaramara kwicara mu kibanza c’inyuma ya bose.
10
Ariko nibagutumira, uze uhitemwo icicaro c’inyuma kugira ngo nyene urubanza abe ari we aza akubwire ati: ‘Mugenzi, kaze mu cicaro c’imbere.’ Ico gihe uzoba utewe iteka imbere y’abandi batumire bose.
11
Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.”
12
Yesu aca abarira uwamutumiye ati: “Niwategura umusi mukuru, ntuze utumire abagenzi, abavukanyi, incuti, canke ababanyi batunze. Kuko na bo bazogutumira, maze impera yawe ibe iyo.
13
Ahubwo niwategura umusi mukuru, uze utumire abakene, ibimuga, abacumbagira n’impumyi.
14
Aho ni ho uzohezagirwa. Naho badashobora kubikwishura, Imana izobiguhembera mw’izuka ry’abagororotsi.”
15
Umwe mu bari ngaho ahejeje kwumva ayo majambo, aca abarira Yesu ati: “Harahiriwe uwuzofungura ku mazimano yo mu Bwami bw’Imana.”
16
Yesu aramwishura ati: “Habaye umuntu yateguye umusi mukuru, atumira abantu benshi.
17
Igihe co kuzimana kigeze, atuma umukozi wiwe kubwira abatumire ati: ‘Nimuze, vyose vyatunganye.’
18
Ariko bose baca batangura kwerekana ibibafatiriye bituma batoza. Uwa mbere ati: ‘Unyihanganire, mpejeje kugura itongo, ngira nje kuriraba.’
19
Uwundi na we ati: ‘Ndakwingize umbabarire, naguze inka cumi zirima, ngiye gusuzuma ko zikora neza.’
20
Uwundi na we ati: ‘Sinshobora kuza kuko narongoye.’
21
Wa mukozi aragaruka abwira shebuja ingene vyagenze. Maze na we arashavura cane, aca amubwira ati: ‘Genda mu mabarabara no mu mayira yo mu gisagara, uzane abakene, abacumbagira, impumyi, hamwe n’ibimuga.’
22
Ahejeje kubikora, wa mukozi abwira shebuja ati: ‘Databuja, ivyo wantumye nabikoze, ariko haracasigaye ibibanza bigaragara.’
23
Shebuja aramubarira ati: ‘Genda mu mayira y’inyuma y’igisagara no mu mirombero, ugobere abantu baze kugira ngo inzu yanje yuzure.
24
Ndababwire ukuri, nta n’umwe mu bo nari natumiye ubwa mbere aja no kwumviriza ku mazimano yanje.’ ”
25
Yesu ari mu nzira agenda, hari isinzi ry’abantu bari bamukurikiye. Maze Yesu, arahindukira ababwira ati:
26
“Uwugomba kunkurikira ariko ntiyanke se, canke nyina, canke umugore wiwe, canke abana, canke abo bavukana, ndetse n’ubuzima bwiwe na bwo, ntashobora kuba umwigishwa wanje.
27
Kandi uwutikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje.
28
Ni nde muri mwebwe agomvye kwubaka igorofa, atobanza kwicara ngo aharure neza ko afise ivyo kuyuzuza?
29
Kuko niyamara kwubaka umushinge hanyuma ntashobore kuyuzuza, abazoyibona bose bazomutwenga,
30
bivugire bati: ‘Uwu muntu yatanguye kwubaka inzu ntiyashobora kuyuzuza.’
31
Canke, mbega umwami afise abasoda ibihumbi cumi atewe n’uwundi mwami afise abasoda ibihumbi mirongo ibiri, ntiyobanza kwicara akaraba neza ko yoshobora kugwanya uwo mwami amuteye?
32
Abonye ko atoshobora kumugwanya, aca arungika intumwa ku wumuteye akiri kure, kugira ngo babaze ivyotuma babana amahoro.
33
Nuko rero, umuntu wese muri mwebwe adaheba ivyiwe vyose, ntashobora kuba umwigishwa wanje.
34
Umunyu ni ngirakamaro. Ariko iyo umaze gutakaza uburyohe bwawo, mbega bwosubiramwo gute?
35
Nta co uba ukimarira ivu canke umwavu wo muri nyabarega; haba hasigaye kuwuta hanze. Uwufise amatwi yo kwumva niyumve!”
← Chapter 13
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 15 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24