bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Luke 2
Luke 2
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 3 →
1
Mur’ iyo misi icagezwe kiva kwa Kayisari Augusito, ngw abo mw isi bose bandikwe.
2
Ukwo ni kwo kwandikwa kwa mbere kwabayeho Kureniyo akir’ icēgēra ca Kayisari i Siriya.
3
Bose baja kwiyandikisha, umuntu wese aja mu gisagara cabo.
4
Yosefu na we ava i Galilaya mu gisagara c’i Nazareti, aja i Yudaya mu gisagara ca Dawidi, citwa Betelehemu, kuko yakomotse mu nzu ya Dawidi mu muryango wiwe:
5
aja kwiyandikishanya na Mariya uwo yakoye, yar’ akuriwe.
6
Bakiriyo, igihe ciwe co kuvyara kirashika.
7
Avyara umuhungu w’uburiza, amuzingirakw impuzu y’uruyoya, amuryamika mu bgato bg’inka, kuko bāri babuze umwanya mu ndāro.
8
Mur’ iyo ntāra hār’ abungere bārāra mu gahinga barāririye umukuku w’intungwa zabo.
9
Umumarayika w’Umwami Imana ahagarara i ruhande yabo, ubgiza bg’Umwami bubakayanganira irya n’ino, baterwa n’ubgoba bginshi.
10
Umumarayika arababgira, ati Nta co mutinya, umve ndababarira ubutumwa bgiza bg’akanyamuneza kenshi kazoba ku bgoko bganyu bgose.
11
Uyu musi Umukiza abavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo Umwami.
12
Iki ni co kimenyamenya canyu, murasanga umwana w’uruyoya azingiriwekw impuzu y’uruyoya, aryamitswe mu bgato bg’inka.
13
Uwo mwanya hamwe n’uwo mumarayika haboneka ingabo nyinshi zo mw ijuru, zihimbaza Imana,
14
zit’ Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, No mw isi amahoro abe mu b’inezererwa.
15
Ba bamarayika bahejeje kuva aho bari, basubiye mw ijuru, nya bungere baravugana, bati Ngo rero tuje i Betelehemu, turābe ico kintu cabayeyo, ico Umwami Imana atumenyesheje.
16
Bagenda banyaruka, babona Mariya na Yosefu n’uruyoya rubīkiriwe mu bgato bg’inka.
17
Babibonye bababarira ijambo bābgiwe kur’ uwo mwana.
18
Abavyumvise bose batangazwa n’ivyo ba bungere bababgiye.
19
Ariko Mariya abīka ayo majambo yose, ayiyumvira mu mutima wiwe.
20
Maze ba bungere bahindukira bahimbaza Imana, bayishimira ivyo bumvise vyose n’ivyo babonye, nk’uko bābibgiwe.
21
Kand’ imisi munani ishitse ngw akebge, bamwita YESU, rya zina ryavuzwe n’umumarayika, atarasamwa inda.
22
Imisi ishize yo guhumanurwa kwabo, nk’ukw ivyagezwe vya Mose biri, bamujana i Yerusalemu kumushikanira Umwami Imana,
23
nk’uko vyanditswe mu vyagezwe n’Umwami Imana, ng’ Umuhungu wese w’ubuzibūra aze yitwe uwera k’Uhoraho;
24
kandi ngo batange ikimazi, nk’uko vyavuzwe mu vyagezwe n’Umwami Imana, ngw Intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri.
25
Kandi muri Yerusalemu hār’ umuntu yitwa Simeyoni; uyo yar’ umuntu agororotse kandi yubaha Imana, yar’ arorereye uguhumurizwa kw’Abisirayeli, Mpwemu Yera yari kuri we.
26
Yari yarabgiwe na Mpwemu Yera yukw atazopfa, atarabona Kristo w’Umwami Imana.
27
Ajanwa na Mpwemu mu rusengero; abavyeyi bajanye uwo mwana Yesu ngo bamugenze nk’uk’ umugenzo w’ivyagezwe war’ uri,
28
aramwākira, aramukikira, ashima Imana,
29
ati Databuja, noneh’ urasezeye umusavyi wawe amahoro, Nk’uko wavuze:
30
Kukw amaso yanje abonye agakiza kawe,
31
Ako wateguye mu maso y’amoko yose,
32
Kuba umuco wākira amahanga, No kuba ubgiza bg’abantu bawe b’Abisirayeli.
33
Se na nyina batangazwa n’ayo majambo avuzwe kuri we.
34
Simeyoni arabahezagira, abgira nyina Mariya, at’ Umve, uyu ashiriweho kugira ngo benshi mu Bisirayeli bagwe, benshi bavyuke, no kuzoba ikimenyetso kigawa,
35
kandi nawe inkota izogucumita mu mutima, ngw ivyiyumviro vy’imitima myinshi bize biserurwe.
36
Kandi hāriho Ana, uwavugishwa n’Imana, umukobga wa Fanuweli, wo mu muryango wa Asheri, yar’ umutāmakazi wa kera, yabanye n’umugabo wiwe imyaka ndwi, uhereye ku kurongorwa kwiwe,
37
kandi yamaze imyaka mirongumunani n’ine ar’ umupfakazi, ntiyava mu rusengero gusenga, yisonzesha yinginga, ku murango no mw ijoro.
38
Ako kanya aca araza, ashima Imana, avuga ivya Yesu, abibgira abāri barorereye ugucungurwa kw’i Yerusalemu bose.
39
Banonosoye vyose nk’ukw ivyagezwe n’Umwami Imana bivuga, basubira i Galilaya mu gisagara cabo i Nazareti.
40
Kand’ uno mwana arakura, agwiza inkomezi, yuzuzwa ubgenge, ubuntu bg’Imana bgari kuri we.
41
Kand’ uk’ umwaka utashe, abavyeyi biwe bāja i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika.
42
Nukw amaze imyaka cumi n’ibiri avutse, baradūga, nk’uk’ umugenzo w’iyo misi mikuru war’ uri.
43
Banonosoye ivy’ iyo misi, barahindukira, uwo muhungu Yesu asigara i Yerusalemu, abavyeyi biwe ntibābimenya.
44
Ariko bībgiye yukw ari mw igugu ry’abo bagendanye, bagenda urugendo rw’umusi wose, maze bamurondera mu ncuti no mu bo bazinanyi:
45
bamubuze basubira i Yerusalemu bamurondera.
46
Hashize imisi itatu bamubona mu rusengero, yicaye mu bigisha hagati, abumva, kand’ ababaza.
47
Abamwumvise bose batangazwa n’ubgenge bgiwe n’ivy’ abishura.
48
Bamubonye baratangara, nyina aramubaza, ati Mwananje, n’iki catumye utugirira urtyo? Urabona twe na so aho twakurondereye tubabaye.
49
Arababaza, ati N’iki cabateye kundondera? Ntimwari muzi yuko bikwiye ko mba kwa Data?
50
Ntibāmenya iryo jambo ababgiye.
51
Amanukana na bo, aja i Nazareti, yama abumvira. Nyina abīka ayo majambo yose mu mutima wiwe.
52
Kandi Yesu agwiza ubgenge no gukura no gushimwa n’Imana n’abantu.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24