bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Hebrews 8
Hebrews 8
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 9 →
1
Mu yo tuvuga, yose arutwa na rimwe, n’iri: dufise umuherezi mukuru ameze artyo, avyagiye i buryo bg’intebe y’Īhambaye cane yo mw ijuru,
2
akorera ahēra, no mw ihema nyakuri, ryashinzwe n’Uhoraho atar’ abantu.
3
Kuk’ umuherezi mukuru wese ashirirwaho gushikana amashikanwa no gucumita ibimazi. Ni co gituma wa wundi na we akwiye kugira ic’ ashikana.
4
Iyaba ari mw isi ntiyobaye umuherezi, kuko har’ abandi bashikana amashikanwa nk’ukw ivyagezwe bibgiriza.
5
Kand’ abo bakorera igishushanyo n’igitūtu c’ivyo mw ijuru, nk’uko Mose yabgiwe n’Imana, agira akoreshe rya hema, it’ Ugire umwete wo gukoresha vyose, ubigereranye n’ikigereranyo werekewe kuri wa musozi.
6
Ariko none, igikorwa yahawe kirusha icabo kuba ciza, nk’ukw ar’ umuhūza w’isezerano riruta iryabo, kuko ryashizweho n’ivyasezeranywe biruta ivy’ iryabo.
7
Iyo rya rindi rya mbere ritabakw agasembga, ntihari hakwiye kuronderwa irindi.
8
Kuko yavuze ibagaya, it’ Eh’ imisi igira ize, ni jewe Uhoraho mbivuze, Aho nzosezerana isezerano risha n’umuryango w’Abisirayeli n’umuryango wa Yuda,
9
Ridahwanye n’isezerano nasezeranye na ba sekuruza, Ku musi nabafata ukuboko nkabakūra mu gihugu ca Egiputa, Kuko batāgumye mw isezerano ryanje, Nanje sinabababara, ni jewe Uhoraho mbivuze.
10
Kukw iri ari ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli Hanyuma y’iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze: Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bgenge bgabo, No ku mitima yabo kandi ni ho nzovyandika, Nanje nzobabera Imana, Na bo bazoba abantu banje.
11
Kandi ntibazokwigishanya, ng’ umuntu wese yigishe mugenzi we, Canke ngo yigishe uwo bavukana, ati Menya Uhoraho, Kuko bose bazonyimenyera, Uhereye kuri nyarucari ugashitsa k’ūhambaye muri bo.
12
Kuko nzobagirira ikigongwe ku kugabitanya kwabo, Kand’ ivyaha vyabo sinzovyibuka ukundi.
13
Kw avuga, at’ Isezerano risha, rer’ irya mbere yarishājishije; arikw igisāza kikaba akāheze kiba kigira gikamangane.
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 9 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13