bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Luke 13
Luke 13
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 14 →
1
Ico gihe abantu bār’ aho bamwīgānira ivy’ Abanyagalilaya, abo Pilato yavanganije amaraso yabo n’ibimazi vyabo.
2
Arababaza, ati Mbega mwiyumvira yukw abo Banyagalilaya bārusha abandi Banyagalilaya kuba abanyavyaha, kuko bāgizwe bartyo?
3
Ndababgire, Si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese.
4
Canke ba bandi cumi n’umunani, abo umutara muremure w’amatafari w’i Silowamu wahomvokeyeko, ukabica, mwiyumvira yuko bārusha abandi b’i Yerusalemu bose kuba abanyabicumuro?
5
Ndababgire, Si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese.
6
Kand’ abacira uyu mugani, ati Hābaye umuntu yar’ afise umusukoni watewe mu ruzabibu rwiwe, araza awuronderakw insukoni arazibura.
7
Abgira umukozi w’uruzabibu, ati Rāba, none n’imyaka itatu nza kurondera insukoni kur’ uyu musukoni, sinzibone; uwuce: ugasarira iki aha hantu?
8
Na we aramwishura, at’ Enda mugenzi, wureke uyu mwaka na wo, ndaworohereze, ndawutabirire:
9
hanyuma ni wama insukoni bizoba ari vyiza; ariko n’utama, uzowuca.
10
Ku musi w’isabato yigishiriza mur’ imwe mu masinagogi.
11
Hār’ umugore yinjiwemwo n’impwemu itera ubumuga, yar’ amaze imyaka cumi n’umunani ahetamye, adashobora kwunamuka na gatoya.
12
Yesu amubonye aramuhamagara, aramubgira, ati Nyina wanje, urabohowe ubumuga bgawe.
13
Amurambikakw ibiganza, uwo mwanya aragororoka, ahimbaza Imana.
14
Arik’ umukuru w’isinagogi yitonganiriza ivy’ uko Yesu akijije umuntu kw isabato, abgira abantu, ati Harih’ imisi itandatu, ikwiye gukorwakw ibikorwa; abe ari yo muzako mukizwe, ariko hatari ku musi w’isabato.
15
Umwami Yesu aramwishura, ati Mwa ndyarya mwe, mbeg’ umuntu wese muri mwebge ntazitura inka yiwe cank’ indogoba yiwe mu ruhongore kw isabato, akayijana, akayishōra?
16
Non’ uyu, ar’ umukobga wa Aburahamu, yaboshwe na Satani iyo myaka cumi n’umunani yose, ntakwiye kubohorwa iyo ngoyi ku musi w’isabato?
17
Akivuga ivyo, abamurwanya bose baramāramāra, ishengero ryose rinezererwa ivyiza vy’agahebuza yakora vyose.
18
Kand’ aravuga, at’ Ubgami bg’Imana busa n’iki, kandi ndabushushanye n’iki?
19
Busa n’akabuto ka sinapi, umuntu yābiriye, akagatera mu ntabire yiwe, kagakura, kakaba igiti, inyoni zo mu kirēre zikārika mu mashami yaco.
20
Yongera kuvuga, at’ Ubgami bg’Imana ndabushushanye n’iki?
21
Busa n’umwambiro umugore yābiriye akawuvanga n’ingero zitatu z’ifu, gushitsa ah’ iribututumbire yose.
22
Ari mu nzira, ahita mu bisagara no mu mihana, yigisha, ari ku rugendo aja i Yerusalemu.
23
Umuntu aramubaza, ati Mugenzi, mbeg’ abakizwa ni bake? Na we arababarira,
24
ati Mushishikare guca mw irembo ripfunganye: ndababgira yuko benshi bazogomba kuricamwo, ntibabishobore.
25
Nyen’ inzu ni yaheza guhaguruka, akugara urugi, mugatangura gukomanga muhagaze hanze, mukavuga, muti Mupfasoni, n’utwugururire: ni ho azobishura, ati Simbazi, sinzi n’iyo muvuye.
26
Ni ho muzotangura kuvuga, mut’ Erega twarīra, twanywera imbere yawe, kandi wigishiriza mu nzira z’i wacu.
27
Azobabgira, ati Ndababgire, sinzi iyo muvuye; mviraho, mwa bakora ibizira mwese mwe.
28
Aho ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo, aho muzobonera Aburahamu na Isaka na Yakobo n’abāvugishwa n’Imana bose bari mu bgami bg’Imana, namwe muhindiwe hanze.
29
Hazoza abava i burasirazuba n’i burengerazuba n’i burārūko n’i bumanuko, bazokwicara mu bgami bg’Imana.
30
Kandi har’ ab’ inyuma bazoba ab’ imbere, n’ab’ imbere bazoba ab’ inyuma.
31
Uwo mwanya haza Abafarisayo bamwe, baramubarira, bati Va hano ugende, kuko Herode agomba kukwica.
32
Arababarira, ati Genda mubgire iyo mbgebge, mut’ Umve, arasenda abadayimoni, arakiza abantu uyu musi n’ejo, ku musi ugira gatatu azotunganywa rwose.
33
Ariko nkwiye kugenda uyu musi n’ejo na hirya y’ejo, kuko bidashoboka k’ūvugishwa n’Imana yicwa, atar’ i Yerusalemu.
34
Ewe Yerusalemu, ewe Yerusalemu, wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko! Ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda.
35
Rāba, inzu yanyu muyitānywe ar’ umusaka. Kandi ndababgire, Ntimukimbona kugeza aho muzovugira, muti Hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho.
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 14 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24