bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezra 8
Ezra 8
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 9 →
1
Aba ni bo bakuru b’amazu ya ba sekuruza twādūganye tuva i Babuloni, ku ngoma y’umwami Aritazeruzi, kand’ uku ni kwo ba sekuruza badōndōrwa.
2
Mu ba Finehasi ni Gerushomu; mu ba Itamari ni Daniyeli; mu ba Dawidi ni Hatushi,
3
wo muri bene Shekaniya; mu ba Paroshi ni Zekariya, kandi yandikanywe n’ abagabo ijana na mirongwitanu banditswe mu gitabo kidōndōra ba sekuruza.
4
Mu ba Pahati‐mowabu ni Elihowenayi mwene Zerahiya, kand’ uwo yandikanywe n’abagabo amajana abiri.
5
Mu ba Shekaniya ni mwene Yahaziyeli, kand’ uwo yandikanywe n’ abagabo amajana atatu.
6
Mu ba Adini ni Ebedi mwene Yonatani; uwo yandikanywe n’abagabo mirongwitanu.
7
Mu ba Elamu ni Yeshaya mwene Ataliya, na we yandikanywe n’abagabo mirongwirindwi.
8
Mu ba Shefatiya ni Zebadiya mwene Mikayeli, na we yandikanywe n’abagabo mirongumunani.
9
Mu ba Yowabu ni Obadiya mwene Yehiyeli, na we yandikanywe n’abagabo amajana abiri n’icumi n’umunani.
10
Mu ba Shelomiti ni mwene Yosifiya, na we yandikanywe n’abagabo ijana na mirongwitandatu.
11
Mu ba Bebayi ni Zekariya mwene Bebayi nyene, na we yandikanywe n’abagabo mirongwibiri n’ umunani.
12
Mu ba Azigadi ni Yohanani mwene Hakatani, na we yandikanywe n’abagabo ijana n’ icumi.
13
Mu ba Adonikamu, ari bo baje hanyuma, aya ni yo mazina yabo: Elifeleti na Yeweli na Shemaya, na bo bandikanywe n’ abagabo mirongwitandatu.
14
Kandi mu ba Bigivayi ni Utayi na Zabudi, na bo bandikanywe n’ abagabo mirongwirindwi.
15
Nuko mbakoraniriza ku ruzi rusēsera muri Ahava, tuhaca insago, tuhamara imisi itatu. Nitegereje abo bantu n’abaherezi, nsanga nta n’umwe wo mu Balewi ari muri bo.
16
Maze ntuma kuri Eliyezeri na Ariyeli na Shemaya na Elinatani na Yaribu na Elinatani wundi na Natani na Zekariya na Meshulamu, ari bo bantu b’abashingantahe, bo na Yoyaribu na Elinatani b’abigisha.
17
Ndaheza ndabatuma kuri Ido w’umushingantahe w’ahītwa i Kasifiya, mbabgira ubutumwa bazomubgira bo na bagenzi biwe babawe ibango ry’ibikorwa vy’ urusengero, aho bāba i Kasifiya nyene, ngo baturungikire abo guhēreza mu ngoro y’Imana yacu.
18
Maze kubg’ ikiganza ciza c’ Imana yacu cari kuri twebge batuzanira umuntu w’umunyabgenge wo mu bandurutse kuri Mahili, Mahili wa Lewi, Lewi wa Isirayeli; batuzanira na Sherebiya n’abahungu biwe na bagenzi biwe ukw ar’ icumi n’umunani,
19
na Hashabiya hamwe na Yeshaya wo mu bandurutse kuri Merari, na bagenzi biwe n’abahungu babo ukw ari mirongwibiri,
20
bo n’abo mu bahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero, abandurutse ku bo Dawidi n’abāmutwarira bāri bāratanze ngo bakorere Abalewi, abanyebango amajana abiri na mirongwibiri, bose badōndwa amazina yabo.
21
Maze ntāngāriza aho nyene kur’ urwo ruzi Ahava ivyo kwisonzesha, kugira ngo twicishe bugufi imbere y’Imana yacu, ngo tuyisabe iduhe kugira urugendo rwiza, twebge n’abana bacu n’ ibintu vyacu vyose.
22
Kuko vyanteye isoni gusaba umwami umuce w’ingabo n’abagendera ku mafarasi, ngo baze badutabare kwivuna abansi bodutegera mu nzira; kuko twari twabgiye umwami, tut’ Ikiganza c’Imana yacu kiri ku bayitwaririka bose, ngw ibagirire neza; arik’ ububasha bgayo n’uburake birwanya abayireka bose.
23
Nuko turisonzesha, dusaba Imana tuyinginga, iraheza yemera kutwumvira.
24
Maze ntora icumi na babiri mu bakuru b’abaherezi, ari bo Sherebiya na Hashabiya, n’abandi cumi muri bagenzi babo.
25
Maz’ amafeza n’amazahabu n’ ibintu vy’imbombovu mbigera ku munzane babona, ari vyo vyatanzwekw amashikanwa y’ingoro y’ Imana yacu, ivy’ umwami n’ abajanama biwe n’abaganwa biwe n’Abisirayeli bāriho bose bāshikanye.
26
Nuko ndabigera, ndaheza ndabibazēza, ar’ italanto z’ ifeza amajana atandatu na mirongwitanu, n’ibintu vy’imbombovu bicuzwe mu mafeza italanto ijana, n’italanto z’izahabu ijana nyene;
27
n’ibikombe vy’izahabu mirongwibiri biciye amahera yitwa dariki igihumbi, n’ibikoreshwa bibiri vy’imiringa myiza isenwe y’ igiciro kinini nk’ic’ izahabu.
28
Ndababgira, nti Mwebge mur’ aberejwe Uhoraho, n’ibintu vy’ imbombovu na vyo nyene n’ ivyera, kand’ ayo mafeza n’amazahabu ni yo mashikanwa bashikaniye Uhoraho Imana ya ba sogokuruza bivuye ku mitima.
29
Muvyitwaririke mubizigame, kugeza aho muzobigerera ku munzane imbere y’abakuru b’abaherezi n’Abalewi n’abakuru b’ amazu ya ba sogokuruza b’Abisirayeli, mu vyumba vyo mu ngoro y’Uhoraho i Yerusalemu.
30
Nukw abaherezi n’Abalewi bākīra ayo mafeza n’amazahabu n’ibindi bintu uk’ urugero rwavyo rwangana, ngo babijane i Yerusalemu mu ngoro y’Imana yacu.
31
Maze ku musi ugira icumi na kabiri w’ukwezi kwa mbere turahaguruka tuva kur’ urwo ruzi Ahava, ngo tuje i Yerusalemu; ikiganza c’Imana yacu kiba kuri twebge, iradukiza ngo ntitugwe mu maboko y’abansi n’abaturyamiye mu mayira.
32
Dushitse i Yerusalemu turuhuka imisi itatu.
33
Maze ku musi ugira kane bagera ku munzane ayo mafeza n’ amazahabu n’ibindi bintu, babigerera mu ngoro y’Imana yacu, babishikiriza Meremoti mwene Uriya umuherezi, ari kumwe na Eleyazari mwene Finehasi, kandi bari bafatanije na Yozabadi mwene Yosuwa na Nowadiya mwene Binuwi, b’Abalewi.
34
Vyose barabiharūra ukw igitigiri cavyo n’ukuriba kwavyo vyangana. Ico gihe nyene ukuriba kwavyo kwose kurandikwa.
35
Maz’ abāgarutse bavuye mu kinyago bosereza Imana y’Abisirayeli ibimazi; batanga amamasa cumi n’abiri kw ikimazi c’Abisirayeli bose, n’amapfizi y’ intama mirongwicenda n’atandatu, n’imyagazi y’intama mirongwirindwi n’indwi; batanga n’amasuguru y’impene cumi n’abiri kw ikimazi gitangirwa ivyaha; ivyo vyose vyabaye ikimazi coserezwa Uhoraho.
36
Maz’ amajambo y’ umwami bayashikiriza ivyēgēra vyiwe n’abaganza hakuno y’uruzi, na bo batanga ivyo gufasha abantu bo n’ingoro y’Imana.
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 9 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10