bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Hebrews 4
Hebrews 4
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 5 →
1
Nuko, kukw isezerano ryo gushika mu buruhukiro bgayo rikiriho, twiyubare kugira ngo kumbure ntihagire uwo muri mwebge yiyumvirwa kw akērerewe.
2
Kuko natwe twabgiwe ubutumwa bgiza nka bo, ariko, ijambo bumvise ntiryābagiriye ikimazi, kuko ritāvanzwe n’ukwizera mu mitima y’abāryumvise.
3
Kuko twebge abizeye dushika mur’ ubgo buruhukiro, nk’uko yavuze, iti Nk’uko narahiranye uburake bganje, Nti Ntibazoshika mu buruhukiro bganje: naho yari yarahejeje ibikorwa vyayo, uhereye ku kuremwa kw’ isi.
4
Kuko har’ aho yavuze ku vy’ umusi w’indwi nk’ibi, it’ Imana yaruhutse ku musi ugira indwi ibikorwa vyayo vyose.
5
Kandi na hano, ngo Ntibazoshika mu buruhukiro bganje.
6
Nuko rero, kuko bukibīkiwe bamwe ngo babushikemwo, arikw abābanje kubgirwa ubutumwa bgiza bābujijwe kubushikamwo no kutumvira Imana,
7
yongera gutoranya umusi, ni wo uyu musi; ivugira mu kanwa ka Dawidi, igihe kirekire cane gihise, nk’uko tumaze kuvuga, it’ Uyu musi aho mwumvira ijwi ryayo Ntimukomantaze imitima yanyu.
8
Kukw iyaba Yosuwa yarabaruhuye, ntiba yaravuze ubga nyuma ivy’ uwundi musi.
9
Nuko rero haracarih’ uburuhukiro bg’isabato bubīkiwe abantu b’Imana.
10
Kuk’ ūshitse mu buruhukiro bgayo, na we aba aruhutse ibikorwa vyiwe, nk’ukw Imana yaruhutse ivyayo.
11
Nuko tugire umwete wo gushika mur’ ubgo buruhukiro, hoye kugira umuntu agwa, akurikiye icitegererezo ca ba bandi co kutumvira Imana.
12
Kukw ijambo ry’Imana ari rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’ inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokōro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira.
13
Kand’ imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.
14
Nuko, ko dufise umuherezi mukuru akomeye, yaciye mw ijuru, ni Yesu Umwana w’Imana, tubangirize ivyo twizera tukavyatura.
15
Kuk’ umuherezi mukuru dufise, atar’ ūdashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu, ariko n’uwageragejwe uburyo bgose nkatwe, yamara we nta caha yakoze.
16
Nuko ni twēgēre intebe y’ubuntu dushize ubgoba, kugira ngo turonke ikigongwe, tubone ubuntu bgo kudutabara mu gihe gikwiye.
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 5 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13