bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Luke 11
Luke 11
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 12 →
1
Maz’ ar’ ahantu, asenga; ahejeje, umwe mu bigishwa biwe aramubgira, ati Mugenzi, twigishe gusenga, nk’uko Yohana yigishije abigishwa biwe.
2
Arababarira, ati Ni mwasenga, muvuge muti Data, izina ryawe ryubahwe, ubgami bgawe buze;
3
imisi yose uduhe ivyo kurya vyayo;
4
uduharire ivyaha vyacu, kuko natwe duhebera abari n’imyenda yacu bose; kandi ntutujane mu bitwosha nabi.
5
Arababgira, ati Ni nde muri mwebge afise incuti yoja i we mu gicugu, akayibgira, ati Ncuti yanje, ngurana udutsima dutatu,
6
kuko haje incuti yanje ivuye ku rugendo, nanje ntagira ico ndayizimana:
7
uwo mu nzu yomwishura, ati Sigaho kungora, namaze kwugara, kandi turi kumwe n’abana banje ku buriri, sinshoboye kuvyuka ngo ndayiguhe.
8
Ndababgire: Nah’ atovyurwa n’ukw ar’ incuti yiwe ngw ayimuhe, ariko kukw atagize isoni zo kumuhambira, aravyuka, akamuha ivy’ agomba vyose.
9
Nanje ndababgire: Musabe muzohabga; murondere muzoronka; muramutse muzokwugururirwa.
10
Kuk’ ūsaba wese ahabga; ūrondera aronka; ūramutsa yugururirwa.
11
Kandi ni nde muri mwebge w’umuvyeyi, umwana wiwe yomusaba umutsima, akamuha ibuye; canke yomusaba ifi, akamuha inzoka;
12
canke yomusaba irigi, akamuha sikorupiyo?
13
None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha Mpwemu Yera abamumusavye?
14
Kand’ asenda dayimoni atera uburagi: dayimoni amuvuyemwo, uno muntu w’ikiragi aravuga; ishengero riratangara.
15
Ariko bamwe muri bo baravuga, bati Beyezebuli, umukuru w’abadayimoni, ni we amushoboza gusenda abadayimoni.
16
Abandi bamuronderakw ikimenyetso kiva mw ijuru, bamugeza.
17
Na we amenye ivyo biyumvira, arababgira, at’ Ubgami bgose iyo bgitandukanije ubgabgo burahona, n’inzu, iyo yitandukanije, iragwa.
18
Na Satani, namba yitandukanije ubgiwe, ubgami bgiwe buzorama bute? Kuko muvuga yuko Beyezebuli ari we anshoboza gusenda abadayimoni.
19
Ariko jewe namba Beyezebuli ari we anshoboza gusenda abadayimoni, abana banyu bashobozwa na nde kubasenda? Ni co gituma ari bo bazobatsindisha.
20
Arik’ urutoke rw’Imana ni rwaba ari rwo runshoboza gusenda abadayimoni, noneh’ ubgami bg’Imana burabashikiriye.
21
Umuntu w’inkomezi afise ibirwanishwa iy’ ateramiye urugo rwiwe, ibintu vyiwe biba amahoro;
22
arik’ ūmurusha inkomezi iy’ aramutse amuteye, akamunesha, amwaka ivy’ arwanisha vyose yari yizigiye, akanyaga ibintu vyiwe, akabigaba.
23
Ūtamperereyeko aba ar’ umwansi wanje, kand’ ūdafatanije nanje kwegeranya aba asanzaje.
24
Iy’ impwemu ihumanye ivuye mu muntu, ica ahatagira amazi, irondera uburuhukiro, ikabubura, ikavuga, iti Reka nsubire mu nzu yanje navuyemwo.
25
Ihashitse, igasanga ikubuye, iteguritse.
26
Igaca igenda, ikazana izindi mpwemu ndwi ziyirusha ububi, zikinjira, zikahaba. Ivya nyuma vy’uwo muntu bikarusha ivya mbere ububi.
27
Akivuga ivyo, umugore wo mw ishengero ashira hejuru, aramubgira, ati Hahirwa inda yakuvyaye, n’amabere yakwonkeje.
28
Na we aramwishura, ati Cane‐cane hahirwa abumva ijambo ry’Imana bakaribungabunga.
29
Ishengero rikoraniye kuri we, atangura kubabgira, at’ Iki gihe n’igihe kibi; kirondera ikimenyetso, ariko nta kimenyetso kizohabga, atar’ ikimenyetso ca Yona.
30
Nk’uko Yona yabaye ikimenyetso ku Banyaninewe, ni k’Umwana w’umuntu azoba ku b’iki gihe.
31
Umugabekazi w’igihugu c’i bumanuko azovana hasi n’abagabo b’iki gihe ku musi w’amateka, azobatsindisha; kuko yavanywe ku mpera y’isi no kwumva ubgenge bga Salomo; kandi rāba, ūruta Salomo ari hano.
32
Abagabo b’i Ninewe bazovana hasi n’ab’ iki gihe ku musi w’amateka, babatsindishe; kuko bihannye aho bumviye ubutumwa buvuzwe na Yona; kandi rāba, ūruta Yona ari hano.
33
Nta wodomeka itara ngw arishire mu mwobo, canke ngw aryubikekw igisimbo, arikw arishira ku gitereko caryo, ngw abinjira basange habona.
34
Itara ry’umubiri wawe n’ijisho ryawe. Ijisho ryawe iy’ ari ryiza, umubiri wawe wose uba uri n’umuco: arikw iy’ ari ribi, umubiri wawe uba uri n’umwiza.
35
Nuko wirābe yuk’ umuco uri muri wewe atar’ umwiza.
36
Kand’ umubiri wawe wose ni waba uri n’umuco, ata gice na kimwe gifise umwiza, wose uzoba uri n’umuco, nk’uk’ ukwaka kw’itara kukuboneshereza.
37
Akibivuga, Umufarisayo aramuhamagara ngw amuzimane: arinjira, aricara ngw arye.
38
Wa Mufarisayo abibonye biramutangaza, kukw atabanje gukaraba atararya.
39
Umwami Yesu aramubgira, at’ Erega mwebge Abafarisayo mwoza inyuma y’igikombe n’inkōko, arikw imbere muri mwebge mwuzuye ubgambuzi n’ububi.
40
Mwa bijuju mwe, iyaremye urukoba si yo yaremye n’imbere?
41
Ariko mutange ibir’ imbere mu gikombe no mu nkōko mubitangishijwe n’ubuntu, kand’ umve, vyose bizobabera ibiziruwe.
42
Ariko muzobona ibara, Bafarisayo, kuko mutanga ikigiracumi c’imbgija n’isogi n’imboga zose, ariko guca izibereye no gukunda Imana mukavyirengagiza. Ivyo mwari mukwiye kubikora, vya bindi na vyo ntimubireke.
43
Muzobona ibara, Bafarisayo, kuko mukunda intebe z’icubahiro mu masinagogi, no kugirwako bgakeye mu tuguriro.
44
Muzobona ibara, kuko musa n’imva zitamenyekana, abantu bakazicako batabizi.
45
Umwe mu bigisha ivyagezwe aramwishura, ati Mwigisha, k’uvuze urtyo, natwe uradututse.
46
Na we, ati Namwe abigisha ivyagezwe muzobona ibara, kuko mwikoreza abantu imitwaro itokwikorerwa, namwe ubganyu iyo mitwaro ntimuyikozek’ urutoke na rumwe.
47
Muzobona ibara, kuko mwubakira imva z’abāvugishwa n’Imana, ba sogokuruza banyu ari bo bābīshe.
48
Uko ni ko mwiyagirije, kandi mwemeye ivyo ba sogokuruza banyu bākoze, kukw ari bo bābīshe, namwe mububakira imva.
49
Ni co catumye Imana ivugisha ubgenge bgayo, iti Nzobatumakw abo mvugisha n’intumwa, bamwe muri bo bazobica, abandi bazobahama,
50
ngw amaraso y’abāvugishwa n’Imana bose yavishijwe, uhereye ku kuremwa kw’isi, aronderwe ku b’iki gihe,
51
uhereye ku maraso ya Abeli, ukageza ku maraso ya Zakariya yīciwe hagati y’igicaniro n’ahēra h’urusengero: ni koko, ndababgire, azoronderwa ku b’iki gihe.
52
Muzobona ibara, abigisha ivyagezwe, kuko mwatwaye urupfunguzo rw’ubgenge: ntimwinjiye ubganyu, n’abāgomba kwinjira mwarababujije.
53
Maz’ asohotse, abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo batangura kumusugereza no kumwiyandagazako ngo bamuvugishe vyinshi,
54
bamutega ngo bafate ijambo ryomukorokana.
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 12 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24