bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Luke 18
Luke 18
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 17
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 19 →
1
Yesu aca abacira umugani, kugira ngo abereke ko bakwiye kwama basenga, ntibadendebukirwe.
2
Arababwira ati: “Mu gisagara kimwe habaye umucamanza atubaha Imana kandi atasonera n’abantu.
3
Kandi muri ico gisagara hari umugore yama aza kumwinginga ati: ‘Ncira urubanza runkiza uwundenganya.’
4
Uwo mucamanza amara igihe atamwumviriza. Ariko arateba aribwira ati: ‘Ni vyo, nsintinya Imana kandi sinsonera n’abantu,
5
ariko kubera uwu mupfakazi arangoye cane; ngira ndamutunganirize kugira ngo ntabandanye aza kunduhisha.’ ”
6
Umwami Yesu yongerako ati: “Nimwumve ivyo uwo mucamanza agabitanya yavuze.
7
Mbega Imana ntizotunganiriza abo yatoranije, bayitakambira ijoro n’umurango? Mbega mwibaza ko izobatevya?
8
Ndababwire ukuri, izokwihuta kubatunganiriza. Ariko none, aho Umwana w’Umuntu azogarukira, azosanga ukwizera kw’isi?”
9
Yesu yongera acira uwu mugani abishimira ukugororoka kwabo bagakengera abandi, ati:
10
“Abantu babiri baduze mu rusengero gusenga, umwe yari Umufarisayo uwundi akaba umutozakori.
11
Wa Mufarisayo ahagarara ukwiwe, asenga avuga ati: ‘Mana ndagushima ko ntameze nk’abandi: abasuma, inkozi z’ikibi, abasambanyi, kandi simeze nk’urya mutozakori.
12
Nisonzesha kabiri mu ndwi, kandi ntanga ikigiracumi c’ivyo ndonka vyose.’
13
Ariko wa mutozakori ahagarara kure, ntiyubahuka no kurangamiza mw’ijuru, yamara yikubita ku gikiriza, avuga ati: ‘Mana, ngirira imbabazi, jewe umunyavyaha.’
14
Ndababwire ukuri, uwo mutozakori yatashe yemewe nk’umugororotsi imbere y’Imana, ariko kuri wa Mufarisayo si ko vyagenze. Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.”
15
Umusi umwe abavyeyi bazanye abana babo bato aho Yesu ari kugira ngo abakoreko abahezagire. Ariko abigishwa barabakankamira.
16
Ariko Yesu asaba ko babamuzanira, abwira abigishwa biwe ati: “Nimureke abana baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nka bo.
17
Ndababwire ukuri, umuntu wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana muto ntazokwigera abwinjiramwo.”
18
Umutware umwe aramubaza ati: “Mwigisha mwiza, nokora iki kugira ngo ndagwe ubugingo budashira?”
19
Yesu aramwishura ati: “Unyitira iki mwiza? Nta mwiza ahari, kiretse Imana yonyene.
20
Urazi ko amabwirizwa avuga ngo: ‘Ntugasambane, ntukice, ntukibe, ntukagirize abandi ibinyoma, wubahe so na nyoko?’ ”
21
Na we yishura ati: “Ayo yose nayakurikije kuva nkiri muto.”
22
Yesu yumvise iyo nyishu aca amubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”
23
Wa muntu avyumvise arababara cane kuko yari atunze cane.
24
Yesu abonye ukuntu ababaye, aca avuga ati: “Biragoye cane ko abatunzi binjira mu Bwami bw’Imana.
25
Vyokworoha ko ingamiya ica mu gatoboro k’urushinge rubarira kurusha ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana.”
26
Abavyumvise baramubaza bati: “None, nimba biri uko, ni nde ashobora gukizwa?”
27
Yesu arabishura ati: “Ibidashobokera abantu bishobokera Imana.”
28
Maze Petero aramubarira ati: “Twebwe twasize ivyacu vyose turagukurikira!”
29
Yesu aramwishura ati: “Ndababwire ukuri, nta muntu yasize inzu, canke umugore, canke abavukanyi, canke abavyeyi, canke abana kubera Ubwami bw’Imana,
30
atazovyishurwa incuro nyinshi muri iki gihe, kandi mu gihe kizoza akazoronka ubugingo budashira.”
31
Hanyuma Yesu aca yihereranya bamwe cumi na babiri, arababwira ati: “Ehe tugira tuduge i Yerusalemu, aho Ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana vyose ku Mwana w’Umuntu bizomushikirako.
32
Azotangwa ahabwe Abanyamahanga, bamucokore, bamutuke, bamucireko amate,
33
bamukubite, hanyuma bamwice. Ariko ku musi ugira gatatu, azozuka.”
34
Ariko abigishwa ntibigera batahura ikintu na kimwe muri ivyo ababwiye. Insiguro yavyo yari ihishijwe, bituma badatahura ico ashatse kubabwira.
35
Yesu agira ashike i Yeriko, hari impumyi yari yicaye ku nzira isegerereza.
36
Yumvise abantu benshi bariko bararengana, ibaza ibiriko biraba.
37
Na bo bayibwira bati: “Ni Yesu w’i Nazareti ariko ararengana.”
38
Aca arasemerera ati: “Yesu, Mwana wa Dawidi, ngirira impuhwe!”
39
Abari imbere ya Yesu baramuzibiza ngo ahore, ariko arushiriza gusemerera ati: “Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!”
40
Yesu aca arahagarara, asaba ko bamumuzanira. Amushikiriye, Yesu aramubaza ati:
41
“Ushaka ko ndagukorera iki?” Na we arishura ati: “Mwami, ndashaka guhumuka.”
42
Yesu aramubwira ati: “Humuka, ukwizera kwawe kuragukijije.”
43
Ako kanya nyene aca arahumuka, akurikira Yesu ashima Imana. Abari aho bose babibonye bashima Imana.
← Chapter 17
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 19 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24