bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Hebrews 9
Hebrews 9
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 10 →
1
Nukw isezerano rya mbere na ryo ryarimw’ ibirōngōra ivy’ ubuherezi, rifise n’ahēra, ariko ho mur’ iyi si.
2
Kuko hār’ ihema ryiteguwe, mu ryo hino hārimw’ igiterekwakw amatara, n’ameza, n’imitsima y’ibiterekerwa yama kuri yo: iryo ryitwa Ahēra.
3
Kandi hirya y’igihuzu ca kabiri gikinze, hār’ ihema ryitwa Ahēra Cane:
4
hārimw’ igicaniro co kwoserezakw imibavu cakozwe mw izahabu, hārimwo n’isandugu y’isezerano yometswekw izahabu impande zose, irimw’ urwavya rw’izahabu rurimwo manu, irimwo na ya nkoni ya Aroni yashurika, na vya bisate vy’amabuye vyanditswekw isezerano.
5
Kandi hejuru yayo hār’ abakerubi b’ubgiza bateye igitūtu umutemere wo guhongerako: ivyo ntidushobora kubidonda kimwe‐kimwe nonaha.
6
Nukw ivyo vyateguwe birtyo, abaherezi na ntaryo bama binjira mw ihema ryo hino, kugira ngo bashitse ivy’ ubuherezi:
7
ariko mu rya kabiri hinjiramw’ umuherezi mukuru wenyene, rimwe gusa uk’ umwaka utashe, ariko ntiyinjiramwo atajanye amaraso yo kwitangirira no gutangirira ubuzimuzimu bg’abantu.
8
Mpwemu Yera amenyekanisha artyo yukw inzira ija ahēra cane itaribgerekanwe, ihema rya mbere rikiriho:
9
ni ryo kigereranyo c’igihe ca none, abakurikira ivyagezwe vyaryo bashikana amashikanwa bagatanga ibimazi, ariko ku ruhande rw’ijwi ryo mu mutima ntibishobora gutunganya ūsenga,
10
kukw ivyo, hamwe n’ivy’ ivyo kurya n’ivyo kunywa n’ivyo kwiyuhagira bo n’ukwoza vy’uburyo bginshi, ar’ amabgirizwa yo mu buryo bg’abantu gusa, yashinzwe gushitsa igihe co gutunganywa.
11
Ariko Kristo amaze kuza, umuherezi mukuru w’ivyiza bizoza, aca mw ihema rirusha rya rindi kuba irihambaye n’iritunganye rwose, ritākozwe n’intoke, bisobanurwa ngo ritar’ iryo mu vyaremwe vy’ubu.
12
Kand’ amaraso y’impene cank’ ay’ amashūri, si yo yamushikanye ahēra cane, ariko yahashikanywe n’ayiwe maraso rimwe gusa, yironkeye ugucungura kw’ibihe bidashira.
13
Non’ amaraso y’impene n’ay’ amapfizi bo n’umunyota w’inka y’iriza ucucagiwe abahumanye, ko vyeza imibiri igahumanuka,
14
mbeg’ amaraso ya Kristo, uwo yitanze ku Mana atagira agasembga, abitewe na Mpwemu ahoraho, ntazorushiriza guhumanura imitima yanyu ngw ibikorwa vy’impfagusa biyivemwo, kugira ngo mubone ingene mukorera Imana nzima?
15
Ni co gituma aba umuhūza, ahesha isezerano risha, kugira ngw abāhamagawe bahabge umwandu udashira w’isezerano, bitewe n’uko habayeh’ urupfu rucungura abacumuye bakiganzwa n’isezerano rya mbere.
16
Kukw ah’ icete c’iragi kiri hakwiye rwose yuk’ urupfu rw’uwaraze ruseruka.
17
Icete c’iragi kibeshwaho n’urupfu rwonyene, kuko kitagira ikimazi uwaraze akiriho.
18
Ni co gituma isezerano rya mbere ritāsezeranywe ata maraso.
19
Mose amaze kubgira abantu bose amabgirizwa yose nk’uko vyagezwe, yābīra amaraso y’amashūri n’ay’ impene n’amazi n’ubgoya bg’intama buzigishijwe agahama, yābīra na ezobu, acucagira igitabo c’ivyagezwe, bo n’abantu bose,
20
arababgira, at’ Aya ni yo maraso y’isezerano Imana yabagereye.
21
Kand’ ihema n’imbombovu zose z’ivy’ ubuherezi, na vyo n’uko abicucagira amaraso.
22
Nk’ukw ivyagezwe biri, ibintu ni nka vyose vyozwa n’amaraso, kandi hatavuye amaraso ntihaba guharirwa ivyaha.
23
Nuko vyari bibereye kw ibigereranyo vy’ivyo mw ijuru vyozwa n’ivyo bimazi, ariko, ivyo mw ijuru ubgavyo bikozwa n’ibimazi biruta ivyo.
24
Kuko Kristo atinjiye ahēra cane hākozwe n’intoke, h’ikigereranyo c’ah’ ukuri, ariko yinjiye mw ijuru ubgaho, kugira ngo non’ aduserukire imbere y’inyonga z’Imana.
25
Kandi ntiyashikanyweyo no kwitanga kenshi, nk’uk’ umuherezi mukuru yinjira ahēra cane uk’ umwaka utashe, ajanye amaraso atar’ ayiwe;
26
kukw iyo biba birtyo, aba yar’ akwiye kubabazwa kenshi uhereye ku kuremwa kw’ isi. Yamar’ ubu yabonetse rimwe kw iherezo ry’ibihe, kugira ngw akūzeh’ icaha ukwitanga.
27
Kandi nk’ukw abantu bābīkiwe gupfa rimwe, hanyuma yaho hakaza amateka,
28
na Kristo n’uko, yamaze gutangwa rimwe ngo yishirekw ivyaha vya benshi, azoboneka ubga kabiri, atazanywe n’ivyaha, abonekere gukiza abamwiteze.
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 10 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13