bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezra 6
Ezra 6
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 7 →
1
Maz’ umwami Dariyo avuga ko barondera mu nzu ibīkwamw’ ibitabo vy’ivyabaye, ahabīkwa ibintu vy’igiciro i Babuloni;
2
babona umuzingo w’igitabo mu rugo rw’i bgami ahitwa Akimeta, mu gihugu c’i Bumedi; uwo muzingo wari wanditswemw’ ibi, ngw Icibutso:
3
mu mwaka wa mbere umwami Kuro ari ku ngoma, uwo mwami Kuro nyene yashinze ibgirizwa ry’ivy’ inzu y’Imana i Yerusalemu, kugira ngw isubire yubakwe, ibe ahantu batangira ibimazi; kand’ amatanguriro yayo bayubake bayakomeze; uburebure bgayo bg’igihagararo bube amatambge mirongwitandatu y’ ukuboko uciriye mu nkokora, amakika na yo abe amatambge mirongwitandatu nyene.
4
Mu kwubaka bakurikiranye imirongo itatu y’amabuye manini‐manini n’umurongo w’ibiti bikiri bishasha; kand’ ibizotangwa kuri yo bize bikūrwe mu ngoro y’umwami.
5
Kandi n’ibintu vy’imbombovu vyākūwe mur’ iyo nzu y’Imana vy’izahabu n’ifeza, ivyo Nebukadineza yari yaranyaze mu rusengero rw’i Yerusalemu, akabizana i Babuloni, ni bisubizweyo bijanwe mu rusengero rw’i Yerusalemu, ikintu cose gisubire mu kibanza cahoramwo, bishirwe mur’ iyo nzu y’Imana.
6
None rero, Tatenayi, wewe cēgēra canje co hakurya y’uruzi, nawe Shetari‐bozenayi na bagenzi banyu b’Abafarisaki bo hakurya y’uruzi, ntimuje mur’ ivyo, s’ivyanyu;
7
mureke igikorwa c’ iyo nzu y’Imana kije imbere, mureke n’icēgēra canje kigaba Abayuda n’abakuru babo bubake iyo nzu y’Imana mu kibanza cayo.
8
Kandi nshinze ibgirizwa ry’ ivyo mukwiye gukorera abakuru b’Abayuda mu vyo kwubakisha iyo nzu y’Imana: mugire umwete cane wo guha abo bantu ivyo bazotanga, kugira ngo hoye kuzogira ikibabuza gukora, muvyabiriye ku bintu vyanje, mbere kw ikori ry’ abo hakurya y’uruzi.
9
Kandi n’ ivyo bazokena nk’amamasa y’ imikangara n’amapfizi y’intama n’ imyagazi y’intama nyene vyo gutangakw ibimazi vyo kwosereza Imana Nyen’ ijuru, n’ingano n’ umunyu na vino n’amavuta, ivyo abaherezi b’i Yerusalemu bazokwāka, baze bame babihabga uko bukeye, ntibasībe,
10
kugira ngo baze bahore baha Imana Nyen’ ijuru ibimazi vy’umubabge umota neza, kandi bansabire kuramba, jewe umwami n’abahungu banje.
11
Kandi nshinze itēka, k’umuntu wese azohindura iri bgirizwa, bazositura inkingi mu nzu yiwe, bayishinge bayimumanikeko, kand’ inzu yiwe bayihindure ikirundo c’isakamburira bamuhoye ivyo.
12
Kand’ Imana yatumye izina ryayo rihaba, iragatsinda umwami wese n’ihanga ryose, abazorenga ibgirizwa ryanje, bakaramvura amaboko yabo, ngo basambure iyo nzu y’Imana i Yerusalemu. Jewe Dariyo nshinze iryo bgirizwa; rize rikorwe rishimikiwe.
13
Hanyuma Tatenayi icēgēra c’ umwami co hakuno y’uruzi na Shetari‐bozenayi na bagenzi babo bumvise ijambo ry’umwami Dariyo, bagira umwete wo kubishitsa nk’uko yabatumyeko.
14
Nukw abakuru b’Abayuda bagira ikiganza ciza mu kwubaka, bafashijwe n’ukuvugishwa kwa Hagayi uwavugishwa n’Imana na Zekariya mwene Ido. Barayubaka iruzura, nk’ukw ibgirizwa ry’Imana y’ Abisirayeli ryashinze, kandi no kubg’ icagezwe ca Kuro na Dariyo, na Aritazeruzi umwami w’i Buperesi.
15
Iyo ngoro yuzura ku musi ugira gatatu w’ukwezi kwa Adari, kwo mu mwaka ugira gatandatu umwami Dariyo ari ku ngoma.
16
Maz’ Abisirayeli n’abaherezi n’Abalewi, n’abandi bavuye mu kinyago, bagira umusi mukuru wo gushikiriza Imana iyo ngoro yayo banezerewe.
17
Ico gihe co kuyishikiriza Imana, bātanze amamasa ijana n’amapfizi y’intama amajana abiri n’imyagazi y’intama amajana ane, kandi batangirira Abisirayeli bose amasuguru y’ impene cumi n’abiri, nk’ukw igitigiri c’imiryango y’Abisirayeli kingana, kw ikimazi gitangirwa ivyaha.
18
Bashirah’ abaherezi ukw imigabane yabo ikurikirana, n’Abalewi baja ku mbu zabo, ngo bakorere Imana i Yerusalemu, nk’uko vyanditswe mu gitabo ca Mose.
19
Maz’ abavuye mu kinyago barya ivya Pasika ku musi w’icumi na kane w’ukwezi kwa mbere,
20
kukw abaherezi n’Abalewi bari biyereje hamwe, bose bari batunganye; nuko babāga imyagazi ya Pasika kubg’ abavuye mu kinyago bose no kubg’ abaherezi bagenzi babo, no kubgabo na bo nyene.
21
Nukw Abisirayeli bari bagarutse bavuye mu kinyago barya ivya Pasika, bo n’abantu bose bari bitandukanije n’ivy’ ubuhumane bgo mu bapagani bo mur’ ico gihugu, bagafatanya n’Abisirayeli gusenga Uhoraho Imana y’ Abisirayeli,
22
bagira imisi mikuru ndwi y’imitsima itambiwe banezerewe, kuk’ Uhoraho yabanejereje, kand’ agahindurira umutima w’umwami w’i Ashuri kuri bo, ngw abunganire mu gukora igikorwa c’ingoro y’Imana, ari yo Mana y’Abisirayeli.
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 7 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10