bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezra 5
Ezra 5
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 6 →
1
Maz’ abavugishwa n’Imana Hagayi na Zekariya mwene Ido bavugishwa mw izina ry’Imana y’Abisirayeli, babarira Abayuda bar’ i Buyuda n’i Yerusalemu.
2
Bukeye Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na Yosuwa mwene Yehozadaki bakūra hasi, batangura gusubira kwubaka ingoro y’Imana ir’i Yerusalemu, bari kumwe n’ abo bavugishwa n’Imana babafasha.
3
Mur’ iyo misi nyene Tatenayi icēgēra c’umwami co hakuno y’uruzi, na Shetari‐bozenayi na bagenzi babo, baza aho bari, barababaza, bati Ni nde yabahaye ibgirizwa ryo kwubaka iyi nzu, ngo mwuzuze n’uru ruzitiro?
4
Kandi barababaza, bat’ Abantu bubaka iyi nzu ni ba nde?
5
Arikw abakuru b’Abayuda, inyonga z’Imana yabo ziguma kuri bo, ntibābabuza kwubaka gushitsa batumye kuri Dariyo, icete c’inyishu kikagaruka.
6
Aya majambo n’amwe n’ayo mu cete canditswe na Tatenayi, icēgēra c’umwami co hakuno y’ uruzi, na Shetari‐bozenayi, na bagenzi babo b’Abafarisaki baba hakuno y’uruzi, bakakirungikira umwami Dariyo.
7
Nuko bamurungikira icete canditswe girtya, ngo Ku mwami Dariyo, n’ amahoro neza.
8
Urazirikanye ga mugenzi, twagiye mu gihugu c’i Buyuda ku nzu y’Imana nkuru yubakishwa amabuye manini‐manini, kand’ itambitswekw ibiti ku nsika zayo; ico gikorwa kirakomeza kuja imbere, bafise amaboko yabakundiye.
9
None twabajije abo bakuru, tuti Ni nde yabahaye ibgirizwa ryo kwubaka iyi nzu, ngo mwuzuze n’uru ruzitiro?
10
Kandi twababajije amazina yabo, kugira ngo tuyakumenyeshe, twandika n’amazina y’abakuru babagaba.
11
Nuko baratwishura, bati Tur’ abasavyi b’Imana Nyen’ ijuru n’isi, kandi turiko turasubira kwubaka ingoro yari yarubatswe kera, ubu hashize imyaka myinshi, iyo umwami ahambaye w’Abisirayeli yari yarubatse akayuzuza.
12
Bat’ Ariko hanyuma ba sogokuruza baratsa Imana Nyen’ ijuru, ibatanga mu maboko ya Nebukadineza w’Umukaludaya, umwami w’i Babuloni, ni we yasanganguye iyo ngoro, ajana abantu i Babuloni ar’ inyagano.
13
Bat’ Ariko mu mwaka wa mbere Kuro umwami w’i Babuloni ari ku ngoma, uwo mwami Kuro nyene yashinze ibgirizwa yukw iyi ngoro y’Imana yubakwa.
14
Bati Mbere n’ibikoreshwa vy’izahabu n’ifeza vyahora mur’ iyo ngoro y’Imana, ivyo Nebukadineza yari yarasahuye muri yo, ari rwo rusengero rwahora hano i Yerusalemu, akabijana mu rusengero rw’i Babuloni, bat’ Umwami Kuro abikūra mur’ urwo rusengero rw’i Babuloni nyene, bishikirizwa umuntu yitwa Sheshibazari, uwo yari yaragize icēgēra ciwe.
15
Bat’ Aramubgira, at’ Abīra ivyo bintu ubijane ku kibanza c’urusengero rw’i Yerusalemu, iyo nzu y’Imana isubire yubakwe mu kibanza cayo.
16
Nuko bukeye uwo Sheshibazari araza, yubaka itanguriro ry’iyo nzu y’Imana i Yerusalemu nyene. Nuko rer’ uhereye ico gihe ugashitsa n’ubu iracubakwa, kandi ntiruzura.
17
None rero nyaguhora ku ngoma, ni wabishima, barondere mu nzu y’ububīko bgawe aho nyene i Babuloni, barābe yuk’ umwami Kuro yoba yarashinze ibgirizwa koko ryo kwubaka iyo nzu y’Imana i Yerusalemu; uheze mugenzi, udutumeko utumenyeshe ic’ ugomba mur’ ivyo.
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 6 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10