bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Luke 10
Luke 10
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 11 →
1
Mu nyuma y’ivyo, Umwami Yesu atoranya abandi mirongwirindwi, atuma babiri‐babiri, ngo bagende imbere yiwe mu bisagara vyose n’ahantu hose ah’ agira ace.
2
Arababgira, at’ Ivyimburwa ni vyinshi, arikw abimbuzi ni bo bake: nuko ni mwinginge Nyen’ ivyimburwa, arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.
3
Ni mugende; rāba mbatumye muri nk’abana b’intama mu mabingira hagati.
4
Ntimujane umupfuko w’amahera, cank’ isaho, cank’ inkweto: kandi ntihagire n’uwo muramukanya mu nzira.
5
Inzu yose muzokwinjiramwo, muze mubanze muvuge, mut’ Amahoro abe mur’ iyi nzu.
6
Ni yaba irimw’ umunyamahoro, amahoro yanyu azoba kuri we: ni bitāmera birtyo, azobagarukako.
7
Kand’ iyo nzu nyene muze muyigumemwo, murya munywa ivyo babahaye; kuk’ umukozi akwiye ingero yiwe. Ntimugende murarāraguza.
8
Kand’ igisagara cose mujamwo bakabākīra, muze murye ivyo babahaye,
9
mukize abarwaye baho, mubabgire mut’ Ubgami bg’Imana burabēgereye.
10
Arikw igisagara cose mujamwo ntibabākīre, muze musohoke muje mu nzira zaco,
11
muti N’umukungugu wo mu gisagara canyu, ufashe mu birenge vyacu, turawubakunkumuriye: ariko mumenye iki, yuk’ ubgami bg’Imana buri hafi.
12
Ndababgire, Kur’ uwo musi uzoza, Sodomu hazogira agahengekezo kurusha nya gisagara.
13
Uzobona ibara, Korazini; uzobona ibara, Betsayida; kukw ibikomeye vyakorewe muri mwebge iyo biba vyarakorewe muri Tiro n’i Sidoni, baba bārihannye kera, bicaye bambaye amagunira, bīsīze umunyota.
14
Ariko muri Tiro n’i Sidoni hazogira agahengekezo ku musi w’amateka kurusha mwebge.
15
Nawe, Kaperinawumu, mbeg’ uzoshirwa hejuru, ushike kw ijuru? Oya, uzocokezwa i kuzimu.
16
Ūbumviye ni jewe aba yumviye; ūbanse, ni jewe aba yanse; ūnyanse, aba yanse uwantumye.
17
Nuko bamwe mirongwirindwi bagarukana umunezero, bati Mugenzi, abadayimoni na bo baratwumvira mw izina ryawe.
18
Arababgira, ati Nabonye Satani, avuye mw ijuru, akoroka nk’umuravyo.
19
Ehe mbahaye ububasha bgo gukandagira inzoka na sikorupiyo, n’ubgo kunesha ubushobozi bga wa Mwansi bgose, kandi nta kintu kizogira ico kibagira na gatoya.
20
Ariko ntimunezerezwe n’ukw izo mpwemu zibumvira, yamara munezerezwe n’ukw amazina yanyu yanditswe mw ijuru.
21
Uwo mwanya anezererwa cane muri Mpwemu Yera, aravuga, ati Ndaguhimbaza Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya. Ego me Data, kuko washimye ko biba birtyo imbere yawe.
22
Vyose nabihawe na Data; kandi nta wuzi Umwana uw’ ari we, atari Data: na Data nta wumuzi uw’ ari we atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.
23
Ahindukirira abigishwa, ababgira biherereye, ati Hahirwa amaso abona ivyo mubona.
24
Ndababgira yukw abāvugishwa n’Imana benshi n’abami benshi bāgomvye kubona ivyo mubona ntibābibona, no kwumva ivyo mwumva, ntibāvyumva.
25
Maz’ umwe mu bigisha ivyagezwe ava hasi, aramugeza, ati Mwigisha, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira?
26
Na we aramubaza, ati Vyanditswe bite mu vyagezwe, kand’ usoma iki?
27
Aramwishura, ati Ngo Mukundishe Uhoraho, Imana yanyu, imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose, n’ubgenge bganyu bgose; kandi mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda.
28
Aramubgira, ati Wishuye neza, gira urtyo, uzogira ubugingo.
29
Maz’ uwo agomvye kwiyerekana nk’ūgororotse, abaza Yesu, ati Mbega mugenzanje ni nde?
30
Yesu aramwishura, ati Hābaye umuntu yar’ avuye i Yerusalemu, arikw aramanuka aja i Yeriko, agwa mu bambuzi, baramukoba, baramukubita, barīgīra, basiga ashigaje gatoya agahwera.
31
Hāriho n’umuherezi amanuka mur’ iyo nzira, amurengukako, amubonye aca i ruhande.
32
Kandi n’Umulewi ahashitse agira kuno, amubonye aca i ruhande.
33
Maz’ Umusamariya yari mu nzira ashika kuri we, amubonye amutera akagongwe:
34
aramwēgēra, amupfuka inguma, amusomōza amavuta ya elayo na vino, amushira ku ndogoba yiwe, amujana mu ndāro y’abahita, aramurwaza.
35
Bukeye agoborora idenariyo zibiri, aziha nyen’ indāro, at’ Umurwaze, kand’ ivy’ uzotanga vyose birenze ivyo ni nagaruka nzobikwishura.
36
Mur’ abo batatu ugira ngo ni nde yabonetse kw ari mugenzi w’uwaguye mu bambuzi?
37
Aramwishura, ati N’uwamugiriye imbabazi. Yesu aramubarira, ati Nawe genda ugire urtyo.
38
Maze bariko baragenda bashika mu mihana: umugore yitwa Marita aramwākīra amushikiza mu nzu yiwe.
39
Uwo yar’ afise mwene nyina yitwa Mariya, yicara imbere y’ibirenge vy’Umwami Yesu, yumva ijambo ryiwe.
40
Ariko Marita ahagarikira umutima kuzimana vyinshi; aramwēgēra, aramubgira, ati Mugenzi, ntibikubabaje yuko mwene mama yantereranye ibikorwa? Nuko mubarire amfashe.
41
Umwami Yesu aramwishura, ati Marita, Marita, urīganyira wigora muri vyinshi:
42
arikw ibikwiye rwose ni kimwe: kuko Mariya ahisemw’ umugabane mwiza, atazokwakwa.
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 11 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24