bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Hebrews 12
Hebrews 12
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 11
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 13 →
1
Nuko natwe, ko dukikijwe n’igipfungu c’ivyabona kingana girtyo, twiyambure ibituremēra vyose, n’icaha gikunda kutwizingirako vuba, dusiganirwe ivyo twashizwe imbere twihanganye,
2
dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.
3
Nuko mushire imitima kur’ uyo yihanganiye ibihāri bihambaye birtyo abanyavyaha bāmuhāririje, ntimucobogore, ntimudendebukirwe mu mitima yanyu.
4
Ntimuragera ku kuvishwa amaraso murwanya icaha,
5
kandi mwibagiye rya jambo ribahubūra ribahanūra nk’abana, ngo Mwana wanje, ntugaye igikāngīro c’Uhoraho, Kandi ntudendebukirwe ni yaguhana.
6
Kuk’ uwo Uhoraho akunda ari we akāngīra, Kand’ aramagura uwo yemera wese kw ar’ umwana wiwe.
7
Ico mukwiye kwihanganira n’ugutozwa indero nziza. Imana ibagirira nk’abana bayo. N’umwana ki, adakāngīrwa na se?
8
Ariko namba mudakāngīrwa nk’ico abandi bose bakorerwa, mur’ ibivyarwa, ntimur’ ubura bgayo.
9
Kandi twari dufise ba data b’imibiri, bāradukāngīra, natwe tukabubaha: none ntituzorushiriza cane kugororokera Se w’impwemu tugahoraho?
10
Kuko ba bandi bādukāngīra imisi mike nk’uko bāgomba, ariko we adukāngīrira ikigira ikimazi, kugira ngo dusangire na we ukwera kwiwe.
11
Nta gikāngīro kiboneka ko giteye umunezero ako kanya, atar’ umubabaro, ariko hanyuma abamenyerejwe na co kibāmira imbuto zizana amahoro zo kugororoka.
12
Nuko mugorore amaboko acitse urudendevu, n’amavi aregarega:
13
kandi muharurire ibirenge vyanyu inzira zigororotse, kugira ngw igihinyiza ntigikondoke, ariko gikire.
14
Mukurikire kugiriranira amahoro n’abantu bose, n’ukwezwa, kuk’ ūtejejwe atazorāba Umwami;
15
mwizigame, ntihagire umuntu adashikīra ubuntu bg’Imana, kandi ntihagire umuzi wo kurura umera, ukabahagarika imitima, abenshi bakāndura,
16
ntihabeh’ umushakanyi, cank’ igihumane nka Esau, yagurānye ivyo kuba samuragwa kwiwe ingaburo imwe.
17
Kuko muzi yuko hanyuma, hamwe yagomba kuragwa umugisha, atemerewe, kukw atābonye uburyo bgo kwihana, naho yawurondera cane arira.
18
Ntimwegereye umusozi wokorwako, waka umuriro, kandi ntimwegereye umwiza w’umuzimagiza n’uw’ umuzitanya, n’igihuhuta,
19
n’inzamba ivuga, n’ijwi ry’amajambo; abāryumvise binginga kutabgirwa irindi jambo:
20
kuko batābashije ivyagezwe, ngo Naho coba igitungwa gikoze kur’ uwo musozi bacicishe amabuye.
21
Kand’ ivyabonetse vyar’ ibiteye ubgoba, vyatumye Mose avuga, ati Mfise ubgoba cane, ndahinda agashitsi.
22
Ariko mwegereye umusozi Siyoni, n’umurwa w’Imana nzima, Yeru salemu ho mw ijuru, n’ikoraniro rikuru ry’isinzi ry’abamarayika,
23
n’ishengero ry’abana b’imfura banditswe mw ijuru, mwegereye n’Imana umucamanza wa bose, n’impwemu z’abagororotsi batunganijwe rwose,
24
mwegereye na Yesu, umuhūza ahesha isezerano risha, mwegereye n’amaraso acucagirwa, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.
25
Mwirinde ntimwanke kwumva Iyirikw iravuga. Ba bandi ko batākize, hamwe banka uwababūririye mw isi, tweho tuzorushiriza cane kudakira, namba dutera ibitugu Iyitubūrira iri mw ijuru.
26
Ijwi ryayo ryanyiganyigije isi ico gihe: ariko noneh’ irasezeranye, iti Hasigaye rimwe, ngatigitisha, s’isi gusa, ariko n’ijuru na ryo.
27
Iryo jambo, ngo Hasigaye rimwe, ryerekana gukūrwaho kw’ibinyiganyizwa, kukw ar’ ivyaremwe, kugira ngw ibitoshobora kunyiganyizwa bigumeho.
28
Ni co gituma, kuko twākīra ubgami budashobora kunyiganyizwa, dukwiye gukenguruka, kugira ngo tubone ingene dukorera Imana tuyihimbaye, tuyubaha tuyitinya:
29
kukw Imana yacu ar’ umuriro utōngōra.
← Chapter 11
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 13 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13