bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Luke 13
Luke 13
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 14 →
1
Bamwe mu bari ngaho baca babwira Yesu inkuru y’abantu b’i Galilaya Pilato yishe akavanga amaraso yabo n’ay’ibimazi bariko baratanga.
2
Yesu arababwira ati: “Mbega mwibaza ko abo bantu b’i Galilaya bababajwe gutyo kubera bari abanyavyaha kurusha abandi Banyagalilaya?
3
Haba na mba! Ariko nimutihana namwe muzohona nka bo.
4
Canke mwibaza ko bamwe cumi n’umunani bapfa igihe umunara wabagwako i Silowamu bari abanyavyaha kurusha ababa i Yerusalemu bose?
5
Haba na mba! Ariko nimutihana namwe muzohona nka bo.”
6
Aca abacira uwu mugani ati: “Umuntu umwe yari afise igiti c’umusukoni giteye mu murima wiwe w’imizabibu. Umusi umwe aja kuraba ko hari icamwa yosangako, arabura.
7
Aca abarira umukozi yari ajejwe uwo murima ati: ‘Maze imyaka itatu nza kurondera ivyamwa kuri uwu musukoni, ariko singire ico ndonka. Giteme, kuko nta cotuma kibandanya conona isi.’
8
Wa mukozi aramubarira ati: ‘Databuja, cihanganire uwundi mwaka, ndakibagarire nongere ndagitabire.
9
Nicama bizoba ari vyiza, nikitama na ho uzoheza ugiteme.’ ”
10
Umusi umwe Yesu yariko arigisha mw’isinagogi kandi hari kw’Isabato.
11
Aho hari umugore yari amaze imyaka cumi n’umunani amugajwe n’impwemu mbi. Yari yarahetamye umugongo, ntiyashobora kugororoka.
12
Yesu amubonye aca aramuhamagara ngo aze aho ari, amubwira ati: “Mupfasoni, ingwara yawe irakize.”
13
Aca amurambikako ibiganza. Ako kanya nyene, aca aragororoka, ahimbaza Imana.
14
Ariko umukuru w’isinagogi ababazwa n’uko Yesu akijije umuntu ku musi w’Isabato. Aca abarira abari aho ati: “Imisi y’ibikorwa ni itandatu. Muzohore muza gukizwa ingwara muri iyo misi, ariko atari ku musi w’Isabato.”
15
Umwami Yesu aca arishura ati: “Mwa ndyarya mwe! Ni nde muri mwebwe atozitura inka canke indogoba yiwe mu ruhongore ku musi w’Isabato ngo ayijane kunywa amazi?
16
Mbega uwu mugore akaba n’umukobwa wa Aburahamu yari amaze imyaka cumi n’umunani aboshwe na Satani, ntiyari akwiye kubohorwa, naho ari ku musi w’Isabato?”
17
Avuze ivyo, abamugwanya bose baramaramara. Ariko abandi bose bari banezerejwe cane n’ibitangaza yariko arakora.
18
Nuko Yesu aravuga ati: “Mbega Ubwami bw’Imana bumeze nk’iki? Nobugereranya n’iki?
19
Bumeze nk’akabuto k’igiterwa citwa mutaride umuntu yateye mu murima wiwe, karakura gahinduka igiti, maze inyoni zo mu kirere ziraza zarika mu mashami yaco.”
20
Yongerako ati: “Ubwami bw’Imana nobugereranya n’iki?
21
Bugereranywa n’umwambiro umugore akoresha mu gukora imikate. Naho yokoresha umwambiro muke mw’ifu ingana n’ibiro mirongo ibiri na bitanu, uwo mwambiro muke utuma igikandu cose gikakama.”
22
Nuko Yesu aca mu bisagara no mu mihana yigisha, yerekeye i Yerusalemu.
23
Umuntu umwe aramubaza ati: “Mwami, ubwo abakizwa ntibazoba bake?” Yesu aramwishura ati:
24
“Mugire umwete wo guca mw’irembo ryaga, kuko ndababwire ukuri, benshi bazogerageza kwinjira ariko ntibabishobore.
25
Nyene inzu niyahaguruka akugara umuryango, muzohagarara inyuma mudodora, mutakamba muti: ‘Nyakwubahwa, twugururire.’ Na we azobishura ati: ‘Sindabazi kandi sinzi n’iyo muva.’
26
Namwe muzovuga muti: ‘Twarira kandi twanywera imbere yawe, mbere wigishiriza mu mabarabara y’iwacu.’
27
Ariko azobishura ati: ‘Sindabazi kandi sinzi n’iyo muva. Mviraho mwa nkozi z’ibibi mwe!’
28
Ni ho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro, nimwabona Aburahamu, Isaka na Yakobo n’abavugishwa bose mu Bwami bw’Imana, namwe muterewe hanze.
29
Abantu bazova mu buseruko no mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko, bahabwe ivyicaro mu mazimano mu Bwami bw’Imana.
30
Kandi mumenye ko hari bamwe mu bari inyuma bazoba ab’imbere, na bamwe mu bari imbere bazoba ab’inyuma.”
31
Ico gihe, bamwe mu Bafarisayo baca baza aho Yesu ari, bamubwira bati: “Va ngaha ugende, kuko Herode Antipa agomba kukwica.”
32
Yesu arabishura ati: “Genda mubwire iyo mbwebwe ko ndiko ndirukana abadayimoni nongera nkiza abarwaye uno musi n’ejo; ku musi ugira gatatu nzoba ndangije igikorwa canje.
33
Uko biri kwose, ntegerezwa kubandanya urugendo rwanje uno musi n’ejo na hirya y’ejo, kuko nta handi umuvugishwa akwiriye kwicirwa atari i Yerusalemu.
34
Yewe Yerusalemu, yewe Yerusalemu! Wewe wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko. Ni kangahe nagerageje kwegeranya abana bawe nk’uko inkoko yegerenya imiswi yayo mu mababa yayo, ariko ukanyankira!
35
None raba inzu yanyu igiye kuba akahebwe. Ndababwira ukuri ko mutazosubira kumbona kugeza aho muzovugira muti: ‘Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho.’ ”
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 14 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24