bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Luke 20
Luke 20
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 21 →
1
Umusi ur’ izina, yigishiriza abantu mu rusengero, avuga ubutumwa bgiza, abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bazanana kuri we n’abashingantahe:
2
baramubaza, bati Tubgire, n’ububasha ki bugutera gukora ivyo, canke ni nde yaguhaye ubgo bubasha?
3
Arabishura, ati Nanje hinge ndababaze ijambo, mumbgire:
4
non’ ukubatiza kwa Yohana kwāturutse mw ijuru, canke se mu bantu?
5
Bībūranya muri bo, bati Ni twavuga tuti Ni mw ijuru; ahava atubaza, ati N’iki cababujije kumwemera?
6
Ariko ni twavuga tuti Ni mu bantu, abantu bose baradutera amabuye, kuko bemeye badakekeranya yuko Yohana yavugishwa n’Imana.
7
Bamwishura yuko batazi aho kwavuye.
8
Yesu arababgira, ati Nuko rero nanje simbabgira ububasha bunkoresha ivyo.
9
Atangura gucira abantu uyu mugani, ati Hābaye umuntu yateye uruzabibu, arusigarana abarimyi, aja mu mahanga, amaray’ igihe kirekire.
10
Igihe c’iyera kigeze, atuma umukozi kuri ba barimyi, ngo bamwamurire inzabibu z’uruzabibu: abo barimyi baramushishagura, bamurungika gusa.
11
Yongera gutuma uwundi mukozi; uwo na we baramushishagura, baramutetereza, bamurungika gusa.
12
Atuma n’uwa gatatu; uwo na we baramukomeretsa, baramuhinda.
13
Nyen’ uruzabibu aribaza, ati Ngire nte? Ndatuma umwana wanje nkunda, kumbure bazomusonera.
14
Arikw abo barimyi bamubonye baja inama, bat’ Urya ni we samuragwa; tumwice, kugira ng’ umwandu uz’ ube uwacu.
15
Bamuhindira inyuma y’uruzabibu, baramwica. None nyen’ uruzabibu azobagira ate?
16
Azoza yice rubi abo barimyi, uruzabibu arusigarane abandi. Bavyumvise baravuga, bati Biragahera.
17
Arabitegereza, arababaza, ati None rer’ aya majambo yanditswe n’amaki, ngw Ibuye abubatsi bāgaye, Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka?
18
Ūzogwa kur’ iryo buye wese azovunagurika, arik’ uwo rizogwako wese rizomuvungura.
19
Abanyabgenge b’ivyanditswe bo n’abaherezi bakuru ako kanya barondera ingene bomushōrerakw amaboko, ariko batinya abantu: kuko bamenye yukw ari bo yaciyek’ uwo mugani.
20
Baramugenza, batuma abo kumudaha bīgira intungane, ngo bakūre urwitwazo mu vyo avuga, bamushīre segaba nyen’ ububasha, ari we cēgēra ca Kayisari.
21
Baramubaza, bati Mwigisha, turazi yuk’ uvuga kandi wigisha neza, kandi k’udatinya ijunja ry’abantu, ariko ko wigisha inzira y’Imana vy’ukuri:
22
mbega biremerwa ko dutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemerwa?
23
Maz’ amenya ubugunge bgabo, arababgira,
24
ati Ni munyereke idenariyo; igishushanyo n’ivyanditswe kuri yo n’ivya nde? Bati N’ivya Kayisari.
25
Arababarira, ati Nuko rer’ ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’ Imana mubihe Imana.
26
Ntibāshobora gukūra urwitwazo mur’ ayo majambo imbere y’abantu, batangazwa n’ivyo abishuye, barahora.
27
Abasadukayo bamwe baza kuri we, ni bo bahakana yukw ata kuzuka kuriho, baramubaza,
28
bati Mwigisha, Mose yatwandikiye yuko mwene nyina w’umuntu ni yapfa ar’ imponnyi, agasiga umugore, mwene nyina akwiye gucūra uwo mugore, ngw ahonore mwene nyina.
29
Nuko rero hābaye abavukana ndwi: uwa mbere arongora umugore, apfa ar’ imponnyi:
30
uwa kabiri aramucūra,
31
n’uwa gatatu nyene, nuko bose ukw ar’indwi baramucūra, bapfa badasize impfuvyi.
32
Hanyuma na wa mugore arapfa.
33
None mw izuka azoba muka nde muri bo? Ko bāri bamufise bose ukw ar’indwi!
34
Yesu arabishura, at’ Ab’ iyi si bararongora, kandi barashingirwa,
35
arikw abemerewe gushika muri ya si yindi no kuzuka mu bapfuye ntibarongora kandi ntibashingirwa;
36
kandi ntibaba bagishobora gupfa, kuko baringaniye n’abamarayika, kand’ ar’ abana b’Imana, kukw ar’ abana b’ukuzuka.
37
Arikw abāpfuye ko bazuka na Mose yabimenyekanishije hamwe havuga ivy’ Igisaka c’amahwa, aho yita Uhoraho Imana ya Aburahamu n’Imana ya Isaka n’Imana ya Yakobo.
38
Ereg’ Imana s’iy’ abāpfuye, ariko n’iy’ abariho: kuko kuri yo bose bariho.
39
Bamwe mu banyabgenge b’ivyanditswe baramwishura, bati Mwigisha, uvuze neza.
40
Ntibāba bacubahuka kumubaza irindi jambo.
41
Arababaza, ati Bavuga bate yuko Kristo ari mwene Dawidi?
42
Ko Dawidi ubgiwe avuga mu gitabo ca Zaburi, at’ Uhoraho yabariye Umwami wanje, At’ Icara i buryo bganje,
43
Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava yo musi y’ibirenge vyawe.
44
Dawidi ko yamwise Umwami, non’ ashobora ate kuba umwana wiwe?
45
Maz’ abarira abigishwa biwe, abantu bose bumva,
46
ati Mwirinde abanyabgenge b’ivyanditswe, bakunda kugenda bambaye imvune, bagakunda kugirwako bgakeye mu tuguriro, no kwicara ku ntebe z’icubahiro mu masinagogi, n’ivyicaro vyo haruguru aho batumiwe.
47
Barya ingo z’abapfakazi, kandi basengesha menshi bahūmba; abo bazocirwa urubanza ruruta izindi.
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 21 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24