bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Hebrews 1
Hebrews 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 2 →
1
Kera Imana yabaririye ba sogokuruza mu kanwa k’abavugishwa na yo mu bihe vyinshi no mu buryo bginshi,
2
mur’ iyi misi y’iherezo yabaririye twebge mu kanwa k’Umwana wayo, uwo yashiriyeho kuba samuragwa wa vyose, ni we yahaye kurema isi.
3
Uwo, kukw ar’ ugukayangana kw’ubgiza bgayo, n’ishusho y’akameremere kayo, kand’ ashigikiza vyose ijambo ry’ubushobozi bgiwe, ahejeje gushirah’ umwuhagiro w’ivyaha, avyagira i buryo bg’icubahiro c’ubgami bgo mw ijuru:
4
amaze kuba ūhambaye kurusha abamarayika, nk’ukw izina yarazwe rirengeye ayabo.
5
Ni nde wo mu bamarayika yigeze kubarira, it’ Ur’ Ubura bganje, Uyu musi ndakuvyaye? Kandi iti Nzoba Se, Na we azoba Umwana wanje?
6
Kand’ ah’ izokwongera kuzana imfura yayo mw isi, it’ Abamarayika b’Imana bose bamusenge.
7
Kand’ ivy’ abamarayika yarabivuze, it’ Ihindura abamarayika bayo imiyaga, Abasavyi bayo ibahindura imbeya z’umuriro.
8
Ariko, ivy’ Umwana wayo yabivuze, it’ Ingoma yawe, Mana, ihangamye ibihe bidashira, Icumu ry’ubugabe bgawe n’icumu ry’ūganza atunganye.
9
Wakunze ukugororoka, wanka ubugarariji, Ni co catumye Imana, ni yo Mana yawe, ikurobanuza amavuta y’umunezero, ikakurutisha bagenzi bawe.
10
Kandi iti Ni wewe, Uhoraho, mbere na mbere washizeh’ itanguriro ry’isi, Kand’ amajuru n’igikorwa c’intoke zawe.
11
Ivyo bizoshira, ariko weho uzokwamaho; Ivyo vyose bizosāza nk’impuzu,
12
Kand’ uzobizinga nk’umutamana, Bikūranwe n’ibindi nk’ukw impuzu zikūranywa. Ariko weho ur’ uko wamye, Imyaka y’ukubaho kwawe ntizoshira.
13
Ariko ni nde wo mu bamarayika yigeze kubarira, it’ Icara i buryo bganje, Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava yo musi y’ibirenge vyawe?
14
Mbeg’ abamarayika bose s’impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubg’ abazoragwa agakiza?
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13