bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Luke 17
Luke 17
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 16
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 18 →
1
Kand’ abgira abigishwa biwe, at’ Ibitsitaza abantu ntibizobura kuza, arik’ ūbizana azobona ibara.
2
Ivyoba vyiza n’uko yohambīrirwa urusyo ruremereye kw izosi, agatererwa mu kiyaga, hakw atsitaza n’umwe mur’ aba bato.
3
Mwirinde; mugenzawe ni yakora icaha, umuhanūre; ni yihana, umuharire.
4
Kandi ni yakugirira nabi indwi ku musi umwe, agahindukira ibihetangabo ndwi, akubgira, ati Ndihannye; uz’ ubimuharire.
5
Kandi za ntumwa zibgira Umwami Yesu, ziti N’utwongere ukwizera.
6
Umwami arabishura, ati Namba mufise ukwizera kungana n’akabuto ka sinapi, mwobarira iki giti c’umusukamino, muti Randuka, ubadikwe mu kiyaga, kandi cobumvira.
7
Ariko ni nde muri mwebge afise umugurano amurimira cank’ amuragirira intama, iyo yinjiye avuye ku kivi canke kuragira, mbega yomubarira, ati Ngwino n’ingoga wicare urye?
8
Ariko ntiyomubarira, at’ Arura ivyo kurya vyanje, ukenyere, ungaburire, gushitsa aho mpereza kurya no kunywa, nawe hanyuma ubone kurya no kunywa?
9
Mbeg’ akengurukira uwo mugurano kuko yakoze ivyo yamugezeko?
10
Abe ari ko namwe mugira, ni mwaheza gukora ivyo mwagezweko vyose, muvuge, muti Tur’ abagurano b’imburakimazi, twakoze ivyo dukwiye gukora gusa.
11
Maze bari mu nzira baja i Yerusalemu, aca hagati y’i Samariya n’i Galilaya.
12
Ashitse mu mihana, asanganirwa n’abanyamibembe cumi, bahagarara kure,
13
baratabaza cane, bati Yesu, Mwigisha, tugirire imbabazi.
14
Ababonye arababgira, ati Ni mugende, mwiyereke abaherezi. Bariko baragenda barakira, barahumanuka.
15
Umwe muri bo, abonye akize, agaruka ahimbaza Imana n’ijwi rirenga;
16
yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramushima: kand’ uwo yar’ Umusamariya.
17
Yesu arabaza, ati Ntibahumanutse bose ukw ar’ icumi? Abandi cenda bari hehe?
18
Nta bandi babonetse ngo bagaruke guhimbaza Imana, atar’ uyu munyamahanga?
19
Kand’ aramubarira, ati Va hasi, ugende; ukwizera kwawe kuragukijije.
20
Abafarisayo bamubajije igihe ubgami bg’Imana buzozira, arabishura, at’ Ubgami bg’Imana ntibuzoza bgerekanwa,
21
kandi ntibazovuga, bat’ Ehe ngubu: canke bati Nguburiya; kuk’ ubgami bg’Imana buri muri mwebge.
22
Abgira abigishwa biwe, ati Hazoza imisi muzokwifurizamwo kubona umusi umwe musa w’Umwana w’umuntu, ntimuzowubona.
23
Kandi bazobabgira, bat’ Ehe nguriya: canke bat’ Ehe nguyu. Ntimuze mujeyo, kandi ntimubakurikire.
24
Kuko nk’uk’ umuravyo urabiriza mu ruhande rumwe rw’ijuru, ukarabagiranira mu rundi, uko ni k’Umwana w’umuntu azoba ku musi wiwe.
25
Arikw akwiye kuzobanza kubabazwa uburyo bginshi no kwankwa n’ab’ iki gihe.
26
Kand’ uko vyari biri mu misi ya Nowa, ni ko bizoba mu misi y’Umwana w’umuntu:
27
bārarya, bāranywa, bārarongora, bārashingira, bageza kuri wa musi Nowa yinjiye muri bga bgato, umwuzure ukaza ukabahonnya bose.
28
No mu misi ya Loti vyabaye birtyo: bārarya, bāranywa, bāradandaza, bāragura, bāratera, bārubaka;
29
maz’ umusi Loti yaviriye i Sodomu, umuriro n’amazuku biratibuka bivuye mw ijuru, birabahonnya bose.
30
Ni ko bizoba, umusi Umwana w’umuntu azoserukirako.
31
Uwo musi, ūzoba ari hejuru ku nzu, ibintu vyiwe biri mu nzu, ntaze yururutswe no kubisahura, n’ūri mu mirima n’uko, ntaz’ asubire inyuma.
32
Mwibuke muka Loti.
33
Ūzogerageza gukiza ubugingo bgiwe azobubura; arik’ ūzoheba ubugingo bgiwe azoburokora.
34
Ndababgire, Mur’ iryo joro abantu babiri bazoba ku buriri bumwe, umwe azojanwa, uwundi arekwe;
35
ah’ abagore babiri bazoba bariko barasēra hamwe, umwe azojanwa, uwundi arekwe; [
36
aho babiri bazoba mu mirima, umwe azojanwa, uwundi arekwe.]
37
Baramubaza, bati Bizoba hehe ga Mushingantahe? Arabishura, at’ Ah’ umuvyimba uri hose, ni ho ibinyakabaka bizokoranira.
← Chapter 16
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 18 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24