bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Luke 17
Luke 17
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 16
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 18 →
1
Umusi umwe Yesu yabwiye abigishwa biwe ati: “Ibituma abantu bacumura ntibizoreka kuza, ariko aragowe umuntu abizana.
2
Ikimukwiye ni uko yoboherwa ibuye rinini kw’izosi, agatererwa mu kiyaga, hako atuma hagira n’umwe muri aba bato acumura.
3
Nuko rero mwiyubare mu vyo mukora. Umuvukanyi wawe niyacumura, umwihanize. Niyihana, umuharire.
4
Niyagucumurako incuro indwi ku musi, akagaruka incuro indwi nyene akubwira ati: ‘Ndihanye mbabarira,’ uze umuharire.”
5
Intumwa zibwira Umwami Yesu ziti: “Mwigisha, twongerereze ukwizera.”
6
Arabishura ati: “Iyo muba mwari mufise ukwizera kungana n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride, mwobwiye iki giti muti ‘Randuka, ushingwe mu kiyaga,’ kandi cobumviye.
7
Ni nde muri mwebwe, afise umukozi, yohengera avuye kurima canke kuragira, akamubwira ati: ‘Kaze ku meza dufungure’?
8
Mbega ntaca avuga ati: ‘Ntegurira imfungurwa, hanyuma wambare neza ungaburire, ninaheza gufungura na we uraheza ufungure’?
9
Mbega arashimira uwo mukozi ko yakoze ivyo yamutegetse vyose? Haba na mba!
10
Nuko rero namwe nimwaheza gukora ivyo mwategetswe vyose, muze muvuge muti: ‘Turi abakozi b’imburakimazi, twakoze ivyo dutegerezwa gukora.’ ”
11
Yesu ariko araja i Yerusalemu, aca ku rubibe rwa Samariya na Galilaya.
12
Agira ashikire imihana, haza abanyamibembe cumi baza guhura na we, ariko bahagarara kure yiwe.
13
Barasemerera bati: “Yesu, Mwigisha, tugirire impuhwe!”
14
Ababonye, arababwira ati: “Nimugende, mwiyereke abaherezi.” Bakiri mu nzira bagenda, baca barakira imibembe, barahumanuka.
15
Umwe muri bo abonye ko yakize, aca asubira inyuma aho Yesu yari ari, ashima Imana n’ijwi rirenga.
16
Amushikiriye, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramushimira. Kandi yari Umusamariya.
17
Yesu arabaza ati: “Mbega abakize bagahumanuka ntibari cumi? None abandi icenda bari he?
18
Nta n’umwe yagarutse guha icubahiro Imana atari uwu munyamahanga?”
19
Aca aramubwira ati: “Haguruka wigire, ukwizera kwawe kwagukijije.”
20
Umusi umwe Abafarisayo babajije Yesu aho Ubwami bw’Imana buzozira, na we arabishura ati: “Ubwami bw’Imana ntibuza mu buryo bubonwa n’amaso,
21
kandi nta wuzovuga ngo: ‘Ehe buri hano’ canke ngo: ‘Ehe buri hariya.’ Kuko Ubwami bw’Imana buri hagati muri mwebwe.”
22
Aca abwira abigishwa biwe ati: “Hazogera igihe mwipfuza kubona n’umusi umwe mu misi y’Umwana w’Umuntu, ariko ntimuzowubona.
23
Abantu bazobabwira bati: ‘Ehe ari hariya!’ Canke ngo: ‘Ehe ari hano!’ Ntimuze mujeyo canke ngo mubakurikire.
24
Kuko nk’uko umuravyo uravya ukaboneshereza ijuru ryose, ni ko bizomera Umwana w’Umuntu niyaza ku musi wiwe.
25
Ariko azobanza kubabazwa cane no kwankwa n’abantu b’iki gihe.
26
Nk’uko vyari bimeze mu gihe ca Nowa, ni ko bizomera no mu gihe c’Umwana w’Umuntu.
27
Bararya, baranywa, bararongora, bagashingiza, gushika umusi Nowa yinjiye mu bwato, maze umwuzure ukaza ukabatikiza bose.
28
Ni ko vyari bimeze no mu gihe ca Loti. Bararya, baranywa, barasuma, baradandaza, bararima, barubaka amazu,
29
gushika umusi Loti yaviriye i Sodomu, maze umuriro n’ibizuku bikoroka bivuye mw’ijuru, birabarigita bose.
30
Ni ko bizoba no ku musi Umwana w’Umuntu azohishurirwako.
31
Kuri uwo musi, uwuzoba ari hejuru ku nzu, ntazosubire mu nzu kurondera ivyiwe. N’uwuzoba ari mu murima, ntaze asubire i muhira.
32
Mwibuke ivyashikiye muka Loti.
33
Uwugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwuzobuheba azobukiza.
34
Ndababwire, abantu babiri bazoba baryamye ku buriri bumwe, umwe azojanwa, uwundi asigare.
35
Abagore babiri bazoba bariko barasya hamwe, umwe ajanwe, uwundi asigare. [
36
Abagabo babiri bazoba bari kumwe mu murima, umwe ajanwe, uwundi asigare.” ]
37
Maze abigishwa baramubaza bati: “None ivyo bizobera he ga Mwami?” Na we arabishura ati: “Aho umuvyimba uzoba uri, ni ho ibikona bizokoranira.”
← Chapter 16
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 18 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24