bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ezra 7
Ezra 7
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 8 →
1
Hanyuma y’ivyo, ku ngoma ya Aritazeruzi umwami w’i Buperesi, haza Ezira mwene Seraya, Seraya wa Azariya, Azariya wa Hilukiya,
2
Hilukiya wa Shalumu, Shalumu wa Sadoki, Sadoki wa Ahitubu,
3
Ahitubu wa Amariya, Amariya wa Azariya, Azariya wa Merayoti,
4
Merayoti wa Zerahiya, Zerahiya wa Uzi, Uzi wa Buki,
5
Buki wa Abishuwa, Abishuwa wa Finehasi, Finehasi wa Eleyazari, Eleyazari wa Aroni umuherezi mukuru;
6
uwo Ezira aradūga ava i Babuloni; kandi yar’ umunyabgenge w’ivyanditswe kandi w’umuhanga mu vy’ivyagezwe vya Mose vyatanzwe n’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli. Umwami amuha ivyo yamusavye vyose, abiheshwa n’ikiganza c’ Uhoraho Imana yiwe cari kuri we.
7
Nuko bamwe mu Bisirayeli badūgana n’abaherezi bamwe n’ Abalewi n’abaririmvyi b’abashibamyi n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero; abo baja i Yerusalemu mu mwaka ugira indwi Aritazeruzi ari ku ngoma.
8
Nuko Ezira ashika i Yerusalemu mu kwezi kwa gatanu kwo mu mwaka ugira indwi nyene uwo mwami ari ku ngoma.
9
Yari yahagurutse ava i Babuloni ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere, maz’ ashika i Yerusalemu ku musi wa mbere w’ukwezi kwa gatanu, abihawe n’ikiganza ciza c’Imana cari kuri we;
10
kuko Ezira yari yarīnāmūye mu mutima kwitwaririka ivyagezwe vy’Uhoraho ngw abishitse, kandi ngo yigishe mu Bisirayeli amabgirizwa n’amatēka.
11
Aya majambo n’amwe n’ayo mu cete umwami Aritazeruzi yahaye Ezira umuherezi ari we mwanditsi, mbere yar’ umwanditsi azi amajambo y’ivyagezwe vy’ Uhoraho n’ivyo yashingiye Abisirayeli:
12
ngo Jewe Aritazeruzi umwami aganza abami, ndakwandikiye Ezira umuherezi, umunyabgenge azi ivyagezwe vy’Imana Nyen’ ijuru: n’amahoro neza?
13
None nshinze ibgirizwa ryo kurekura abo mu bantu b’ Abisirayeli bose baba mu bihugu vyanje bīgombera ubgabo kujana nawe i Yerusalemu, bo n’abaherezi babo n’Abalewi.
14
Kuko jewe umwami n’abajanama banje ukw ar’ indwi, tugutumye ng’ uje kubaza ivy’ i Buyuda n’i Yerusalemu, nk’ukw ivyagezwe vy’Imana yawe bimeze, ivy’ ufise mu maboko yawe;
15
kandi ng’ ugende ujanye amafeza n’amazahabu, ayo jewe umwami n’abajanama banje twashikaniye Imana y’Abisirayeli iba i Yerusalemu,
16
bo n’amafeza yose n’amazahabu uzosanga mu gihugu c’i Babuloni cose, hamwe n’amashikanwa y’abantu n’ay’ abaherezi, ayo bāshikaniye ingoro y’Imana yabo ir’ i Yerusalemu bivuye ku mitima;
17
ni co gituma ayo mahera ukwiye kugira umwete cane wo kuzoyagura amamasa n’ amapfizi y’intama bo n’imyagazi, hamwe n’amashikanwa y’amafu n’ay’ ibiturire agendana na vyo, ukazobitangira ku gicaniro c’ingoro y’Imana yanyu i Yerusalemu.
18
Kand’ ibizosāguka kur’ ayo mafeza n’amazahabu, mwe na bagenzi banyu muze mubikoreshe uko mubona bikwiye, mukurikiye ivyo Imana yanyu igomba;
19
kand’ ibintu vy’imbombovu uhawe vyo gukoresha mu ngoro y’Imana yawe, uz’ ubishikirize iyo Mana y’i Yerusalemu.
20
Kand’ ibintu vyose ingoro y’ Imana yawe izokenera, ivyo uzoba ukwiye gutanga, uz’ uhore ubikūra mu nzu ibīkwamw’ ibintu vyanje.
21
Kandi jewe umwami Aritazeruzi, mbariye abazezwabintu banje bose bo hakurya y’ uruzi, ku vya Ezira umuherezi, umwanditsi w’ivyagezwe vy’Imana Nyen’ ijuru, yukw ivy’ azobāka vyose bizohora bitanganwa umwete,
22
bikagarukira kw italanto z’ ifeza ijana, n’ingero zitwa koro z’ingano ijana, n’imibindi ya vino ijana, n’imibindi y’amavuta ijana nyene, n’umunyu utarinze kugerwa.
23
Ic’ Imana Nyen’ ijuru izokwaka cose kize gihore kigirirwa ingoro yayo bidatevye, kugira ng’ uburake bgayo ntibube ku gihugu canje n’abahungu banje.
24
Kandi turabamenyesha ivy’ abaherezi n’Abalewi, n’abaririmvyi n’abashibamyi, n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero, n’abakozi bo mur’ iyo ngoro y’ Imana bose uko bangana, ko bitemewe ko bākwa ikori cank’ ikibuguro cank’ ingorore.
25
Kandi nawe Ezira, nk’uk’ ubgenge bg’ Imana buri muri wewe, uz’ utore abashingantahe n’abacamanza bo gucīra imanza abantu bose bo hakurya y’uruzi, abazi ivyagezwe vy’Imana yawe bose; n’ūtabizi muze muhore mubimwigisha.
26
Maz’ ūtazokwumvira ivyagezwe vy’Imana yawe n’ivyagezwe vyanje umwami, baze bagire umwete wo kumucīra urubanza, ar’ urwo kwicwa, cank’ urwo gucibga, cank’ urwo kunyagwa ivyiwe, cank’ urwo kubohwa.
27
Uhoraho Imana ya ba sogokuruza aragahezagirwa, yashize mu mutima w’umwami imigabo imeze irtyo, yo gushariza ingoro y’Uhoraho ir’ i Yerusalemu.
28
Kandi ni we yerekanye imbabazi ziwe kuri jewe imbere y’ umwami n’abajanama biwe, n’ imbere y’abaganwa biwe bose bahambaye. Nuko ndemeshwa n’ikiganza c’Uhoraho Imana yanje cari kuri jewe; nca nkoranya abakuru bo mu Bisirayeli ngo tudūgane.
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 8 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10