bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Hebrews 10
Hebrews 10
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 11 →
1
Ivyagezwe ko bifise igitūtu c’ivyiza bizoza, bidafise ishusho bgite y’ivyo vyiza, nta ho vyoshobora guhīngūra abēgēra igicaniro, bibahīngūrisha ivyo bimazi nyene bahora batanga imyaka n’imyaka.
2
Iyo bibishobora, mbega ntibaba barasizeho kubitanga? Kukw abavyitangirira bamaze guhumanurwa rwose rimwe, bataba bakigira imitima irimw’ ijwi ribāgiriza ivyaha.
3
Ariko mur’ ivyo bimazi har’ icibukiriza ivyaha uk’ umwaka utashe.
4
Kuko bidashoboka kw amaraso y’amapfizi n’ay’ impene akūrah’ ivyaha.
5
Ni co catumye, hamwe yaza mw isi, avuga, At’ Ibimazi n’amashikanwa ntiwabigomvye, Ariko wanteguriye umubiri.
6
Ibimazi vyoshejwe bidasonōye, n’ibimazi vy’ivyaha, ntivyaguhimbaye:
7
Mperako ndavuga, nt’ Ehe ndaje, (Mu muzingo w’igitabo ni ko vyanditswe kuri jewe) Nzanywe no gukora ivy’ ugomba, Mana.
8
Ahejeje kuvuga haruguru, at’ Ibimazi n’amashikanwa, n’ibimazi vyoshejwe bidasonōye n’ibimazi vy’ivyaha, ntiwabigomvye kandi ntivyaguhimbaye (ni vyo bitangwa nk’uko bibgirijwe n’ivyagezwe),
9
aherakw aravuga, at’ Ehe nzanywe no gukora ivy’ ugomba. Akūrah’ ivya mbere ngw ashinge ivya kabiri.
10
Ukwo kugomba kwayo ni kwo kwatumye twezwa, tubiheshwa n’uk’ umubiri wa Yesu Kristo watanzwe rimwe gusa.
11
Kand’ umuherezi wese ahagarara uko bukeye akora ivy’ ubuherezi, atanga kenshi ivyo bimazi nyene, ata ho vyoshobora gukūrah’ ivyaha na mba.
12
Arik’ uwo we, amaze gutanga ikimazi kimwe c’ivyaha c’intahava, avyagira i buryo bg’Imana,
13
ahēraho, arorēra igihe abansi biwe bazohindurirwa indava yo musi y’ibirenge vyiwe.
14
Kukw ikimazi kimwe ari co yatunganishije rwose abezwa, ukazoshitsa ibihe bidashira.
15
Kandi na Mpwemu Yera ni we cabona kidushingira intahe y’ivyo. Amaze kuvuga,
16
at’ Iri ni ryo sezerano nzosezerana na bo Hanyuma y’iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze; Nzoshira ivyagezwe vyanje mu mitima yabo, No mu bgenge bgabo kandi ni ho nzovyandika: arongera
17
ati Kand’ ivyaha vyabo n’ukugabitanya kwabo sinzovyibuka ukundi.
18
Ariko, ah’ ivyo bihariwe, ntihaba hakiriho gutanga ikimazi c’ivyaha.
19
Nuko bene Data, ko turi n’ubushizi bg’ubgoba bgo gushikanwa ahēra cane n’amaraso ya Yesu,
20
duciye mu nzira yadutoboreye nsha iri n’ubugingo, ica mu gihuzu gikinze, bisobanurwa ngo mu mubiri wiwe;
21
kandi ko dufise umuherezi akomeye aganza urugo rw’Imana,
22
twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.
23
Tugumye ukwatura ivyizigiro vyacu ntikunyiganyige, kuk’ uwasezeranye ar’ uwo kwizerwa,
24
kandi twiyumviraneko, kugira ngo turwane ishaka ryo gukundana n’iry’ ibikorwa vyiza,
25
twoye guheba gukoranira hamwe, nk’uko bamwe bagira, ariko duhanūrane, kand’ uko mubonye wa musi wegereza, murushirize kugenza murtyo.
26
Kuko namba dukora ivyaha ibigirankana, kandi tumaze guhabga kumenya ivy’ ukuri, ntihaba hagisigaye ikimazi c’ivyaha,
27
ariko haba hasigaye kwitegana ubgoba gucirwakw iteka, no kwitega umuriro w’inkazi, uzorigata abansi b’Imana.
28
Ūkēngereye ivyagezwe vya Mose, ivyabona bibiri canke bitatu biramwicisha, ata kagongwe.
29
Mugira ng’umuntu ntazoba akwiye guhanwa ibirushirije cane, asiribanze Umwana w’Imana, akiyumvira amaraso y’isezerano yamwejeje kw ar’ igihumane, agacokora Mpwemu w’ubuntu?
30
Kuko tuzi uwavuze, at’ Uguhōra n’ukwanje, ni jewe nzobasubiriza mu nkōko. Kand’ at’ Uhoraho azocira urubanza abantu biwe.
31
Erega birateye ubgoba gukorokera mu maboko y’Imana nzima.
32
Ariko mwibuke imisi ya mbere, hamwe mwari mumaze kwākirwa n’umuco, mwihanganira ibisinzikaza vy’indwano nyinshi:
33
kimwe, mwacitse akābarore mutukwa mubabazwa; ikindi, mwafatanije n’abagirirwa bartyo.
34
Kuko mwababaranye n’ababoshwe, kandi mwemeye munezerewe kunyagwa ivyo mutunze, mumenya yuko mufise itunga riruta ivyo kuba ryiza, rikamaho.
35
Nuko ntimute ubushizi bg’ubgoba bganyu, buri n’impēra ikomeye.
36
Kuko mukwiye kwihangana, kugira ngo ni mwamara gukora ivy’ Imana igomba mubone guhabga ivyasezeranywe.
37
Kuko hasigaye igihe gito cane, Kand’ ūgira aze, azoza, ntazoteba.
38
Ariko, umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera, Na ho ni yiyonjorora ntazohimbara umutima wanje.
39
Ariko tweho ntitur’ abo mu biyonjorora bagahona, ariko tur’ abo mu bizera, ubugingo bgabo bugakizwa.
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 11 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13