bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Luke 21
Luke 21
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 22 →
1
Yesu akiri mu rusengero, yunamura amaso abona abatunzi bashize amashikanwa yabo mu co bayatorezamwo.
2
Yongera abona n’umupfakazi na we ashizemwo ibiceri bibiri.
3
Aca avuga ati: “Ndababwire ukuri, uwu mupfakazi w’umukene atanze vyinshi kurusha abandi bose.
4
Abandi bose batanze amashikanwa ku musesekara w’ubutunzi bwabo, ariko we, mu bukene bwiwe, atanze ivyomubeshejeho vyose.”
5
Bamwe mu bigishwa batangura gushima ingene urusengero rwari rusharijwe n’amabuye meza cane hamwe n’ibindi vyashikaniwe Imana vyo kurushariza. Maze Yesu arababwira ati:
6
“Ku bijanye n’ibi muriko murabona, nagira ndababwire ko ata buye na rimwe rizosigara rigeretse ku rindi; yose azosamburirwa hasi.”
7
Baca baramubaza bati: “Mwigisha, ivyo bizoshika ryari? Ni ikihe kimenyetso kizokwerekana ko bigiye gushika?”
8
Na we arabishura ati: “Mwiyubare ntihagire umuntu n’umwe abazimiza. Kuko benshi bazoza biyita izina ryanje, bavuga ngo: ‘Ni jewe Kristo,’ kandi ngo: ‘Igihe kirashitse.’ Ntimuze mubakurikire.
9
Nimwumva intambara n’imigumuko, ntimuze muhagarike imitima. Ivyo bitegerezwa kubanza gushika, ariko iherezo rya vyose ntirizoba rirashika.”
10
Yongera ababwira ati: “Ihanga rizotera irindi hanga, ubwami butere ubundi bwami.
11
Hazoba ukunyiganyiga kw’isi gukomeye kandi guteye ubwoba; hazotera amapfa n’ingwara z’ivyaduka mu ntara zitandukanye. Hazoba ibiteye ubwoba n’ibimenyetso bihambaye biva mw’ijuru.
12
Ariko imbere y’uko ivyo bishika, bazobahama, babafate, babatware mu masinagogi no mu mabohero, babarengutse imbere y’abami n’abatware babahora izina ryanje.
13
Ako kazoba ari akaryo ko kunshingira intahe.
14
Ariko ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzokwireguza,
15
kuko nzobaha amajambo n’ubwenge bizotuma abababuranya badashobora kubahaririza canke ngo babahinyuze.
16
Mbere n’abavyeyi banyu, abo muvukana, incuti n’abagenzi bazobahinduka, kandi bazokwica bamwe muri mwebwe.
17
Abantu bose bazobanka babahora izina ryanje.
18
Ariko nta n’agashatsi ko ku mitwe yanyu kazotakara
19
Nimwashobora kwihangana muzorokora ubugingo bwanyu.
20
Nimwabona Yerusalemu ikikujwe n’ingabo, muzoce mumenya ko isenyurwa ryayo ryegereje.
21
Nuko abazoba bari i Yudaya baze bahungire ku misozi, abari mu gisagara bakivemwo, kandi abazoba bagiye mu misozi, ntibaze bagaruke mu gisagara.
22
Kuko iyo misi izoba ari iy’ukwihora kw’Imana, kugira ngo Ivyanditswe bishike.
23
Ese ukuntu iyo minsi izoba ari iy’umubabaro utagira ingene wovugwa ku bagore bibungenze n’abazoba bonsa! Kizoba ari igihe c’umubabaro mwinshi mu gihugu, n’uburake bw’Imana kuri ubu bwoko.
24
Benshi muri bo bazokwicishwa inkota, canke batwarwe nk’inyagano mu mahanga yose yo kw’isi. Igisagara ca Yerusalemu kizohonyangwa n’Abanyamahanga kugeza igihe Abanyamahanga bagenewe kirangiye.
25
Hazoba ibimenyetso ku zuba, ku kwezi no ku nyenyeri. Kw’isi na ho, amahanga azogira ubwoba abure uko agira, kubera ukubomborana kw’amazi yo mu biyaga hamwe n’imipfunda.
26
Imitima y’abantu izohagarara bishwe n’ubwoba, babonye ibigira bishike kw’isi, kuko ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa.
27
Inyuma y’ivyo, umuntu wese azobona Umwana w’Umuntu aje ku gicu, afise ububasha n’ubwiza butangaje.
28
Nimwabona ivyo bibaye, muze muhaguruke, mushire ubwoba, ugucungurwa kwanyu kuzoba kwegereje.”
29
Nuko Yesu abacira umugani ati: “Nimurabire ku giti c’umusukoni canke ku kindi giti ico ari co cose.
30
Iyo bizanye amababi, muca mumenya ko agatasi kari hafi.
31
None rero nimwabona ivyo vyose, muzoce mumenya neza ko Ubwami bw’Imana buri hafi.
32
Ndababwire ukuri, abo muri runo rungamwe ntibazopfa bose ivyo vyose bitarashika.
33
Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazokwigera akurwaho.
34
Mwiyubare, imitima yanyu ntiremerwe n’akaborerwe hamwe n’ibihimbaro bijanye na ko, canke imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, kugira ngo uwo musi ntuze ubashikeko giturumbuka,
35
kuko uko ari ko uzoshika ku bari kw’isi bose.
36
Nuko rero mwame maso, musenge kugira ngo muze muronke inkomezi zibashoboza kurengana ivyo vyose, no kugira ngo muze mushobore guhagarara imbere y’Umwana w’Umuntu.”
37
Imisi yose Yesu yama yigishiriza mu rusengero, ku mugoroba akava mu gisagara akaja kurara ku Musozi wa Elayono,
38
kandi abantu benshi bama baza mu gatondo mu rusengero kumwumviriza.
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 22 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24