bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Hebrews 2
Hebrews 2
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 3 →
1
Ni co gituma dukwiye kurushiriza kwitwaririka ivyo twumvise, kugira ngo ntidutwarwe akayombekere tukabivako.
2
Kw ijambo ryavugiwe mu kanwa k’abamarayika ryagumyeho, kand’ ibicumuro vyose no kutaryumvira bikagererwa ingero bikwiranye,
3
tweho tuzokwikiza dute, ni twanjanjwa ku gakiza kangana gartyo? Kabanje kuvugwa n’Umwami wacu, kagakomezwa kuri twebge n’abakumvise,
4
Imana ifatanije na bo kugashingira intahe, iyishingisha ibimenyetso n’ibitangaza n’ibikomeye vy’uburyo bginshi n’ingabire za Mpwemu Yera zagabanganijwe nk’uko yagomvye.
5
Kukw atar’ abamarayika Imana yahaye gutwara isi izobaho, iyo tuvuga.
6
Ariko har’ ah’ umuntu yashinze intahe, at’ Umuntu n’iki ah’ umwibuka, Cank’ umwana w’umuntu ah’ umugendera?
7
Wamucishije bugufi, aba musi y’abamarayika gato. Wamwambitse ubgiza n’icubahiro nk’igitsibo, Wamuhaye kugaba ibikorwa vy’amaboko yawe.
8
Wamuhaye kuganza ibintu vyose, ubishira musi y’ibirenge vyiwe. Kw Imana yamuhaye kuganza ibintu vyose nta co yishigarije itamuhaye kugiganza. Ariko none ntiturabona ibintu vyose biganzwa na we.
9
Ariko, uwacishijwe bugufi, akaba musi y’abamarayika gato, ni we Yesu, tumubona yambitswe ubgiza n’icubahiro nk’igitsibo, kubg’ imibabaro y’urupfu, kugira ng’ ubuntu bg’Imana butume arogorera umuntu wese urupfu.
10
Kukw iyo, (ni yo yaremewe vyose kandi ni yo ibeshejeho vyose), mu kurōngōra abana benshi ngw ibazane mu bgiza, vyari biyikwiye gutunganisha rwose indōngōzi y’agakiza kabo kubabazwa.
11
Kuk’ uweza n’abezwa bose bākomotse kur’ Imwe: ni co gituma atagira isoni zo kubīta bene Se,
12
ati Nzobarira bene Data izina ryawe, Nzoririmba ngutazira hagati y’ishengero.
13
Kand’ ati Nzokwama ndayizigira. Kand’ at’ Ehe twe n’abana Imana yampaye.
14
Nuko rero, kukw abana bahūje inyama n’amaraso, na we ubgiwe yahūje ivyo na bo, kugira ngw abone ukw apfa, kand’ urupfu rwiwe aruhindurishe ubusa ūfise ubushobozi bg’urupfu, ni we wa Murwanizi,
15
kandi ngw arokore abājakariye ubgoba bg’urupfu bose, imisi yose y’ukubaho kwabo.
16
Kuko tuzi neza kw abamarayika atari bo yatoye, ariko yatoye uruvyaro rwa Aburahamu.
17
Ni co catumye vyaramubereye gushushanywa na bene Se kuri vyose, ngw abe umuherezi mukuru wo mu vy’Imana, w’imbabazi kand’ agororoka, abe impongano y’ivyaha vy’abantu.
18
Kuk’ ubgiwe ko yababajwe no kugeragezwa, ashobora no gutabara abageragezwa.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13