bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezra 10
Ezra 10
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
1
Nuko Ezira agisenga yātura, kand’ arira, yikubise hasi imbere y’ingoro y’Imana, ikoraniro rinini cane ry’Abisirayeli, abagabo n’abagore n’abana, bakoranira ah’ ari; kand’ abantu bararira cane.
2
Maze Shekaniya mwene Yehiyeli, umwe wo mu bandurutse kuri Elamu, abgira Ezira, ati Twacumuye ku Mana yacu, ko twābiriye abanyamahangakazi bo mu mahanga yo mur’ ibi bihugu; yamara naho bimeze birtyo haracar’ ivyizigiro vy’ukw Abisirayeli bokira.
3
Nuko rero none dusezerane isezerano n’Imana yacu yuko twirukana abo bagore bose n’ abana bāvyaye, dukurikiye inama yawe mugenzi, n’iy’ abubaha icagezwe c’Imana yacu; kandi bigenzwe nk’ukw ivyagezwe bigera.
4
Va hasi, kukw ar’ ivyawe, kandi turi kumwe nawe; shira ubgoba, ubikore.
5
Nuko Ezira aca ava hasi, arahiza abakuru b’ abaherezi n’Abalewi n’Abisirayeli bose, yuko bazobigenza nk’uko bagiye inama. Nuko bararahira.
6
Maze Ezira arahaguruka ava imbere y’ingoro y’Imana, aja mu cumba ca Yehohanani mwene Eliyashibu; arikw ashitseyo ntiyagira ic’ atamira, nta n’amazi yasomye, kuko yari yababajwe n’ igicumuro c’abāvuye mu kinyago.
7
Hanyuma batāngāza i Buyuda n’i Yerusalemu ngw abavuye mu kinyago bose bakoranire i Yerusalemu;
8
kandi ngo mu misi itatu, ūtazoba yaje nk’ukw abakuru n’ abashingantahe bahuje inama, azonyagwa ivyiwe vyose, kandi na we ubgiwe agacibga mw ikoraniro ry’ abavuye mu kinyago.
9
Nuko mur’ iyo misi itatu Abayuda n’Ababenyamini bose bari bamaze gukoranira i Yerusalemu; hāri ku musi ugira mirongwibiri w’ukwezi kw’icenda; abantu bose bagandagaza ku kibuga imbere y’ ingoro y’Imana, bahindishwa agashitsi n’ivyo, kandi n’uko hāri n’ imvura nyinshi.
10
Maze Ezira umuherezi arahaguruka, arababarira, ati Mwaracumuye, mwābīra abagore b’abanyamahangakazi, mwongerereza Abisirayeli icaha.
11
None ni mwaturire Uhoraho Imana ya ba sogokuruza ivyo, mukore ivy’ igomba, mwitandukanye n’amahanga yo mu bihugu n’abagore b’abanyamahangakazi.
12
Nukw ikoraniro ryose bamwishura n’ijwi rirenga, bat’ Ic’ utugezeko ni co twemeye gukora.
13
Arikw abantu ni benshi, kandi n’igihe c’imvura nyinshi, ntitwoshobora guhagarara hanze. Kand’ ico gikorwa s’ic’ umusi umwe cank’ ibiri, kuko twacumuye cane mur’ ivyo.
14
None rer’ abakuru bacu ni basigarire iri koraniro ryose; maz’ abo mu bisagara vyacu bose bābiriye abanyamahangakazi, baze bame baza mu bihe bishinzwe, bāzanywe n’abakuru b’ibisagara vyose n’abacamanza bavyo, bashitse igihe uburake bg’Imana yacu bg’inkazi buzotuvirako, ubgo yatugiriye kubg’ ivyo bintu.
15
Ariko Yonatani mwene Asaheli na Yahazeya mwene Tikuva ni bo bāvuye hasi bahakana iyo nama; kandi bafatanya na Meshulamu na Shabetayi Umulewi.
16
Nukw abavuye mu kinyago babigenza bartyo. Maze Ezira umuherezi na bamwe bo mu bakuru b’amazu ya ba sekuruza, baratorwa, nk’ukw amazu yabo ari, bose bahamagarwa mu mazina yabo; nuko ku musi wa mbere w’ ukwezi kw’icumi baricara barabisuzuma.
17
Ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere bari barangije ivy’ abantu bose bari barābiriye abagore b’abanyamahangakazi.
18
Abo mu bana b’abaherezi bābiriye abagore b’abanyamahangakazi ni Mayaseya na Eliyezeri na Yaribu na Gedaliya muri bene Yosuwa, Yosuwa mwene Yehozadaki, na bagenzi biwe.
19
Abo bararahira bakorana mu ntoke yuko birukana abagore babo; kandi batanga impfizi y’ intama kw iciru, kuko batsinzwe n’urubanza.
20
Muri bene Imeri, ni Hanani na Zebadiya.
21
Muri bene Harimu, ni Mayaseya na Eliya na Shemaya na Yehiyeli na Uziya.
22
Muri bene Pashuri, ni Eliyowenayi na Mayaseya na Ishimayeli na Netaneli na Yozabadi na Elasa.
23
Mu Balewi, ni Yozabadi na Shimeyi na Kelaya (ari we Kelita), na Petahiya na Yuda na Eliyezeri.
24
Mu baririmvyi, ni Eliyashibu; mu bashibamyi, ni Shalumu na Telemu na Uri.
25
Mu Bisirayeli bandi, abo mu ba Paroshi, ni Ramiya na Iziya na Malikiya na Miyamini na Eleyazari na Malakiya na Benaya.
26
Mu ba Elamu, ni Mataniya na Zekariya na Yehiyeli na Abudi na Yeremoti na Eliya.
27
Mu ba Zatu, ni Eliyowenayi na Eliyashibu na Mataniya na Yeremoti na Zabadi na Aziza.
28
Mu ba Bebayi, ni Yehohanani na Hananiya na Zabayi na Atilayi.
29
Mu ba Bani, ni Meshulamu na Maluki na Adaya na Yashubu na Sheyeli na Yeremoti.
30
Mu ba Pahati‐mowabu, ni Adina na Kelali na Benaya na Mayaseya na Mataniya na Besaleli na Binuwi na Manase.
31
Mu ba Harimu, ni Eliyezeri na Ishiya na Malikiya na Shemaya na Simeyoni,
32
na Benyamini na Maluki na Shemariya.
33
Mu ba Hashumu, ni Matenayi na Matata na Zabadi na Elifeleti na Yeremayi na Manase na Shimeyi.
34
Mu ba Bani, ni Mayadayi na Amuramu na Uweli,
35
na Benaya na Bedeya na Keluhi,
36
na Vaniya na Meremoti na Eliyashibu,
37
na Mataniya na Matenayi na Yahasu,
38
na Bani na Binuwi na Shimeyi,
39
na Shelemiya na Natani na Adaya,
40
na Makinadebayi na Shashayi na Sharayi,
41
na Azareli na Shelemiya na Shemariya,
42
na Shalumu na Amariya na Yosefu.
43
Mu ba Nebo, ni Yeyeri na Matitiya na Zabadi na Zebina na Ido na Yoweli na Benaya.
44
Abo bose bāri bābiriye abagore b’abanyamahangakazi, mbere bamwe muri bo bāri bamaze kuvyarana abana.
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10