bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezra 1
Ezra 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 2 →
1
Mu mwaka wa mbere Kuro umwami w’i Buperesi agiye ku ngoma, Uhoraho akangura umutima wiwe kugira ngw ijambo yavugiye mu kanwa ka Yeremiya ribone gushika. Nuko Kuro uwo mwami w’i Buperesi ashinga ko babitangaza mu gihugu ciwe cose, aranavyandika,
2
ngo Kuro, umwami w’i Buperesi aravuze, at’ Uhoraho Imana Nyen’ ijuru yangabiye ibihugu vyose vyo mw isi. Kandi yangeze ngo ndamwubakire ingoro i Yerusalemu mu Buyuda.
3
Non’ umuntu wese muri mwebge wo mu bantu biwe bose, Imana yiwe n’ibane na we, adūge i Yerusalemu mu Buyuda, yubake ingoro y’Uhoraho Imana y’Abisirayeli, ari yo Mana iba i Yerusalemu.
4
Kand’ ahantu hose hasigaye umuntu w’inyambukīra, abantu baho ni bamufashishe ifeza n’ izahabu n’ibintu n’ibitungano, bamuhe n’amashikanwa bashikanye kubg’ iyo ngoro y’Imana y’i Yerusalemu bivuye ku mitima ikunze.
5
Nuko, abakuru b’amazu ya ba sekuruza b’Abayuda n’ab’ Ababenyamini, bo n’abaherezi n’ Abalewi n’abandi bose Imana yateye umwete, bava hasi kugira ngo baje gusubira kwubaka ingoro y’Uhoraho i Yerusalemu.
6
Ababanyi babo bose babaha intererano z’ibintu vy’amafeza n’amazahabu n’ibindi, bo n’ibitungano n’ibintu vy’igiciro kinini, ukūyemw’ ivyo bashikanye vyose bivuye ku mitima ikunze.
7
Kandi n’umwami Kuro asohora ibintu vy’imbombovu vyakoreshwa mu ngoro y’Uhoraho, ivyo Nebukadineza yari yaranyaze i Yerusalemu, akabishira mu kinyabugoro c’imana ziwe;
8
izo mbombovu Kuro umwami w’i Buperesi mu kuzisohora atuma Mitiredati umuzezwabintu wiwe, na we aziharūrira imbere ya Sheshibazari umuganwa wo mu Bayuda.
9
Kand’ igitigiri cavyo ngiki: amasahani y’izahabu mirongwitatu, n’ay’ ifeza igihumbi, n’ imbugita mirongwibiri n’icenda,
10
n’amabakure y’izahabu mirongwitatu, n’amabakure y’ifeza y’uburyo bga kabiri amajana ane n’icumi, n’ibikoreshwa bindi igihumbi.
11
Ibintu vy’imbombovu vy’izahabu n’ivy’ ifeza, vyose na vyose vyar’ ibihumbi bitanu n’ amajana ane. Ivyo vyose Sheshibazari yabijanye igihe abantu b’inyagano bāva i Babuloni bagasubira i Yerusalemu.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10