bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezra 2
Ezra 2
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 3 →
1
Aba ni bo bo mur’ ico gihugu Nebukadineza umwami w’i Babuloni yari yarajanye i Babuloni nyene ar’ inyagano, bakava mu kinyago bagasubira i Yerusalemu n’i Buyuda, umuntu wese agasubira mu gisagara c’i wabo;
2
ni bo bāzananye na Zerubabeli na Yosuwa na Nehemiya, na Seraya na Reyelaya na Moridekayi, na Bilishani na Misipari na Bigivayi, na Rehumu na Bayana. Igitigiri c’abagabo bo mu Bisirayeli ngiki:
3
abo mu ba Paroshi n’ibihumbi bibiri n’ijana na mirongwirindwi na babiri.
4
Abo mu ba Shefatiya n’amajana atatu na mirongwirindwi na babiri.
5
Abo mu ba Ara n’amajana ndwi na mirongwirindwi na batanu.
6
Abo mu ba Pahati‐mowabu, bandurutse kuri Yosuwa na Yowabu, n’ibihumbi bibiri n’amajana munani n’ icumi na babiri.
7
Abo mu ba Elamu n’igihumbi n’amajana abiri na mirongwitanu na bane.
8
Abo mu ba Zatu n’amajana cenda na mirongwine na batanu.
9
Abo mu ba Zakayi n’amajana ndwi na mirongwitandatu.
10
Abo mu ba Bani n’amajana atandatu na mirongwine na babiri.
11
Abo mu ba Bebayi n’amajana atandatu na mirongwibiri na batatu.
12
Abo mu ba Azigadi n’igihumbi n’amajana abiri na mirongwibiri na babiri.
13
Abo mu ba Adonikamu n’amajana atandatu na mirongwitandatu na batandatu.
14
Abo mu ba Bigivayi n’ibihumbi bibiri na mirongwitanu na batandatu.
15
Abo mu ba Adini n’amajana ane na mirongwitanu na bane.
16
Abo mu ba Ateri, bo mu muryango wa Hezekiya, ni mirongwicenda n’ umunani.
17
Abo mu ba Besayi n’amajana atatu na mirongwibiri na batatu.
18
Abo mu ba Yora n’ijana n’icumi na babiri.
19
Abo mu ba Hashumu n’amajana abiri na mirongwibiri na batatu.
20
Ab’i Gibari ni mirongwicenda na batanu.
21
Ab’i Betelehemu n’ijana na mirongwibiri na batatu.
22
Abagabo b’i Netofa ni mirongwitanu na batandatu.
23
Abagabo b’i Anatoti n’ijana na mirongwibiri n’umunani.
24
Ab’i Azimaveti ni mirongwine na babiri.
25
Ab’i Kiriyatarimu n’i Kefira n’i Beroti n’amajana ndwi na mirongwine na batatu.
26
Ab’i Rama n’i Geba n’amajana atandatu na mirongwibiri n’umwe.
27
Abagabo b’i Mikimasi n’ijana na mirongwibiri na babiri.
28
Abagabo b’i Beteli n’i Hayi n’ amajana abiri na mirongwibiri na batatu.
29
Ab’i Nebo ni mirongwitanu na babiri.
30
Ab’i Magibishi n’ijana na mirongwitanu na batandatu.
31
Ab’i Elamu handi n’igihumbi n’amajana abiri na mirongwitanu na bane.
32
Ab’i Harimu n’amajana atatu na mirongwibiri.
33
Ab’i Lodi n’i Hadidi n’i Ono n’amajana ndwi na mirongwibiri na batanu.
34
Ab’i Yeriko n’amajana atatu na mirongwine na batanu.
35
Ab’i Sena n’ibihumbi bitatu n’amajana atandatu na mirongwitatu.
36
Abaherezi n’aba: abo mu ba Yedaya, bo mu nzu ya Yosuwa, n’amajana cenda na mirongwirindwi na batatu.
37
Abo mu ba Imeri n’igihumbi na mirongwitanu na babiri.
38
Abo mu ba Pashuri n’igihumbi n’amajana abiri na mirongwine n’indwi.
39
Abo mu ba Harimu n’igihumbi n’icumi n’indwi.
40
Abalewi n’aba: abo mu ba Yosuwa na Kadimiyeli, ari bo bandurutse kuri Hodaviya, ni mirongwirindwi na bane.
41
Abaririmvyi bo mu ba Asafu n’ijana na mirongwibiri n’umunani.
42
Mu bashibamyi, abo mu ba Shalumu, no mu ba Ateri, no mu ba Talimoni, no mu ba Akubu, no mu ba Hatita, no mu ba Shobayi, bose na bose n’ijana na mirongwitatu n’icenda.
43
Abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero n’aba: abo mu ba Siha, no mu ba Hasufa, no mu ba Tabayoti,
44
no mu ba Kerosi, no mu ba Siyaha, no mu ba Padoni,
45
no mu ba Lebana, no mu ba Hagaba, no mu ba Akubu,
46
no mu ba Hagabu, no mu ba Shamulayi, no mu ba Hanani,
47
no mu ba Gideli, no mu ba Gahari, no mu ba Reyaya,
48
no mu ba Resini, no mu ba Nekoda, no mu ba Gazamu,
49
no mu ba Uza, no mu ba Paseya, no mu ba Besayi,
50
no mu ba Asina, no mu ba Mehunimu, no mu ba Nefisimu,
51
no mu ba Bakibuki, no mu ba Hakufa, no mu ba Harihuri,
52
no mu ba Basiluti, no mu ba Mehida, no mu ba Harisha,
53
no mu ba Barikosi, no mu ba Sisera, no mu ba Tema,
54
no mu ba Nesiya, no mu ba Hatifa.
55
Abuzukuruza b’abasavyi ba Salomo n’aba: abo mu ba Sotayi, no mu ba Hasofereti, no mu ba Peruda,
56
no mu ba Yahala, no mu ba Darikoni, no mu ba Gideli,
57
no mu ba Shefatiya, no mu ba Hatili, no mu ba Pokereti‐hasebayimu, no mu ba Ami.
58
Abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero bose, bo n’abuzukuruza b’abasavyi ba Salomo, bose na bose bar’ amajana atatu na mirongwicenda na babiri.
59
Kand’ aba ni bo bādūze bava i Telimela n’i Teliharisha n’i Kerubu n’i Adani n’i Imeri, ariko vyarabananira kwerekana amazu ya ba sekuruza bandurutseko cank’ abo bakomotseko yukw ar’ Abisirayeli vy’ukuri.
60
Abo mu ba Delaya no mu ba Tobiya no mu ba Nekoda n’amajana atandatu na mirongwitanu na babiri.
61
Abo mu baherezi n’aba: abo mu ba Habaya, no mu ba Hakosi, no mu ba Baruzilayi, umwe yābiriye umugeni mu bakobga ba Baruzilayi w’Umunyagileyadi, agaca yitiranwa na sebukwe,
62
abo bārondeye amazina yabo mu gitabo kidondora ba sekuruza, ntibayabona, ni co gituma biyumviriwe nk’abahumanye, bagakūrwa mu buherezi.
63
Umucamateka arababuza ngo ntibarye ku vyera cane, kugeza igihe hazobonekera umuherezi afise Urimu na Tumimu.
64
Nukw iryo shengero ryose iyo riva rikagera, bose na bose bar’ ibihumbi mirongwine na bibiri n’amajana atatu na mirongwitandatu;
65
udashizemw’ abagurano n’abaguranokazi babo, igitigiri cabo bar’ ibihumbi ndwi n’amajana atatu na mirongwitatu n’indwi; kandi bari bafise abaririmvyi b’abagabo n’abagore amajana abiri.
66
Amafarasi yabo yar’ amajana ndwi na mirongwitatu n’atandatu; n’inyumbu zabo zar’ amajana abiri na mirongwine na zitanu;
67
n’ingamiya zabo zar’ amajana ane na mirongwitatu na zitanu, n’indogoba zabo ibihumbi bitandatu n’amajana ndwi na mirongwibiri.
68
Bamwe mu bakuru b’amazu ya ba sekuruza, bāshitse ku kibanza c’ingoro y’ Uhoraho i Yerusalemu, batanga amashikanwa y’iyo ngoro y’Imana bivuye ku mitima, ngo bayihagarike ahantu hayo.
69
Batanga uko bashoboye, bashira mu bubiko bg’ivyo kwubakisha amahera y’izahabu yitwa dariki ibihumbi mirongwitandatu na kimwe, n’ ifeza, ingero yitwa mina ibihumbi bitanu, n’imyambaro ijana y’abaherezi.
70
Nukw abaherezi n’ Abalewi n’abantu bamwe baba i Yerusalemu no hafi yaho; abaririmvyi n’abashibamyi n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero bibera mu bisagara vyabo, n’abandi Bisirayeli bose mu bisagara vyabo.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10